Vous êtes sur la page 1sur 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 26/13

30/6/2013

IDOMI IKA YA CUMI A GATATUUmwaka C

Petero Mweranda yabaye umucumuzi ariko ntiyagiririye...


Mu gusigura ubuzima bwa Petero mweranda, Papa Fransisiko yakoresheye amajambo abiri: yaracumuye, ariko nti yagiririye (Pcheur, oui, ... corrompu, non!). Petero yaracumuye, ariko ntiyagumye mu buja bwigicumuro. Kubwa Papa Fransisko, ikibi sugucumura; ikibi nugukongatarira mu gicumuro ntugaye akabi wakoze, ntumaramazwe nivyo wakoze ngo usabe nikigongwe. Ubukuru bwa Petero nti buhagaze ku mashule menshi yize canke ku bikorwa vyinshi canke bikomeye yaranguye. Petero ni mukuru kandi numunyakuri kuko afise ubutore bwumutima, bwatumye arizwa nagahinda nibimaramare atewe nigicumuro cukwihakana Yezu. Ni Mukuru kandi kubwiteka yatewe ryo kuyobora ubusho yashinzwe. Petero yarakoroye amosozi yukwigaya igihe yahuza amaso na Yezu, Yezu nawe akamurabana urukundo rwinshi kandi yari ahejeje kumwihakana gatatu. Nkuko Petero yabitweretse, ikosa ryama rikurikirwa nakanyamuneza kugusagwa nubushasha bwa Yezu Munyakigongwe. Egome harabaye igicumuro, mugabo cakurikiwe nakanyamuneza ko guhura na Yezu, no kunywana nImana mu buryo bushasha. Ayo majambo ya Papa Fransisko arashobora kudufasha, kuko natwe haraho twoshwa nabi tugacumura. Hari abakongatarira mu gicumuro, ntibigere babona ko bakoze nabi. Bene abo nta nikigongwe basaba. Ni nka barya biba, bakavuga ngo:umugabo nuwurya utwiwe nutwabandi canke ngo utabeshe ntasumira umwana. Petero kubera ubutore bwumutima wiwe, yarabonye ko uguhakana Yezu ari igicumuro gikomeye araheza ararira, araterwa isoni namajambo yavuze. Ariko hariho abakora ikibi bakiyeza ngo nta gicumuro bakoze, bakabandanya gukomantaza umutima bagahava baba abaja bigicumuro. Kwirukira Isakra.mentu ryikigongwe sukuja kudondagura ibicumuro vyonyene; ni ugusubira guhura nubuntu bwaYezu, nukugaruka mu rukundo rwImana. Umuntu arashobora kuja mu ntebe ya penetensiya yumva ababaye ku mutima, ariko avana mu cemerezo akanyamuneza ntangere kubera ikigongwe cImana.

