mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 15/13
14/4/2013
ri iryo joro ntaco baronse. Hamwe bugiye guca, Yezu aboneka ku nkombe, ariko abigishwa ntibamenya ko ariwe. Yezu ababwira ati: Bana mwe, nta twokurya mufise? Bamwishura bati: Oyaye. Ababwira rero ati: Tera urusenga iburyo bw'ubwato muraronka. Bararutera, bica hirabankira kurukwega kubera ifi nyinshi cane. Wa mwigishwa Yezu yakunda, niko kubwira Petero ati: n'Umukama! Simoni Petero yumvise ko ari Umukama, aca arakenyera impuzu kuko yari gusa, araheza yisuka mu kiyaga. Abandi bigishwa bari hafi y'inkombe nk'imetero amajana abiri gusa, baza mu bwato, bakwega urusenga n'ifi. Bashitse imusozi, babona umuriro w'amakara uriko ifi, be n'umukate. Yezu ababwira ati: Zana zimwe muri izo fi murovye. Simoni Petero asubira mu bwato akwegera imusozi rwa rusenga rwuzuye ifi nininini! Zari ijana na mirongo itanu na zitatu. Kandi naho zari nyinshi gurtyo, urusenga ntirwashwanyutse. Yezu ababwira ati: Ingo mwikure ubucugu. ta n'umwe mu bigishwa yubahuka kumubaza ati: Uri nde? kuko bari bazi neza kw'ari Umukama. Yezu aregera, yakira umukate, arawubagaburira, n'ifi artyo nyene. Uko niko Yezu yabimenyesheje ubugira gatatu, amaze kuzuka mu bapfuye. Bamaze gufungura, Yezu abwira Simoni Petero ati: Simoni mwene Yohani, urankunda kuruta abo? a we amwishura ati: Ego Mukama, urazi ko ngukunda. Yezu amubwira ati: Ragira imyagazi yanje. Asubira kumubwira ubwa kabiri ati: Simoni mwene Yohani, urankunda? a we amwishura ati: Ego Mukama, urazi ko ngukunda. Yezu amubwira ati: Ragira intama zanje. Asubira kumubwira ubwa gatatu ati: Simoni mwene Yohani urankunda? Petero ababazwa n'uko Yezu amubwiye ubwa gatatu ati: Urankunda? niko kumwishura ati: Mukama urazi vyose, urazi neza ko ngukunda. Yezu amwishura ati: Ragira intama zanje. 'ukuri n'ukuri ndabikubwiye ukiri muto, warikenyeza ukagenda iyo ushaka; na ho ni wamara gusaza, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, aheze akujane iyo udashaka. Yezu yavuze ivyo ngo amumenyeshe ingene azopfa ngo aninahaze Imana.
nda biratwereka ko kubera izuka rya Yezu Kristu, abigishwa biwe bashirutse iki-nya, barakira ubwoba bwari bwatewe nurupfu rwiwe, ubu bakaba baronse ingabirano zidasanzwe zo kumu-shingira intahe, zakanyamuneza namahoro. Mu giso-mwa ca mbere batwereka abatumwa bajanwa mu ma-nza imbere yabakuru babasaserdoti ngo muzoronka ubukomezi bwa Mutima Mweranda azobazanira. Muce muja
kunyemeza rero; Yeruzalemu no mu buyudeha bwose (Ibikorwa vyabatumwa 1,8). Kubera izuka rya Yezu Kristu, abatumwa bararonse ubukomezi budasanzwe, kuko bamwiboneye yazutse, bakibuka nivyo yari yababwiye imbere yuko apfa ku musalaba; ngabo rero bavugiye icarimwe bati: tubwirizwa kugamburukira Imana kuruta vyose turi ivyabona vyivyo bintu twe na Mutima Mweranda Imana irungikira abayigamburukira bose. Ukwemera Yezu yazutse bidutuma tugira ingoga nubukomezi bidufasha gushingira intahe Umukama. Imbere yinama nkuru yabashingantahe nabakuru batashimishijwe nizuka rya Yezu Kristu, none batanguye kubuza abatumwa ngo nti babandanye bigisha ivyerekeye izina rya Yezu nizuka ryiwe; abatumwa ba Yezu Kristu, ivyabona vyizuka ryiwe, bavugiye