Vous êtes sur la page 1sur 5

Kw’Isoko

ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21) Igiciro 40 fr
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
3/10/2010 Idominika ya mirongo ibiri n’indwi– umwaka C - N°40/2010
Icompa nkumviriza ijwi ry’Imana... (Raba izabuli 94, 7)
Kuva kera, abantu bashaka kuyaga n’Imana. Abakera bahora baririmbira
Imana bavuga bati: Icompa tugahura nopfukama nkayisenga. Twese turafise
inyota y’Imana. Imana yarigize umuntu, imara imyaka mirongo itatu n’itatu
ibana n’abantu. Nico catumye abantu bategera ko Imana yuzuye ubuntu n’iki-
gongwe, ko natwe idusaba kugira umuryango umwe wa bene-Mana. Ariko nti-
vyabujije ko bamwe bavuga ngo Yezu ni mwene Belzebuli, umwami w’ama-
shetani. Murabona ko abantu batategereye Imana kumwe. Mbere umunsi
umwe Yezu yabajije abiwe ati: Mwumva Umwana w’umuntu bamuvuga ko
iki? Bamwishura bati: Bamwe bagira ngo ni Yohani Baptista, abandi Eliya,
abandi ngo ni Yeremiya, abandi nabo ngo ni umuhanuzi mu bandi. Yezu asu-
bizayo ati: Mweho mwiyumvira ko ndi nde? Simoni Petero yishura ati: Uri
Kristu, Umwana w’Imana nzima. Yezu nawe ati: Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko atari wewe uvyibwiye, ubi-
menyeshejwe riho na Data wo mw’ijuru. Nanje ndabikubariye uri Petero no kur’iryo buye nzokwubakako Ekleziya
yanje. (Mt. 16, 13-18). Abategereye ko Yezu ari Imana bagize urunani muri Ekleziya barongowe na Mutima
Mweranda. Imana rero yarayaze n’abantu cane cane iciye kuri Yezu Kristu. N’ubu nyene, hari igihe twumva ngo
Yezu canke Bikira Mariya babonekeye abantu barayaga nabo. None twobitegera gute? Kuva na kera hamye hariho
abavuga ko Imana yabayagiye. Ego Imana yarayaze n’aberanda benshi, mbere hari n’igihe yayagiye abantu iciye
kuri Bikira Mariya. Twomenya ko mu butumwa bwose bushikirizwa, inkuru nziza Imana yadushikirije mw’ijambo
ryayo ariyo yotubera inkinzo, tukisunga n’inyobozo ya Ekleziya. Mu gitabu c’ibikorwa vy’abatumwa turasoma
ingene umuntu w’i Samariya yitwa Simoni umupfumu yaratangarirwa rwose gushika aho bamwita “ Bubasha
bw’Imana“. Umunsi umwe yabonye ingene abatumwa Petero na Yohani bagaranzurira ibiganza ku bantu bagaca
baronka Mutima Mweranda, aca yibaza ko ubwo bubasha bwa Mutima Mweranda yobugura amafranga; yaciye
ashira amafranga Petero na Yohani abasaba ngo bamuhe ubwo bukuru. Petero ati: Uragapfana amafranga yawe,
kuko ari yo ushaka kudandaza ingabirano y’Imana“. Uwurondera inyugu y’ifaranga mu bikorwa vy’Imana ntasho-
bora gushingira intahe Imana uko bikwiye. Uwubonekerwa n’Imana ntashobora gucafuza Ekleziya yayo. Uko Ima-
na yakunze Ekleziya niko n’abo Imana iyagiye boca barondera guteza imbere Ekleziya, bakayikunda kandi baga-
shigikira imigambi yayo, bakayikorera kandi bakagamburukira n’abungere bayo. Abemera Imana baca baronka
umutima w’ukwitanga nka Yezu, ntibakorera Imana ngo bagwize amaronko n’amatungo. Yezu tuzi, ni urya yita-
ngiye abantu agaherezako; ata matungo akurikirana.

