Vous êtes sur la page 1sur 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 15/13

14/4/2013

IDOMI IKA YA 3 YA PASIKAUmwaka C

Umupapa wacu Fransisiko twagabiwe nImana muri Ekleziya.


Imana yaradukunze koko. Mwirabire namwe. Jorge Mario Bergoglio yatanguye kubabara akiri muto. Abavyeyi biwe, kubera ubukene bavuye mu Butaliyano bimukira mu gihugu ca kure cane citwa Argentine. Yarerewe mu kwemera Yezu Kristu muri Ekleziya. Amaze kwiga ivya Chimie afise imyaka 21, yabonye ko ibimubereye ari ukwihebera Imana mu muryango wabayesuiti. Icadutangaje, nuko imbere yo guhezagira abaje kumusanganira yabanje kubasaba ngo bamusabire umuhezagiro wImana ngo azobashe gukora ibiyishimisha, abantu nabo bunge ubumwe nkuko Yezu yabitwigishije. Izina yihaye naryo, ni Fransisko. Yatoye Fransisko Mweranda ngo amubere akarorero mu buzima bwiwe. Fransisko Mweranda yari umutaliyano nka we, akomoka ku bavyeyi batunze cane. Ariko yarahevye vyose kubera Yezu. Fransisko yatanguje umuryango wabihebeye Imana bashira imbere urukundo nugufasha abari mu bukene no mu maganya, bakimatura ku matungo ya hano kwisi. Jorge Mario Bergoglio, naho Ekleziya yari yaramuteye iteka ryukuba umukardinali, akongera akaba numwepiskopi mukuru wi Buenos Aires, yarakunda kwicisha bugufi. Mu kwiyunguruza yakoresha uburyo bugenewe bose (bus canke gariyamoshi). Yaravuye mu nzu yagenewe umwepiskopi mukuru wa Buenos Aires aja mu nzu isanzwe hagati yabantu. Ni we yakunda gukora mu gikoni nukwitegurira ibifungurwa. Bavuga ko igihe Papa Benedigito wa 16 yatorwa, uwa kabiri mu kuronka amajwi yari we. Bavuga mbere ko yasavye ashimitse abakardinali ngo bareke kumuha amajwi, ngo iryo banga ntaryo yoshobora. Jorge Mario Bergoglio ntatinya kuvuga ukuri. Bamwe baramuhama cane kuko atashimye ko muri Argentine bemerera abasangiye ibitsina kwubakana nkumugabo numugore, ngo biyitirire ubuvyeyi bwabana bokura ahandi ngo babarere bari hamwe. Umukuru wigihugu ca Argentine, umupfasoni Kristina Fernadez yaramuvuga nabi ngo ariko arasubiza inyuma igihugu kubera amajambo yiwe. Emwe Jorge Mario Bergoglio amaze kubona amagowa menshi. Hari abanditse ibitabo vyukumutryoza, abandi bashatse kumushengeza ngo ashigikira inkozi zikibi. Umuntu abiravye neza aca yibuka ingene Yezu yahamwe. Nguyo Umupapa Imana yadutoreye muri Ekleziya ngo atubere Umwungere. Nguwo uwashimye kwoza ibirenge vyabarwaye umugera wa Sida, ku munsi wa kane Mweranda mu mwaka w2001, i Buenos Aires. Mwungere wa Ekleziya, kaze utwigishe Yezu. takindi dukeneye coruta ukumenya Imana nishaka ryayo. Turagusabira nkuko wabidusavye, ngo Imana iguhezagire yongere ikuremeshe mwibanga watorewe. P. Germano
Simoni mwene Yohani urankunda? Ego Mukama urazi vyose ndagukunda. Ragirintama zanje Petero Ragirintama zanje Petero Ragirintama zanje Petero 1. Uri Petro no kuriryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje, nzoguha nimfunguruzo zubwami bwijuru 2. Kugira ngo ube umwungere mwiza urankunda kuruta vyose, kandukundintama zanje uzitwararike 3.Urakundibanga nagutoreye unshingirintah ubuzima bwose, nanje nzokwakiriwanje mu buninahazwa.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA IDOMINIKA YA GATATU YA PASIKA- C