Yezu wenyene niwe nzira Yezu avuga ati: Jewe ndirembo. Unyinjiriyemwo azokira (Yo.10,1-10). Mu kwinjira mu bwami bwImana, mu muryango wabakristu, muri Ekleziya, nta rundi rwinjiriro dufise atari Yezu. Yezu, nurwinjiriro rwukuri, rwurukundo, rudahubisha. Inzira irora mwijuru iroroshe, ivyUmukama asaba ntibigoye. Yezu niwe nzira. Abandi bose nababeshi, nabasuma. Uwinjiriye kwa Yezu ni we wenyene ataba yihenze. Uwushaka gushikira ubwami bwImana, nta handi afise yokwinjirira atari kwa Yezu: niwe nzira, niwe buzima. Urwo rugi twogwinjiriramwo gute? Nugukurikiza ivyo Yezu yigisha ku vyerekeye ubuhirwe bwuzuye (les batitudes): ca bugufi, ifate rworo, ba mu bwitonzi, gendera ubutungane. Hari ibindi vyanzo vyuruhendo abantu benshi bahurumbira ngo bavyinjiriremwo: Ntitwumvirize ababicamwo ngo babidukwegeremwo. Igicumuro cinyandukuruko gituma umuntu ashaka kugaba vyose, kwigenga muri vyose, kwironderera urwinjiriro, urwarirwo rwose. Shetani imwosha ngo: uzogira ubwenge nkubwImana. Hari abantu binanira guca bugufi. Ivyo vyose vyerekana ishaka ryabantu ryo kwironderera izindi nzira zitari izImana. Hari abandi bihenda, bagashaka kwinjirira mu nzugi zitarizo. Yezu avuga ati: utinjira mwirembo akamenera ahandi urugo rwintama, numwivyi. No mu mibano rukristu harimwo bamwe bamwe binjira batinjiye, bigenza nkabasuma. Bariba iteka rya Yezu bakaryishirako. IvyImana babishiramwo urudandaza. Abo ntibinjiriye mu muryango wukuri. Umuryango ni Yezu, nuwo udahubisha abantu. Turakwiye gusaba inema yo kudodora ku muryango wukuri ariwo wa Yezu, no kuronka inkomezi zuguhunga izindi nzira zisa nizoroshe. Yezu ntabesha, ntatana mu rudubi, sumusuma. Yaratanze ubuzima kubera jewe. Umwe wese navuge ati: Yezu yaritanze ku bwanje. Mukama, wewe wanyitangiye, nyugururira ninjire, nshaka kwinjirira iwawe, mu muryango wukuri. ta wundi muryango numwe nshaka kwinjiririra atari iwawe Zenit.org - 22 avril 2013.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA IDOMI IKA YA 13 YO MU MWAKA-C


IGISOMWA CA MBERE: 1Abami 19, 16b. 19-21 Elize arahaguruka, akurikira Eliya Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c'Abami: Muri irya ininsi, Umukama yabwiye umuhanuzi Eliya, ati: Urasiga amavuta Elize mwene Shafati, agusubirire rnw'ibanga ry'ubuhanuzi. Avuye hano, asanga Elize ariko ararimisha inka mirongo ibiri na zine, na we azihagaze inyuma. Eliya amuca iruhande, amutererako umutamana wiwe. Elize aca asiga aho za nka, yiruka inyuma ya Eliya, amusaba ati: dagusavye, nje gusezera data na mama, ndaheza ngaruke ngukurikire. Eliya aramwishura ati: i wigire, ubonye hari ico nakugize! Elize aragenda, afata inka zibiri, arazibaga; inyama azicaniriza ibiti vyari bifatanije nya nka, aragaburira abantu biwe barafungura. Hanyuma arahaguruka, akurikira Eliya, amubera umugendanyi. IGISOMWA CA KABIRI: Galati 5. 1 13-18 Mwahamagariwe kwidegemvya Ivyo dusoma, mw'ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati: cuti zanje: Kristu yaturokoye ngo tube mu mwidegemvyo; muragumye umutima rero kandi ntimusubire kwita mu bushumba. Mweho, mwahamagariwe kwidegemvya mugabo uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rwa kamere mbi yanyu, ariko urukundo ni rubatume gufashanya. Ibiri mw'Ibwirizwa vyose birangukira kuri iri jambo rimwe: Urakunda mugenzawe nkuko wikunda wewe nyene. Mugabo, ni mwaryana mugashikurana, muragabe ntimumarane. Ico ndababwiye n'iki ni mugenzwe na Mutima, niho mutazokurikiza ivyo kamere mbi yanyu yipfuza. Erega, kamere mbi y'umuntu yipfuza ico umutima wanka, umutima na wo ukipfuza ico kamere y'umuntu yanka. Ivyo vyompi bikarwaBenewacu, Ubwami bwImana bwatwegereye, buri ngaho kwirembo: nubwami bwamahoro, bwumwidegemvyo, bwumuvukano wabo kwisi yose. Kristu araduhutagiza ngo twinjire murubwo bwami; ubwirizwa kwihuta... kwirikira!... Uko niko yahamagaye umwe mu bumviriza inyigisho ziwe; uyu musi, uko niko aduhamagara, niko ahamagara umwe umwe muri twebwe. Twese, ata kurindira, tubwirizwa kuba mu bamugendanira, uko turi kwose, mu vyo tubamwo vyose. None turemeye kwitaba ubwo butumire? Iterambere rijanye nivyisi ryo riduhimiriza muvyukubaho neza, kurya tugahaga, kumererwa neza muvyumubiri. Kenshi ritugumiza mu myitwarariko itubohera mu migozi yivyisi. Twoba twiteguriye kwitura Yezu ngo aducagagurire iyo migozi? Tuzogaragaza gute ko ata wundi twishimiye atari