Bari kumwe mu budongo...


Bari banezerewe cane mu gufyaturira amatafari umupfakazi yari yahunze
indwano, inzu yiwe ikaba yari yarasambuwe. Nta buryo na butoya yari afise
bwo kwifyaturira no kwiyubakira. Ubu rero, agiye gushobora kugaruka mu
gatongo kiwe, kubw’umutima w’urukundo w’urwo rwaruka: Baremeye kuja
hamwe ngo batange inguvu zabo n’umwanya wabo muri kino kiruhuko,
kugira ngo bafyature amatafari, hanyuma naho bamwubakire. Babitumwe
n’umutima w’urukundo, rumwe nyene rwa Yezu: urukundo rutagira imbibe
(murabona ko hari n’uwajabutse amazi akaza guterera agacumu k’ubumwe),
kandi rwitaho abaruhijwe gusumba abandi, bamwe Yezu ashira imbere, aki-
gira umwe muri bo. Ibitabu vyeranda navyo bitubwira ko ugutanga kuzana umugisha kuruta guhabwa. Barahiriwe
abigana Yezu, bafise ukwemera kujana n’ibikorwa: Imana n’ibakomeze, ihezagire ibikorwa vyabo.
kubera jewe imbohe yiwe, ariko rinda hamwe nanje
Twumvirize iryo Imana ituyagira ya magorwa ubona kubera Inkuru nziza uhagariki-
we n'ubukomezi bw'Imana. Gumya amajambo y'i-
IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA - C
nyigisho nagushikirije, ubigirane ukwemera n'uru-
IGISOMWA CA MBERE: Hab. 1, 2-3 ; 2,2-4 kundo rwa Kristu Yezu. Iyo mbitso nziza rero, ura-
Intungane izotungwa n'ukugumya ibanga yizigama, ufashijwe na Mutima Mweranda avyagi-
Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Habakuki : ye muri twebwe.
Mbe Mukama, nzogutabaza gushika ryari, utari INKURU NZIZA: Lk. 17, 5-10
bunyumvirize? Nzogusaba ngo ukure imidugararo Ubukomezi bw'ukwemera
utari bunkize? Ni kuki ureka ngo mbone amakuba,
Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka:
ukishinga kwirabira ayo ngowe? Nsigaye mbona
Umunsi umwe, abatumwa babwiye Umukama bati:
abasahura n'abarwana; hose ni ugutukana, induru
Twongerereze ukwemera! Umukama abishura ati:
ntaho itavuga. Umukama ahava anyishura ati:
Iyo muba mufise ukwemera kungana n'agatete ka
Andika ivyo ubona, ubishire ku dupapuro, babashe
sinapi, mwobwiye iki giti kinini muti: Irandure, uze
kubisoma neza. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze,
kwitera mu kiyaga, coca kibagamburukira. Muri
ntakabuza bizoteba biranguke. Ni vyateba, urabiro-
mwebwe, ni nde yoba afise umusuku atuma kurima
rera; bitebe bitebuke, bizoza ntagisivya. Uwufise
canke kuragira, yohengera avuye kurima akamu-
umutima wagoramye azohagwa, na yo intungane
bwira ati: N’uze wicare ku meza? Abura kumubwi-
izotungwa n'ukugumya ibanga.
ra ariho ati: Ntegurira ivyoku-
I G IS OM WA C A K ABIR I : 2T im. 1,6-8, 13-14 rya, ukenyere, ungaburire, gu-
Ntugire isoni gushingira intaheInjili y'Umukama shika mpeze gufungura no ku-
Ivyo dusoma mw'ibaruwa rya kabiri Umutumwa nywa; hanyuma nawe ubone
Paulo yandikiye Timote: gufungura n'ukunywa. Mbega,
Mwananje nkunda cane: Ndaguhanuye ngo uka- yokengurukira uwo musuku
bure ya ngabirano Imana yaguhaye aho nakwubi- kuko yakoze ivyo yamutumye?
kako ibiganza. Imana ntiyaduhaye umutima upfana Nuko namwe mumeze ni mwaheza gukora ivyo
isoni n'ubwoba, ariko yaduhaye umutima w'ubu- mwabwirijwe, muravuga muti: Turi abasuku b'i-
twari, w'urukundo n'ubwitonzi. Ntugire isoni rero mburakimazi, nta kindi twakoze, atari ico twatege-
kubera intahe woshingira Umukama wacu cabure rezwa gukora. »