IGISOMWA CA MBERE: Ibik 5, 27b-32. 40b-41. Abatumwa bahamwa i Yeruzalemu. Ivyo dusoma mu gitabu c'Ibikorwa vy'Abatumwa: Muri irya minsi, abatumwa bajanywe imbere yinama nkuru, hanyuma umusaserdoti mukuru arababaza ati: Twari twababujije rwose kwigisha kuri iryo zina Yezu, none ubu Yeruzalemu yose mwayikwiragijemwo inyigisho zanyu. Aho nyene mugomba kuturemekako amaraso yuwo muntu. Petero nabandi batumwa barishura bati: Tubwirizwa kugamburukira Imana kuruta abantu. Imana ya ba sokuru bacu yarazuye Yezu mwishe mu kumubamba ku giti. Imana yamushize iburyo bwayo nkUmukuru nUmukiza, kugira ngo amanurire kuri Israeli agatima kukwisubirako nikigongwe cibicumuro. ayo twebwe, turi ivyabona vyivyo bintu, twe na Mutima Mweranda Imana irungikira abayigamburukira bose. Baraheza barakubita abatumwa, bongera bababwira ngo ntibabe bacigisha kwizina rya Yezu, hanyuma barabarekura. a bo bajana urweze, kuko bari batewe iteka ryuguhorwa iryo zina. IGISOMWA CA KABIRI: Ivyahishuwe. 5, 11-14. Urakaninahazwa Umwagazi wadupfiriye. Ivyo dusoma mu gitabu cIvyahishuriwe Yohani : Jewe Yohani, narabonekewe numva ijwi ryabamalayika benshi bakikije ya tebe, vya Bizima na ba Batama igitigiri cabo cari nkisinzi ibihumbi nibihumbi. Bavuga nijwi rirenga bati: Wa Mwagazi wishwe urabereye kwakira ububasha nubutunzi, ubwenge nubukomezi, icubahiro, ubuninahazwa nishimagizwa. Kandi, ibiremwa vyose vyo mw'ijuru, vyo kw'isi, vyo mu kuzimu, vyo mu kiyaga n'ibirimwo vyose, numva biriko biravuga biti: Uwuvyagiye ku tebe be nUmwagazi, ni bahabwe ishimagizwa nicubahiro, ubuninahazwa nububasha mu myaka nimyaka. a vyo vya Bizima bine biravuga biti: Amen ! Ba Batama na bo bakubita ibipfukamiro, hasi barasenga. INKURU NZIZA: Yoh. 21, 1-19. Yezu abonekera abigishwa biwe ku kiyaga. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani : Yezu asubira kwiyereka abigishwa biwe ku nkombe y'ikiyaga ca Tiberiyadi : nguku uko vyagenze. Simoni Petero, Toma bta Didimo, atanaeli w'i Kana mu Bugalile, bene Zebede n'abandi bigishwa babiri, bari kumwe. Simoni Petero ababwira ati: giye kuroba. Bamubwira bati: Hogi natwe tujane. Baragenda rero baja mu bwato; ariko muBavukanyi, Bakunzi bImana dusangiye ukwemera numuryango muri Yezu Kristu, turabandanya twigina intsinzi yizuka rya Yezu Kristu. Iryo zuka rya Yezu Kristu ridukomereza ukwemera. Ivyo bisomwa vyera-