icarimwe bemeza ico bazi ngotubwirizwa kugamburukira Imana kuruta abantu. Kuri bo rero, nta bundi buzima, nta kindi gikorwa, nta yandi mizero atari ugutangaza icese iryo zina rya Yezu Kristu-Umukiza, hamwe nukwemeza ko umwe ababisha abansi bumusalaba bari bishe yisubije muzima, ko yazutse, none abatumwa biwe aribo vyabona vyiryo zuka . Nti batinya rero gushingira intahe ukwemera iryo zuka. Ese natwe bavukanyi twoshingira kuri iyo ngingo kugira ngo abatumwa ba Yezu Kristu batwigishe kandi batubere nakarorero ngo twame tugaragaza ukwemera kwacu, twame tugamburukira Imana kuruta abantu mu kurangura amabwirizwa yayo ata na kimwe dukuyemwo. Ukwemera Yezu Kristu yazutse kudukomezamwo ingabirano yo kugamburukira Ekleziya nabayirongoye. Muri ca gisabisho ca Ndemeye, turemeza iyo ntsinzi ya Kristu kuko iyo ngabirano tuyisangiye twese nkumuryango mu muryango umwe. Nico gituma iyo umwe wese avuze ati: Nemera Yezu Kristu yapfuye hanyuma akazuka kwisi yose hagasamirana iyo mpundu, abakuru nabato, abatunzi nabakene bagahuriza hamwe amajwi, ---ubwa mbere: baba bemeje ko bemera umwe; ubwa kabiri: ko uwo bemeye ariwe abanywanisha, abungira ubumwe, bakamwishimikiza mu vyo bakora; ubwa gatatu: uwo bemera ni we abayobora akabamurikira kandi akaba ari we ashitsa agakomeza ukwemera kwabo ( Abahebreyi 12,2). Ukwo kwemera rero kugira ngo gukomere neza, kubanza gushingira imizi cane cane harya i muhira, mu
bana bacu, muri paruwasi yacu, muri diyoseze yacu. Ibituma gukomera na vyo ni ibi: Ijambo ryImana tuzirikanira hamwe, inyigisho ikomeza ukwemera dushikirizwa nintumwa za Yezu Kristu kandi duhamagariwe kwakira no kugamburukira, amasakramentu duhamagariwe kwakira kuko ariyo Yezu Kristu yashinze ngo turonkeremwo ubuzima; igisabisho camashemezo (liturgie) ahimbaza akongera akaremesha ukwemera; imigenzo myiza ishimikiye ku rukundo, ku gufashanya, ku gutabarana hamwe nugukurikiza indinganizo yumuryango wa Ekleziya. Abakurikiza ivyo vyose rero ni bo baba bari kwishule ya Yezu Kristu, aho atwigisha ubunywanyi bufatanya Imana nabantu bose, akabahezagira, akabafungurira ivyiza vyiwe ngo bakure, bagire igihagararo mu kwemera, ukwizigira, nurukundo. Ukwemera no kwakira Yezu yazutse, bituma abantu bahezagirwa bakagira imigisha mu babo no mu vyabo. Ivyo tubisanga muri iyi Nkuru Nziza, aho twumva Yezu abonekera abigishwa biwe ku kiyaga. Abatumwa bari bakoraniye hamwe bihebuye kubera urupfu rwa Yezu, mbere bamaze gusubira ku murimo wabo wo kuroba. Niho Yezu yabiyereka akabaganiriza. Umwe muri bo, wa mwigishwa Yezu yakunda, aramumenya, avuga ati: Umukama. Kubera ico kiganiro ca Yezu nabatumwa baruzuye ukwemera, basubira kwihweza namaso yabo Yezu yazutse, baramukunda, baranamugamburukira aho ababwiriye ngo: Terera urusenga mu mazi murobe Ivyo vyatumye baroba ifi nyinshi gushika naho abagenzi babo baza gufasha gukwegera urusenga ku musozi. Imigisha irasangirwa!!! Ukwemera gukomerera mu muryango wabasangira ikiyago, wabumvikana, wabafashanya, wabakundana. Bavukanyi, izo ngabirano zose ni twame tuzisabiranira kugira ngo dukomere mu muryango wacu wa Ekleziya, gutyo twigane ba bakristu ba mbere bashishikara mu vyo kwigishwa nabatumwa nukugira ubumwe, mu vyo kumanyura umukate nugusengaBitayeko abari basangiye ukwemera bari basangiye nitunga. Bama mwisengero imisi niyindi kandi bashize hamwe bama baninahaza Imana kandi bakirwa neza mu gihugu (Ibik. vyabatumwa 2,42-46). Umukama yazutse mu bapfuye natwongerereze ukwemera adukomereze urukundo, twizigiye ko umusi uri izina tuzomubona uko ari tukihweza nubuninahazwa bwiwe. Patiri Jean ol