nira muri mwebwe, niho mubona mudakora ivyo mushaka. Mugabo, ni mwaba muyoborwa na Mutima, ntimuzoganzwa n'Ibwirizwa. INKURU NZIZA: Lk. 9, 51-62 Gukurikira Yezu mu nzira y'umusalaba Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Iuka Umunsi w'ugufatwa uhaye wegereza, Yezu agenda icese mu nzira irora i Yeruzalemu. Atuma integuza imbere yiwe; na zo ziragenda, zija mu mihana y'Abanyasamariya kumuteguriza; ariko ntibamwakira, kuko yaja i Yeruzalemu. Abigishwa biwe Yakobo na Yohani babibonye, baramubaza bati: Mukama, ntiwoturekurira tugahimiriza umuriro, ukabashungurukirako, ukabatikiza? Arahindukira, arabakankamira, ati: Mwebwe mwaranyobeye. Umwana w'umuntu ntiyazanywe n'ugutikiza, yaje gukiza. Baca baja mu yindi mihana. Bakiri mu nzira, sinzi umuntu agize ati: zogukurikira aho uzoja hose. Yezu amwishura ati: Imbwebwe zirafise uburumba zitahamwo, inyoni zo mu kirere zikagira ivyari; ariko Umwana w'umuntu we ntagira n'aho akika umusaya. Hanyuma sinzi uwo yabariye ati: kurikira. Ur'uwundi ati: Mukama, ndagusavye mbanze kuja guhamba dawe. Yezu na we aramwishura ati: Reka abapfa bahambe abapfu babo; nawe fashako wigishe Ubwami bw'Imana. Haza uwundi amubwira ati: zogukurikira, Mukama; ndagusavye gusa gusiga nsezeye ab'imuhira. Yezu aramwishura ati:Uwufashe isuka yari agiye gukora agasubira inyuma gufufura, uyo ntakwiranye n'Ubwami bw'Imana. Yezu? Niyihe nyifato izoranga ko twafashe ingingo ihambaye kandi ntabanduka yo gukurikira Yezu Kristu? Ntitubikekeranye, Yezu niwe buzima bwacu. Egome Bakristu benewacu, uyu musi Yezu yasubiye kuduhamagara; atubwira ati kwirikira! Mu ndwi iheze, yari yadusavye kwishura ca kibazo gisumba ibindi mu bukristu bwacu : kuri wewe jewe ndi nde? Kwishura ico kibazo bidusaba gufatana nawe urugendo, nukuvuga kumukurikira: Uwushaka kungendanira, ni yihebe, yikorere umusalaba wiwe wa misi yose, aheze ankurikire. Ngiryo ijambo yari yatubwiye ejo bundi. Uyu musi, arasubira kuduhamagara. Nuze, unkurikire! ...Gufata ingingo yo gukurikira Yezu Kristu, nakaroruhore! Kubera ibatisimu twahawe, dutumirirwa kugumana nawe, kubaho kubwiwe no muri we. Twoba twemeye kumarana urwo rugendo nawe? Dushishikare kuzirikana ivyuwo muhamagaro. Mbega uwo muhamagaro uhabwa bande? Hari aho twokwibaza ngo werekeye abatoni bamwe bamwe gusa, abihebeye igikorwa cUmukama. Ni ukwihenda! Mu bigishwa biwe, nta numwe akuramwo murubwo butumire bwo kumukurikira: baba abakora akazi ko hanze canke