ri iryo joro ntaco baronse. Hamwe bugiye guca, Yezu aboneka ku nkombe, ariko abigishwa ntibamenya ko ariwe. Yezu ababwira ati: Bana mwe, nta twokurya mufise? Bamwishura bati: Oyaye. Ababwira rero ati: Tera urusenga iburyo bw'ubwato muraronka. Bararutera, bica hirabankira kurukwega kubera ifi nyinshi cane. Wa mwigishwa Yezu yakunda, niko kubwira Petero ati: n'Umukama! Simoni Petero yumvise ko ari Umukama, aca arakenyera impuzu kuko yari gusa, araheza yisuka mu kiyaga. Abandi bigishwa bari hafi y'inkombe nk'imetero amajana abiri gusa, baza mu bwato, bakwega urusenga n'ifi. Bashitse imusozi, babona umuriro w'amakara uriko ifi, be n'umukate. Yezu ababwira ati: Zana zimwe muri izo fi murovye. Simoni Petero asubira mu bwato akwegera imusozi rwa rusenga rwuzuye ifi nininini! Zari ijana na mirongo itanu na zitatu. Kandi naho zari nyinshi gurtyo, urusenga ntirwashwanyutse. Yezu ababwira ati: Ingo mwikure ubucugu. ta n'umwe mu bigishwa yubahuka kumubaza ati: Uri nde? kuko bari bazi neza kw'ari Umukama. Yezu aregera, yakira umukate, arawubagaburira, n'ifi artyo nyene. Uko niko Yezu yabimenyesheje ubugira gatatu, amaze kuzuka mu bapfuye. Bamaze gufungura, Yezu abwira Simoni Petero ati: Simoni mwene Yohani, urankunda kuruta abo? a we amwishura ati: Ego Mukama, urazi ko ngukunda. Yezu amubwira ati: Ragira imyagazi yanje. Asubira kumubwira ubwa kabiri ati: Simoni mwene Yohani, urankunda? a we amwishura ati: Ego Mukama, urazi ko ngukunda. Yezu amubwira ati: Ragira intama zanje. Asubira kumubwira ubwa gatatu ati: Simoni mwene Yohani urankunda? Petero ababazwa n'uko Yezu amubwiye ubwa gatatu ati: Urankunda? niko kumwishura ati: Mukama urazi vyose, urazi neza ko ngukunda. Yezu amwishura ati: Ragira intama zanje. 'ukuri n'ukuri ndabikubwiye ukiri muto, warikenyeza ukagenda iyo ushaka; na ho ni wamara gusaza, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, aheze akujane iyo udashaka. Yezu yavuze ivyo ngo amumenyeshe ingene azopfa ngo aninahaze Imana.

nda biratwereka ko kubera izuka rya Yezu Kristu, abigishwa biwe bashirutse iki-nya, barakira ubwoba bwari bwatewe nurupfu rwiwe, ubu bakaba baronse ingabirano zidasanzwe zo kumu-shingira intahe, zakanyamuneza namahoro. Mu giso-mwa ca mbere batwereka abatumwa bajanwa mu ma-nza imbere yabakuru babasaserdoti ngo muzoronka ubukomezi bwa Mutima Mweranda azobazanira. Muce muja