Birashika ko twifata uko tu- buke, bizoza ntagisivya… intungane izotungwa


tari. Turi abantu, turi ibire- n'ukugumya ibanga“. Basomyi, ubu turi mu gihe c’u-
mwa, ariko har’aho dushaka gukora nk’abasuku b’Imana, hakazoba ba n’igihe Ima-
kwigereranya n’Imana. Mu na izotuvyagiza mu bwami bwayo ngo dusangire nayo
kwitunganiriza ivyacu tura- akanyamuneza katazoshira. Haraho dushaka guhata
kumira Imana, tukifata nk’a- Imana ngo iduhe impera nyayo ubu nyene; tuba turiko
bashaka kwigenga, kwire- turadohoka kw’ibanga ryo kubanza kuba abasuku b’I-
ngagiza uruhara rw’Imana. mana. Inkuru nziza ituyagira ko umukozi yova kurima
Dushaka ko Imana ariyo yi- agashaka kurya atabanje kugaburira shebuja, yoba ari
njira mu vyo twategekanije umukozi mubi.Umukozi wo mu gikoni atanga shebuja
tutayigishije inama. Iyo gufungura ivyo yateguye twomwita igisuma. Erega
Imana itaduhaye ivyo twi- umukoresha w’umutima nti yoreka kugaburira umuko-
pfuza nkuko tuvyipfuza, duca tugira ishavu, ngo iyo zi wiwe. Noneho umutima w’Imana uruta na kure
Mana si yo; hari abaca bahungira mu yandi madini, umutima w’abantu mu guha impera abayikoreye. Igi-
bakibaza ko ariho bazotunganirwa kuruta bagashika cumuro cacu n’ukutizera Imana, n’ukwibaza ngo
ku vyo bashaka. Mu bisanzwe turi abasuku b’Imana; Imana ntishima ivyo tuyikorera. Mu gisomwa ca kabi-
ariko dushaka ngo Imana abe ariyo itubera umusuku. ri, Paulo Mweranda ahanura Timote ngo ntagire isoni
Hariho abantu batazi kwihangana: iyo bataronse aku- ry’ugushingira intahe Yezu ngo n’uko ari mu magorwa
nguko bari biteze baca bashavura. Ibisomwa vy’uyu yo gupfungwa. Bagenzi, harageze ko dutegera ko ama-
munsi biratwereka ingene twokwifata imbere y’Imana. gorwa turinda kubera Yezu ari yo atugira abagendanyi
Mu gisomwa cambere uwusenga Imana aribaza ngo „ biwe b’ukuri. Abakristu bata ukwemera kubera amago-
mbe ugutabaza Imana kumaze iki mur’aya makuba rwa bameze nk’ “ uwumva Ijambo ry’Imana akarya-
aduhanamiye ubu? ngo none Imana irabona ayo kirana akanyamuneza; mugabo iyo mbuto nta mizi
turimwo? Ngo mbe inkozi z’ikibi ni zo zifise inguvu ifise, imara akanya gusa; haza amarushwa canke iki-
kuruta Imana“? Umukama yatumye umuhanuzi Ha- ndi kiza gihama Ijambo, agaca aheba“ ( Matayo.
bakuki ngo yandike inyishu atanze, kugirango uwuzo- 13,21). Mu gisabisho cacu c’uyu munsi, tuvuge tuti:
bisoma agarukane ukwizera, amenye ko Imana ifise “Mukama twongerereze ukwemera n’ukwizigira ngo tube abasuku bawe
b’ukuri. Na kare ubuzima wadu-haye n’ivyo vyose watugabiye bigaragaza
igihe cayo: „ Ni vyateba, urabirorera; bitebe bite- ko ari wewe mizero yacu, bukiriro bwacu, ko ari wewe Rutare twegamiye.
Umweranda Fransisko wa Assizi.
Uyu Mweranda Ekleziya imuhimbaza kw’itariki 4/10 akaba yabayeho mu mwaka
w’1182-1226 mu Butaliyano ku musozi wa Asizi. Se wiwe yitwa Petero wa
Bernardone yari atungishijwe n’ubudandaji. Fransisko abaye umusore yarashimye
ibinezereza ubuzima bwo ngaha kw’isi. Umusi umwe yanse gufasha umworo, umu-
tima uramutonganya arahava arahinduka. Ikindi gihe yaciye gusenga mu gasengero
kari hafi ya Assizi kari kabaye umusaka gafise imigaga aza abona umuco uva ku mu-