Ibik 5,27b-41 Zab29,2-13b Ukiri muto, warikenyeza ukagenda iyo ushaka; naho ni wamara gusaza, Ivyah 5,11-14 Yo 21,1-19 uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, aheze akujane iyo udashaka
Ibik 6,8-15 Zab118,23-30 timukorere indya ihera, ni mukorere imfungurwa igumya ubuzima Yo 6,22-29 budahera, ariyo Umwana wumuntu azobaha kuko ariwe Mana Data yatiye Ibik 7,51 8,1a Zab 30,3-21 ukuri ndabibabwiye: Musa ntiyabahaye umukate wo mwijuru; Dawe ni Yo 6,30-35 We nyabuna abaha umukate wo mwijuru
Zab 65,1-7 Jewe ndi wa mukate wubuzima: unyegereye ntazoba agisonza, kandi
unyemeye ntazoba akinyoterwa. Zab65,8-20 tawushobora kunyegera, Data nzomuzura ku musi wimperuka yantumye atamukwegereye; nanje
Ibik 9,1-20 Zab 116,1-2 ukuri ndabibabwiye : Mutariye umubiri wUmwana wumuntu, ntimuYo 6,52-59 nywe namaraso yiwe, nta buzima muzogira. Ibik 9,31-42 Zab 115,12-17 Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu ni mwabona Umwana wumuntu aduze Yo 6,60-69 iyo yahoraho? Umutima ni wo ubeshaho, umubiri ntaco umara.
INTAHE INGO INGO ZISHINGIRA UBURYO BWO KURONDOKA NEZA UKURIKIJE KAMERE YUMUBIRI WUMUNTU MU VYIRONDOKA MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA. GITEGA.
1. NGENDAKUMANA Philbert (79 720 659) na NTAHONSHIKIYE Marie Paula (79 719 810), Nyabututsi, GITEGA.
Twebwe tuba i Nyabututsi, muri Komine nIntara ya GITEGA.Twagize ubugeni itariki 29/7/2000. Muri uyu mwaka w2013, tuzokwiza imyaka 13 twubatse rukristu. Muri iyo myaka tumaze, Imana yaraduhezagiye twibaruka ibibondo 4: abahungu 3 numwigeme umwe. Kubera ko inyigisho zubutumwa nyunganirango zadushikiriye tutararonka ikibondo, twarazikurikije aho tumariye kwibaruka umwana wa mbere, dufashijwe numubikira Mama Tereza MIBURO, umwene Mariya, arongoye ubutumwa nyunganira-ngo muri Diyoseze Nkuru ya GITEGA.Uwo mubikira yaratwigishije gutohoza ibimenyetso vyirondoka ryacu dukoresheje uburyo bwo kugendereza ihindagurika ryuruziri rwumukenyezi. Ubwo buryo twarabukoresheje kuva mu mwaka w2002, turonse ikibondo cacu ca mbere, gushika nubu ni bwo dukoresha. Bwaradukundiye kuko twibarutse umwana wa kabiri mu 2004; uwa gatatu mu 2007; uwa kane mu 2010. Abo bose twabasama twabiteguriye. Nikimenyamenya, umwigeme agira gatatu twamusamye dufashijwe numupfasoni Akwilina MAVA GE, arongoye igisata co kurondoka neza mu biro nyunganirango vya Diyoseze Nkuru ya GITEGA. Ivyo twaragiye kubisaba uwo mupfasoni, kuko abana babiri ba mbere bari abahungu, natwe tukaba twaripfuza umwigeme. Turahimbawe mu rugo rwacu kuko ibijanye nirondoka ryacu tubizi neza, ata kibazo bidutera. Ntidukekereza ko nabandi boshaka kubukoresha babishizemwo umutima nugushaka, bwoberera nka twe. Murageza mwirabire, na kare Inkuru mbarirano iruta niyo wiboneye . Gitega, ku wa 1 twarante 2013.