kunyemeza rero; Yeruzalemu no mu buyudeha bwose (Ibikorwa vyabatumwa 1,8). Kubera izuka rya Yezu Kristu, abatumwa bararonse ubukomezi budasanzwe, kuko bamwiboneye yazutse, bakibuka nivyo yari yababwiye imbere yuko apfa ku musalaba; ngabo rero bavugiye icarimwe bati: tubwirizwa kugamburukira Imana kuruta vyose turi ivyabona vyivyo bintu twe na Mutima Mweranda Imana irungikira abayigamburukira bose. Ukwemera Yezu yazutse bidutuma tugira ingoga nubukomezi bidufasha gushingira intahe Umukama. Imbere yinama nkuru yabashingantahe nabakuru batashimishijwe nizuka rya Yezu Kristu, none batanguye kubuza abatumwa ngo nti babandanye bigisha ivyerekeye izina rya Yezu nizuka ryiwe; abatumwa ba Yezu Kristu, ivyabona vyizuka ryiwe, bavugiye icarimwe bemeza ico bazi ngotubwirizwa kugamburukira Imana kuruta abantu. Kuri bo rero, nta bundi buzima, nta kindi gikorwa, nta yandi mizero atari ugutangaza icese iryo zina rya Yezu Kristu-Umukiza, hamwe nukwemeza ko umwe ababisha abansi bumusalaba bari bishe yisubije muzima, ko yazutse, none abatumwa biwe aribo vyabona vyiryo zuka . Nti batinya rero gushingira intahe ukwemera iryo zuka. Ese natwe bavukanyi twoshingira kuri iyo ngingo kugira ngo abatumwa ba Yezu Kristu batwigishe kandi batubere nakarorero ngo twame tugaragaza ukwemera kwacu, twame tugamburukira Imana kuruta abantu mu kurangura amabwirizwa yayo ata na kimwe dukuyemwo. Ukwemera Yezu Kristu yazutse kudukomezamwo ingabirano yo kugamburukira Ekleziya nabayirongoye. Muri ca gisabisho ca Ndemeye, turemeza iyo ntsinzi ya Kristu kuko iyo ngabirano tuyisangiye twese nkumuryango mu muryango umwe. Nico gituma iyo umwe wese avuze ati: Nemera Yezu Kristu yapfuye hanyuma akazuka kwisi yose hagasamirana iyo mpundu, abakuru nabato, abatunzi nabakene bagahuriza hamwe amajwi, ---ubwa mbere: baba bemeje ko bemera umwe; ubwa kabiri: ko uwo bemeye ariwe abanywanisha, abungira ubumwe, bakamwishimikiza mu vyo bakora; ubwa gatatu: uwo bemera ni we abayobora akabamurikira kandi akaba ari we ashitsa agakomeza ukwemera kwabo ( Abahebreyi 12,2). Ukwo kwemera rero kugira ngo gukomere neza, kubanza gushingira imizi cane cane harya i muhira, mu

bana bacu, muri paruwasi yacu, muri diyoseze yacu. Ibituma gukomera na vyo ni ibi: Ijambo ryImana tuzirikanira hamwe, inyigisho ikomeza ukwemera dushikirizwa nintumwa za Yezu Kristu kandi duhamagariwe kwakira no kugamburukira, amasakramentu duhamagariwe kwakira kuko ariyo Yezu Kristu yashinze ngo turonkeremwo ubuzima; igisabisho camashemezo (liturgie) ahimbaza akongera akaremesha ukwemera; imigenzo myiza ishimikiye ku rukundo, ku gufashanya, ku gutabarana hamwe nugukurikiza indinganizo yumuryango wa Ekleziya. Abakurikiza ivyo vyose rero ni bo baba bari kwishule ya Yezu Kristu, aho atwigisha ubunywanyi bufatanya Imana nabantu bose, akabahezagira, akabafungurira ivyiza vyiwe ngo bakure, bagire igihagararo mu kwemera, ukwizigira, nurukundo. Ukwemera no kwakira Yezu yazutse, bituma abantu bahezagirwa bakagira imigisha mu babo no mu vyabo. Ivyo tubisanga muri iyi Nkuru Nziza, aho twumva Yezu abonekera abigishwa biwe ku kiyaga. Abatumwa bari bakoraniye hamwe bihebuye kubera urupfu rwa Yezu, mbere bamaze gusubira ku murimo wabo wo kuroba. Niho Yezu yabiyereka akabaganiriza. Umwe muri bo, wa mwigishwa Yezu yakunda, aramumenya, avuga ati: Umukama. Kubera ico kiganiro ca Yezu nabatumwa baruzuye ukwemera, basubira kwihweza namaso yabo Yezu yazutse, baramukunda, baranamugamburukira aho ababwiriye ngo: Terera urusenga mu mazi murobe Ivyo vyatumye baroba ifi nyinshi gushika naho abagenzi babo baza gufasha gukwegera urusenga ku musozi. Imigisha irasangirwa!!! Ukwemera gukomerera mu muryango wabasangira ikiyago, wabumvikana, wabafashanya, wabakundana. Bavukanyi, izo ngabirano zose ni twame tuzisabiranira kugira ngo dukomere mu muryango wacu wa Ekleziya, gutyo twigane ba bakristu ba mbere bashishikara mu vyo kwigishwa nabatumwa nukugira ubumwe, mu vyo kumanyura umukate nugusengaBitayeko abari basangiye ukwemera bari basangiye nitunga. Bama mwisengero imisi niyindi kandi bashize hamwe bama baninahaza Imana kandi bakirwa neza mu gihugu (Ibik. vyabatumwa 2,42-46). Umukama yazutse mu bapfuye natwongerereze ukwemera adukomereze urukundo, twizigiye ko umusi uri izina tuzomubona uko ari tukihweza nubuninahazwa bwiwe. Patiri Jean ol