salaba uri muri ako gasengero hanyuma yumva ijwi rishushe amajambo yaryo yama-
nuka ava mw’Ijuru bukebuke riti: “Subiramwo inzu yanje yaguye umusaka“. Niho
yaca agenda mw’iduka rya se wiwe yiba impuzu agenda kuzigurisha aca agurisha n’i-
ndogobwe yagenderako, amafaranga ayashira Patiri mukuru kugira ngo asanure ka
gasengero kagwa umusaka ariko Patiri mukuru ntiyayakiriye. Fransisko yaciye ayasi-
ga muri ka gasengero kw’idirisha aca arigira. Se wiwe amaze kumenya ko Fransisko
yamwivye yaciye amwitwarira ku bacamanza b’Ekleziya. Musenyeri Gido aho yamu-
tumako intumwa ngo imubwire arenguke imbere y’abacamanza, Fransisko yishuye
iyo ntumwa ati: ”Nzogenda kuko ar’Umuvyeyi n’umukama w’imitima”. Muse-
nyeri yaguma yipfuza kumubona kubera ukwo kuntu yishuye intumwa yiwe. Uruba-
nza rugeze, ishengero ryari ryakinje benshi ni abari bahevye igikorwa cabo ngo baze
kwumviriza urwo rubanza rw’umuhungu na se wiwe. Fransisko yari yihagarariye mu mfuruka adakakaza, ku bire-
nge hari ka gasaho k’amahera yahitanye kw’idirisha rya ka gasengero. Bernardone nawe arashika yihuta. Musenye-
ri Gido ararenguka yitoye yambaye ivy’ubukuru bwose bw’ubwepiskopi n’ubucamanza. Se wa Fransisko araheza
amwagiriza ubusuma, ubugambarazi n’agasuzuguro ku bavyeyi. Uwo musenyeri aramwumviriza n’umwitwarariko
mwinshi, niho yabwira Fransisko ati: ”Niwaba ushaka gukorera Imana n’Ekleziya urinda kubitangura neza.
Nta ruhusha ufise rwo kugumya amahera watwaye bidaciye mu kuri, n’aho yoba ayo kugira igikorwa ciza.
N’usubize rero ayo mahera so wawe”. Fransisko araba uwo musenyeri aramwenyura, amugirira ikimenyetso
n’umutwe, arunama atora ka gasaho yari yashize hasi, yigira imbere, n’ubwitonzi bwinshi abwira Musenyeri ati:
“ Ehe ndamusubize vyose, si n’amahera gusa, n’impuzu yampaye ni yakire. Kuva ubu sinzosubira kuvuga
ngo dawe Bernardone, nzokwivugira Dawe wa twese wo mw’Ijuru.” Aca yigumira uko yakabaye, bwa gitazi
ataco yinona yibereye mu gahimbare, abantu nabo baca bagwa mu gahundwe bashimagiza mu gacerere uyo muntu
w’Imana mushasha. Musenyeri yaciye amwiyegereza aramuramutsa amupfuka umutamana wiwe nawe aca yegeka
umutwe ku gikiriza ca Musenyeri. Muri uyo mwanya ntiyumva ko ari Musenyeri amwiyegereje ariko ko ari Eklezi-
ya imwakiriye mu bayo. Musenyeri yaciye amujana ku kirimba iwe aramwambika agakoti gashaje kumurimyi wi-
we, Fransisko aca afata akamanyu k’ingwa acapako umusalaba munini wera nk’akaranga k’ubutwari bwiwe aca
arasohoka aca mu kugi kari inyuma y’ingoro yigira mu misozi. Ijambo ry’Imana yagendeye turisanga mu Nkuru
nziza ya Yezu-Kristu yanditswe na (Mk.10,21): “Ushaka kuba uwanje, genda ugurishe ivyo utunze uheze ubi-
he aboro niho uzoronka intabonwa y’agatangaza mw’Ijuru.” Fransisko yahavuye atanguza umuryango w’aba-
shaka kurwanira ubworo, ukwifata ruto n’urweze. Fransisko yarafise ingabirano nyishi: Imana yaramuhaye kugira
“Inguma nyeranda za Yezu”, yarashobora no kuganiriza ibikoko akanavyigisha, yarakunda no kuririmba aho
dusanga mu ruvyino rwiwe urupfu arwita mushikiwe ariko araninahaza Imana n’ibindi vyinshi. Tumusabe natwe
adusabire kunywana gose n’Imana. Fransisko Mweranda dusabire.