2. URUGO RWA NDIKUMANA Prosper (79979109) na NZEYIMANA Serafina (79295243), Mushasha, GITEGA.
Jewe NDIKUMANA Prosper na NZEYIMANA Serafina, turashingira intahe uburyo ntohoza-bimenyetso vyirondoka, kuko ari uburyo bufasha kwibaruka umwana umushaka kandi ku rugero wipfuza. Tugitangura ubwo buryo, twibaza ko butabaho kandi budashoboka. Ariko tumaze kwigishwa nibiro nyunganira-ngo (Action familiale), dufashijwe numwunganira-ngo Paula TAHO SHIKIYE, vyaratugiriye akamaro cane, kuko kuva twibarutse umwana wa mbere, ubu tukaba dushitse kuri batatu, ntitwigeze dukoresha uburyo na bumwe bwo kwa muganga. Twagumye dukurikiza inyigisho twahawe nivyo biro nyunganira-ngo biri ku Mushasha. Irabire namwe: umwana wa mbere yiga mu mwaka wa gatatu wamashure yintango, afise imyaka 8. Uwa kabiri ari mu mwaka wa gatatu wamashure yo kwimenyereza, afise imyaka 5. Uwa gatatu nawe afise imyaka ibiri. Aho hose, nta kindi twakoresheje atari ubwo buryo ntohoza-bimenyetso vyirondoka. Muntu udakoresha ubwo buryo, urahomba cane rwose, kuko utamenya ingene ushobora kwitunganiriza ivyirondoka ryawe, ata bindi vyinyuma urinze kuremereza umubiri wawe, gurtyo ukaba ukingiye amagara yawe, bitayeko ubuzima bwurugo bukama ari inama ningingo umugabo numugore baja imisi yose. Ukaba ufise amakenga, uratwegera tugufashe nkuko twifashije, tugafasha nabandi.
3. NZIRUBUSA Ildphonse (71110765) na MUKANDANGA Evelyne(79967227), Ntobwe, GITEGA.
Bavukanyi musoma KwIsko ryUbuzima, jewe NZIRUBUSA Ildphonse na MUKANDANGA Evelyne, twashaka kubasangiza akanyamuneza twakuye mu gukoresha uburyo ntohoza-bimenyetso vyirondoka mu kuringaniza imvyaro mu rugo rwacu. Twebwe twubatse urugo tumaze kwigishwa ubwo buryo. Naho Evelyne ari umuforomakazi, twaririnze gukoresha uburyo bwo kwa muganga, kuko tuzi ingaruka mbi zabwo. Inyuma yubugeni twagize mu 2004, twibarutse umwana wa mbere wumwigeme mu 2005. Dufashijwe numupfasoni Akwilina MAVA GE, ajejwe igisata co kurondoka neza mu biro nyunganira-ngo vya diyoseze nkuru ya Gitega, twarashoboye gukurikiza umwana wa mbere mu 2008, kandi tuvyara umuhungu, atari ku gihamana, mugabo twabitegekanije. Umwana wacu wa 3 twamwibarutse mu 2012. Aho hose nta bundi buryo twakoresheje atari ubwa kamere yumubiri wumuntu mu vyirondoka. Turavye ingaruka mbi uburyo bwo kuringaniza imvyaro bwubuhingurano bugira ku magara yabakenyezi, turashimira Imana, tugashimira nubutumwa nyunganira-ngo bwadufashije kuringaniza imvyaro dukurikije uburyo bujanye na kamere yumubiri wumuntu mu vyirondoka. Namwe bakristu benewacu, twashaka kubasaba ko mutokwisinzikariza imibiri yanyu mu kuyiremereza ibiza kuyidurumbanya, kandi mufise ubwenge numutima bibafasha kwitunganiriza ivyirondoka ryanyu, kanatsinda irondoka si ingwara yo kuvura, ni umugisha wImana abubakanye bakira babanje kubaza umutima bakaraba nubushobozi bafise bwo kurerana iteka abo Imana ibagabira, badateye kubiri nishaka ryImana, kandi badartyojeje iteka ryabo. Gitega, ku wa 6 twarante 2013.