Umunywanyi aratwandikira. Mbe ikarema yamfashije iki?


Igihe cIkarema nigihe ciza cane, caramfashije kwisuzuma mu buzima bwanje bwa misi yose mfashijwe na Mutima Mweranda. Caramfashije guca mu makanda yUmukama wacu Yezu Kristu muri ico gihe twibuka imisi 40 yamaze asenga kandi yisonzesha, maze akanatsinda amageragezwa ya shetani. Jewe mbona ko ico gihe kitokwubahirizwa murico kiringo categekanijwe gusa, ariko ingabire nyinshi tukironkamwo zobandanya zidufasha mu buzima bwa misi yose. Ndemera ntahengeshanya ko inyifato rukristu indanga mu mwaka wose ndayivoma murico gihe kuko ariho nihweza urukundo rwagakura Imana yadukunze gushika yigire umuntu ibane natwe. Kubwurwo rukundo nakunzwe, ndemera ko nanje mpamagariwe gukunda abandi mu mvugo no mu ngiro. Ivyo navyo nzobishobozwa nukwemera gushitse, kugaragarira mu bikorwa. Yakobo mweranda avuga ko ukwemera kutagira ibikorwa kuba kwarapfuye (Yakobo 2,26). Paulo mweranda nawe avuga ko ingabirano umwe wese yaronse yoyikoresha ku neza yabandi, akaja inama ningingo nabandi; na kare dufise ingabirano nyinshi zitandukanye ariko mutima akaba umwe (1Abakorenti 12,4-11). Abasokuru nabo barayamaze bati ubugirigiri bugira babiri, kandi ngo umutwe wumwe wifasha gusara nti wifasha gusaba. Mu muhari wingendanyi banshinze hano mwiseminari nkuru yi Bujumbura, turagerageza kubirangura twishimikije amajambo ane ngenderwako: senga, sangira, igore, ba intumwa. Nkaba ndangije nkengurukira Imana impaye kano kanya, eka nabafasha muri iki kinyamakuru Kwisoko ryUbuzima. Imana ibahezagire. Fratri iyonkuru Eliya - Iseminari kuru yi Bujumbura.

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi


14/4 D 3 Pques C Lamberto 15/4 L Damiyano wi Veuster M Benedigito 16/4 Labre 17/4 M Aniseto

Ibik 5,27b-41 Zab29,2-13b Ukiri muto, warikenyeza ukagenda iyo ushaka; naho ni wamara gusaza, Ivyah 5,11-14 Yo 21,1-19 uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, aheze akujane iyo udashaka

Ibik 6,8-15 Zab118,23-30 timukorere indya ihera, ni mukorere imfungurwa igumya ubuzima Yo 6,22-29 budahera, ariyo Umwana wumuntu azobaha kuko ariwe Mana Data yatiye Ibik 7,51 8,1a Zab 30,3-21 ukuri ndabibabwiye: Musa ntiyabahaye umukate wo mwijuru; Dawe ni Yo 6,30-35 We nyabuna abaha umukate wo mwijuru