Ni tube abanyakigongwe. Yezu aduhanura kuba abanyakigongwe, nkuko Data wo


mw’ijuru ari munyakigongwe. Yezu akiri kw’isi yarerekanye ko ari umunyakigongwe: mu
gukiza abarwaye, no mu kuzura abapfuye, kugira ngo atwereke ko uwapfuye amwemera asu-
bira kuba muzima. None mu kutwereka ko ata rupfu rw’akagirire kubamwemera, yarizuye mu
bapfuye. Igihe yari kumwe n’abigishwa biwe mu gisagara ca Nahimi, yahuye n’abagiye guha-
mba umusore. Nyina w’uwo musore yari umupfakazi. Kubw’ikigongwe Yezu yagiriye uno
mupfakazi yagenda ariragurika, yakoze ku nderuzo abwira uwari yapfuye ati: « Ndabigute-
getse, haguruka » uwapfuye aca aravyuka (Luka 7, 11-17). Ca mwibaza namwe izo mpuhwe
yagiriye uno mupfakazi! Yezu aduhamagarira kuba abanyakigongwe, mu gufasha ba ntahoni-
kora, no mu gutabariza abaremvye. Yezu yaraciye umugani w’umuntu yaguye mu bisuma
avuye i Yeruzalemu agana i Yeriko, akizwa n’umunyasamariya w’ikigongwe (Luka 10, 25-37).
Uwo munyasamariya akwiye kutubera akarorero. Benshi turikunda kuruta uko dukunda aba-
ndi; Yezu nawe atubwira ati: « Urakunda mugenzawe nkuko wikunda ». Yezu yaradukunze,
atugirira ikigongwe gushika yitange kw’inkuka, ubwo bunywanyi yaturondereye ntitubureke
ngo duhave twironderera amahano nka kumwe kwa Sodoma na Gomora. Kutagira ikigongwe birafise ingaruka
mbi. Muribuka wa mutunzi, na wa mworo Lazaro. Kutagira impuhwe kw’uwo mutunzi, vyatumye agwa mu muriro
udahera; ico gihe Lazaro yari mu munezero udasanzwe (Luka 16,19-31). Tweho rero, ni tube abanyakigongwe
kugira ngo tuzotorane ubuzima budahera. Gédéon Misigaro - Kanyosha -(Ingendanyi).
Usabire bagenzawe bitiranwa n’abo beranda
Umusi Aberanda dusaba Injili y’uno musi
Kuw’Imana,3/10 Gerardo Lk. 17, 5-10
Uwo muvukana ni yacumura, umuhanure; ni yigaya umugirire
ikigongwe
Ku wa 1, 4/10 Fransisko w’Assizi Lk. 10, 25-37 Urakunda Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose
Ku wa 2, 5/10 Plasidi, Flora Lk. 10, 38-42 Mariya yatoye ikiruta ibindi, ntawuzokimukurako
Ku wa 3, 6/10 Bruno Lk. 11, 1- 4
Ni mwasenga muravuga muti: Dawe izina ryawe ni rininahazwe
Ku wa 4, 7/10 B.M.umwamikazi w’irozari Lk. 11, 5-13
Ni musabe muzohabwa, ni murondere muzoronka
Ku wa 5, 8/10 Pelajiya, Simeo Lk. 11, 15-26 Ubwami bwose budashira hamwe buzohona
Ku wa 6, 9/10 Deniziyo Lk. 11, 27-28
Hahiriwe abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura

Umusomyi aratwandikira. Ikibazo c’uwo musomyi wacu gifatiye ku vyo


yasomye mw’Isoko ry’ubuzima ryo kuw’Imana 17/7/2010. Cerekeye ingene Yezu yakiri-
we na Marita na Mariya igihe bari bamutumiye. Turabashikiriza agace gatoya k’ikete
ryiwe. « …Mwomenya igituma Yezu yanse ko Marita amuzimana kandi mwumva ari-
we yari yamwitumiriye? Intumbero y’urwo rugendo yari iyihe? Mwishize mu kibanza
ca Marita ntimwobabara kubona utumira umuntu akakwankana n’utwawe kandi nku-
mbure twari twakuzimvye kw’isoko? Mwibaza ko Mariya yorohewe Yezu amaze guta-
ha? Mu nsiguro mwatanze muri karya kanyamakuru, muti ubunyegeri buyagira kw’i-
gufa. Iryo gufa na nyeneryo barimwankanye, baryanse na rwose; mwe irya nsiguro
mwayikuye he? Dushize kuruhande ko Yezu ari umwami n’umukiza murashigikiye ko Mariya atana akazi uwu-
mutunze? ubwo ntimwumvako ari ubugumutsi? Ni mwaba muri abarundi, mwibuke ingene inarunyonga yagiye
kwa mwenewabo aho kumuzimana uyu akamuyagisha akamutwenza ataho ashikiza gutwenga agahezwayo.
Ntimubonako Mariya yari batangutwinyo!!! Ngo ikiyago gisumba iki ??? Woyaga mu nda biriko biracika ?... »
Musomyi w’ikinyamakuru cacu, twebwe dukora KW’ISOKO RY’UBUZIMA twarashimye cane ijambo watwa-
ndikiye. Biratunezereza ingene urondera Imana ukifuza n’ugutegera Ijambo ryayo. Igishika ufitiye Imana kigutuma
ushaka kumenya ido n’ido ingene ivya Yezu, Marita na Mariya vyagenze. Ni vyiza. Ariko wibuke koYohani Mwe-
randa mu guheraheza injili yiwe yanditse ati: Yezu yarakoze n’ibindi vyinshi; iyo bavyandika vyose, ngira ngo isi
yose ntiyoshobora gukwira ibitabo bavyanditsemwo (Raba Yohani 21,25). N’ivyo Luka Mweranda yanditse vyo-
dufasha gutahura iryo Imana ituyagira. Mbe Marita yari afise umugabo? Birashoboka. Birumvikana ko atari gutu-
mira Yezu batabiyaze n’umugabo wiwe. Ivyo umwanditsi Luka ntaco yabivuzeko. Ico yashimikiyeko nuko yabo-
nye ko igihambaye kuruta, ni inyifato yabaye Yezu amaze gushika mu nzu yarimwo Marita na Mariya. Yezu ntiya-
nse akigoro Marita ariko arakora ngo amuzimane. Ariko Yezu aramukebura, akamwumvisha ko bikenewe no ku-
rondera umwanya w’ikiyago. Inzimano ni nziza cane, ariko yonyene ntikwiye ngo abantu banywane, ngo bunge
ubumwe. Mu kirundi bavuga ngo: nta nzoga ibura ijambo. Gukora, kurya, kunywa, ntibishobora guhara mu mi-
bano y’abantu; iyo abantu babitunganya bunze ubumwe mu kiyago, niho vyubaka imibano nyayo irangwa n’ubu-
mwe. Ico Yezu ashimirako n’uko ijambo rihuza abantu mu bumwe ariryo ryambere. Muvukanyi muri Kristu, nta na
hamwe dusoma ko Yezu yanse kurya ivyo Marita yamuteguriye. Umwanditsi Luka ashaka kudukebura natwe. Ese
bose bogira ishaka nk’iryo ufise ngo bategere Ijambo ry’Imana. Erega hariho abarifata mininerwe, bakaja mu misa
ariko bagataha ataco batahanye. Urakoze cane.

