Académique Documents
Professionnel Documents
Culture Documents
ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21) Igiciro 40 fr
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
3/10/2010 Idominika ya mirongo ibiri n’indwi– umwaka C - N°40/2010
Icompa nkumviriza ijwi ry’Imana... (Raba izabuli 94, 7)
Kuva kera, abantu bashaka kuyaga n’Imana. Abakera bahora baririmbira
Imana bavuga bati: Icompa tugahura nopfukama nkayisenga. Twese turafise
inyota y’Imana. Imana yarigize umuntu, imara imyaka mirongo itatu n’itatu
ibana n’abantu. Nico catumye abantu bategera ko Imana yuzuye ubuntu n’iki-
gongwe, ko natwe idusaba kugira umuryango umwe wa bene-Mana. Ariko nti-
vyabujije ko bamwe bavuga ngo Yezu ni mwene Belzebuli, umwami w’ama-
shetani. Murabona ko abantu batategereye Imana kumwe. Mbere umunsi
umwe Yezu yabajije abiwe ati: Mwumva Umwana w’umuntu bamuvuga ko
iki? Bamwishura bati: Bamwe bagira ngo ni Yohani Baptista, abandi Eliya,
abandi ngo ni Yeremiya, abandi nabo ngo ni umuhanuzi mu bandi. Yezu asu-
bizayo ati: Mweho mwiyumvira ko ndi nde? Simoni Petero yishura ati: Uri
Kristu, Umwana w’Imana nzima. Yezu nawe ati: Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko atari wewe uvyibwiye, ubi-
menyeshejwe riho na Data wo mw’ijuru. Nanje ndabikubariye uri Petero no kur’iryo buye nzokwubakako Ekleziya
yanje. (Mt. 16, 13-18). Abategereye ko Yezu ari Imana bagize urunani muri Ekleziya barongowe na Mutima
Mweranda. Imana rero yarayaze n’abantu cane cane iciye kuri Yezu Kristu. N’ubu nyene, hari igihe twumva ngo
Yezu canke Bikira Mariya babonekeye abantu barayaga nabo. None twobitegera gute? Kuva na kera hamye hariho
abavuga ko Imana yabayagiye. Ego Imana yarayaze n’aberanda benshi, mbere hari n’igihe yayagiye abantu iciye
kuri Bikira Mariya. Twomenya ko mu butumwa bwose bushikirizwa, inkuru nziza Imana yadushikirije mw’ijambo
ryayo ariyo yotubera inkinzo, tukisunga n’inyobozo ya Ekleziya. Mu gitabu c’ibikorwa vy’abatumwa turasoma
ingene umuntu w’i Samariya yitwa Simoni umupfumu yaratangarirwa rwose gushika aho bamwita “ Bubasha
bw’Imana“. Umunsi umwe yabonye ingene abatumwa Petero na Yohani bagaranzurira ibiganza ku bantu bagaca
baronka Mutima Mweranda, aca yibaza ko ubwo bubasha bwa Mutima Mweranda yobugura amafranga; yaciye
ashira amafranga Petero na Yohani abasaba ngo bamuhe ubwo bukuru. Petero ati: Uragapfana amafranga yawe,
kuko ari yo ushaka kudandaza ingabirano y’Imana“. Uwurondera inyugu y’ifaranga mu bikorwa vy’Imana ntasho-
bora gushingira intahe Imana uko bikwiye. Uwubonekerwa n’Imana ntashobora gucafuza Ekleziya yayo. Uko Ima-
na yakunze Ekleziya niko n’abo Imana iyagiye boca barondera guteza imbere Ekleziya, bakayikunda kandi baga-
shigikira imigambi yayo, bakayikorera kandi bakagamburukira n’abungere bayo. Abemera Imana baca baronka
umutima w’ukwitanga nka Yezu, ntibakorera Imana ngo bagwize amaronko n’amatungo. Yezu tuzi, ni urya yita-
ngiye abantu agaherezako; ata matungo akurikirana.