Ibik 8,1b-8 Yo 6,35-40


Ibik 8,26-40 Yo 6,44-51

Zab 65,1-7 Jewe ndi wa mukate wubuzima: unyegereye ntazoba agisonza, kandi
unyemeye ntazoba akinyoterwa. Zab65,8-20 tawushobora kunyegera, Data nzomuzura ku musi wimperuka yantumye atamukwegereye; nanje

18/4 J Fransisko Rgis 19/4 V Emma 20/4 S Odetta

Ibik 9,1-20 Zab 116,1-2 ukuri ndabibabwiye : Mutariye umubiri wUmwana wumuntu, ntimuYo 6,52-59 nywe namaraso yiwe, nta buzima muzogira. Ibik 9,31-42 Zab 115,12-17 Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu ni mwabona Umwana wumuntu aduze Yo 6,60-69 iyo yahoraho? Umutima ni wo ubeshaho, umubiri ntaco umara.

INTAHE INGO INGO ZISHINGIRA UBURYO BWO KURONDOKA NEZA UKURIKIJE KAMERE YUMUBIRI WUMUNTU MU VYIRONDOKA MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA. GITEGA.
1. NGENDAKUMANA Philbert (79 720 659) na NTAHONSHIKIYE Marie Paula (79 719 810), Nyabututsi, GITEGA.

Twebwe tuba i Nyabututsi, muri Komine nIntara ya GITEGA.Twagize ubugeni itariki 29/7/2000. Muri uyu mwaka w2013, tuzokwiza imyaka 13 twubatse rukristu. Muri iyo myaka tumaze, Imana yaraduhezagiye twibaruka ibibondo 4: abahungu 3 numwigeme umwe. Kubera ko inyigisho zubutumwa nyunganirango zadushikiriye tutararonka ikibondo, twarazikurikije aho tumariye kwibaruka umwana wa mbere, dufashijwe numubikira Mama Tereza MIBURO, umwene Mariya, arongoye ubutumwa nyunganira-ngo muri Diyoseze Nkuru ya GITEGA.Uwo mubikira yaratwigishije gutohoza ibimenyetso vyirondoka ryacu dukoresheje uburyo bwo kugendereza ihindagurika ryuruziri rwumukenyezi. Ubwo buryo twarabukoresheje kuva mu mwaka w2002, turonse ikibondo cacu ca mbere, gushika nubu ni bwo dukoresha. Bwaradukundiye kuko twibarutse umwana wa kabiri mu 2004; uwa gatatu mu 2007; uwa kane mu 2010. Abo bose twabasama twabiteguriye. Nikimenyamenya, umwigeme agira gatatu twamusamye dufashijwe numupfasoni Akwilina MAVA GE, arongoye igisata co kurondoka neza mu biro nyunganirango vya Diyoseze Nkuru ya GITEGA. Ivyo twaragiye kubisaba uwo mupfasoni, kuko abana babiri ba mbere bari abahungu, natwe tukaba twaripfuza umwigeme. Turahimbawe mu rugo rwacu kuko ibijanye nirondoka ryacu tubizi neza, ata kibazo bidutera. Ntidukekereza ko nabandi boshaka kubukoresha babishizemwo umutima nugushaka, bwoberera nka twe. Murageza mwirabire, na kare Inkuru mbarirano iruta niyo wiboneye . Gitega, ku wa 1 twarante 2013.
2. URUGO RWA NDIKUMANA Prosper (79979109) na NZEYIMANA Serafina (79295243), Mushasha, GITEGA.