Umugani w’inama y’imbeba. Kuva kera akayabu n’imbeba vyamye bizirana


urunuka. Aho bihuriye imbeba yatungwa n’ayo yameze kuko idahunze ntiyahava. Umunsi
umwe imbeba zose ziko-ranira hamwe kugira ngo zigire inama zirabe ingene
zokwikurako ako kayabu kuko zose zabonye ko zigeramiwe, hageze ko zihweza ico zogira
kugira ngo zigarukire umutekano wa-zo. Zose zumvikana ko zokwambika inzogera iyo
nyabu, kugira ngo niyaza inzogera izoce ivuga, nazo zice zihunga. Zimaze kumvikana,
haciye hakurikira ikibazo c’imbeba izokwuba-huka kwambika inzogera iyo nyabu. Bigeze
aho imbeba ya mbere iti: Jewe nasize umwana agwaye none yohava apfa atariho ndi
murambabarira ndagiye kumuraba! Iyindi nayo iti: Nanje nasize inkono ku ziko nohava
nsanga yazigiye. None ndagiye, ntimuntume. Iya gatatu ica itangura kujugumira iti: Sinzi ikintu kimfatiye
mw’ino none ndatashe ntararemba! Zose ziriyonjorora hasigara imbeba nkuru yariko iragirisha inama. Ibonye
zose ziyonjoroye, ica yivugana iti: Reka na nje ntimbe, nzohungira aho izindi zizohungira sinokwigemurira
urupfu! Inama y’imbeba ihera gurtyo. N’ubu aho imbeba ibonye inyabu yirukira kuvunika.
ABARUNDI BARAZI GUTWENZA: Hari umu-gabo yari atize gusoma n’ukwandika mugabo akaba afise
amafranga menshi. Umunsi umwe umushikiranganji w’ubudandaji amutumira mu
nama y’abarwizatunga. Wa mugabo ashitseyo asangayo abandi bize amashule menshi. Abona
bose bafise ibinyamakuru bariko barasoma. Nawe aca ara-genda kugisaba. Bakimuhaye aca
agifata gicuritse, atangura gutwenga cane. Abandi bamubonye, baza bariruka kura ico
atwenze. Basanga ariko arasoma ikinyamakuru gicuritse. Niko kumu-bwira bati: Erega wagicuritse! Wa mugabo
aca arateterwa ariko yikurayo avuga ati: emwe candyoheye gicuritse harakantu ninagifata neza!

Vous aimerez peut-être aussi