Jewe NDIKUMANA Prosper na NZEYIMANA Serafina, turashingira intahe uburyo ntohoza-bimenyetso vyirondoka, kuko ari uburyo bufasha kwibaruka umwana umushaka kandi ku rugero wipfuza. Tugitangura ubwo buryo, twibaza ko butabaho kandi budashoboka. Ariko tumaze kwigishwa nibiro nyunganira-ngo (Action familiale), dufashijwe numwunganira-ngo Paula TAHO SHIKIYE, vyaratugiriye akamaro cane, kuko kuva twibarutse umwana wa mbere, ubu tukaba dushitse kuri batatu, ntitwigeze dukoresha uburyo na bumwe bwo kwa muganga. Twagumye dukurikiza inyigisho twahawe nivyo biro nyunganira-ngo biri ku Mushasha. Irabire namwe: umwana wa mbere yiga mu mwaka wa gatatu wamashure yintango, afise imyaka 8. Uwa kabiri ari mu mwaka wa gatatu wamashure yo kwimenyereza, afise imyaka 5. Uwa gatatu nawe afise imyaka ibiri. Aho hose, nta kindi twakoresheje atari ubwo buryo ntohoza-bimenyetso vyirondoka. Muntu udakoresha ubwo buryo, urahomba cane rwose, kuko utamenya ingene ushobora kwitunganiriza ivyirondoka ryawe, ata bindi vyinyuma urinze kuremereza umubiri wawe, gurtyo ukaba ukingiye amagara yawe, bitayeko ubuzima bwurugo bukama ari inama ningingo umugabo numugore baja imisi yose. Ukaba ufise amakenga, uratwegera tugufashe nkuko twifashije, tugafasha nabandi.
3. NZIRUBUSA Ildphonse (71110765) na MUKANDANGA Evelyne(79967227), Ntobwe, GITEGA.

Bavukanyi musoma KwIsko ryUbuzima, jewe NZIRUBUSA Ildphonse na MUKANDANGA Evelyne, twashaka kubasangiza akanyamuneza twakuye mu gukoresha uburyo ntohoza-bimenyetso vyirondoka mu kuringaniza imvyaro mu rugo rwacu. Twebwe twubatse urugo tumaze kwigishwa ubwo buryo. Naho Evelyne ari umuforomakazi, twaririnze gukoresha uburyo bwo kwa muganga, kuko tuzi ingaruka mbi zabwo. Inyuma yubugeni twagize mu 2004, twibarutse umwana wa mbere wumwigeme mu 2005. Dufashijwe numupfasoni Akwilina MAVA GE, ajejwe igisata co kurondoka neza mu biro nyunganira-ngo vya diyoseze nkuru ya Gitega, twarashoboye gukurikiza umwana wa mbere mu 2008, kandi tuvyara umuhungu, atari ku gihamana, mugabo twabitegekanije. Umwana wacu wa 3 twamwibarutse mu 2012. Aho hose nta bundi buryo twakoresheje atari ubwa kamere yumubiri wumuntu mu vyirondoka. Turavye ingaruka mbi uburyo bwo kuringaniza imvyaro bwubuhingurano bugira ku magara yabakenyezi, turashimira Imana, tugashimira nubutumwa nyunganira-ngo bwadufashije kuringaniza imvyaro dukurikije uburyo bujanye na kamere yumubiri wumuntu mu vyirondoka. Namwe bakristu benewacu, twashaka kubasaba ko mutokwisinzikariza imibiri yanyu mu kuyiremereza ibiza kuyidurumbanya, kandi mufise ubwenge numutima bibafasha kwitunganiriza ivyirondoka ryanyu, kanatsinda irondoka si ingwara yo kuvura, ni umugisha wImana abubakanye bakira babanje kubaza umutima bakaraba nubushobozi bafise bwo kurerana iteka abo Imana ibagabira, badateye kubiri nishaka ryImana, kandi badartyojeje iteka ryabo. Gitega, ku wa 6 twarante 2013.

Vous aimerez peut-être aussi