abatunganya ivyo mu miryango yabo, baba abarwaye, abagendana ubumuga canke abakomeye, baba abakene canke abatunzi... Gukurikira Yezu, numuhamagaro uhambaye, usaba vyinshi: i ahebe vyose! i yikorere umusalaba wiwe! Kristu ntadutera giturumbuka; nta na kimwe anyegeza mu vyo adusaba. Kugira ngo tumukurikire, adusaba gusiga ngaho ivyo dufise vyose, tukaba abari ku rugendo ata mpamba dutwaye, ataco twishimirije, atavyo kwisi bituboshe. Elize yabanje guturira ibikoresho asanganywe, ibitungwa navyo abiherezako inkuka. Ni ukurinda imiruho yose nintambamyi zose zo ku rugendo, naho rwoba urutujana

muri Kalvariyo. Mbega benewacu, inyishu yanyu izoba iyihe? .... Twogira amazinda gute, kandi mu muco wa Mutima twarategereye neza ko guheba ubuzima bwacu kubwa Kristu ari ukubukiza, kuburangura mu buryo bwuzuye nukubuha agaciro katazohera? Inyishu yacu rero ibwirizwa kuba iyukumwemerera tudakebwa, ata kangonongono, tutiziganya, numutima wose, mu kanyamuneza. Ni nka kurya uwugize indagano zubugeni aba yemeye guheba vyose: se na nyina, inzu yabavyeyi, ivyamunezera mu buto bwiwe, kugira ngo asangire n uwo akunda rwa rugendo rwagahimbare. Patiri Ruben.

Ingene Papa Fransisko asigura ibanga ryubusaserdoti (bimwe mu vyo yavuze mu misa yo guhezagira amavuta meranda mu ndwi nyeranda 2013 )
Ivyanditswe vyeranda biratuyagira abasizwe amavuta abaribo: hari umusuku wImana tuyagirwa numuhanuzi Izaya, hari umwami Daudi, hari na Yezu Kristu Umukama wacu. Ico abo batatu bahuriyeko, nuko basizwe ngo nabo basige igihugu cImana. Basigwa ngo bazamure aboro, impahazwa, abanyorororo Iyo umusaserdoti ahimbaza amasabamana, aba atwaye ku muzirikanyi igihugu cImana ajejwe. Ukwambara ivyambarwa vyubusaserdoti biratwibutsa abo tujejwe, tutibagiye nabamaze kwitaba Imana. Ivyo twambara nimigirwa tubamwo, ntibiherera mu birori gusa; tuba turiko turahimbaza ubwami bwImana nzima mu gihugu cayo, naco kikayakirana igishika. Aroni si we wenyene yumva akamotera kamavuta yasizwe; ako kamotera karakwira hose, mu mpande zose zigihugu cImana. Umukama Yezu yarabitomoye neza: yasizwe amavuta ngo amenyeshe inkuru nziza aboro, abanyorororo, abarwaye, inyakamwe, intabwa. Ntidusigwa ngo twimotere twebwe nyene. Amavuta sayo kugumiza mu gakopo; yoca yononekara, umutima nawo ugakomantara. Umusaserdoti aguma yiyugaraniye muri we ntakwiragize ako kamotera, aratakaza icari kugumiza mu mutima wiwe akariro kubutumwa. Ha kuba umuhuza wukuri wImana nabantu, acika nkumukozi asanzwe aca ingero Arateba agatakaza akanyamuneza nigishika cubutumwa. Aca akora ngo aheze umwuga, nta kanyamuneza akorana. Dukwiye kuba abungere banyuzwe nakamotera kintama zabo, abungere mu busho bajejwe, abarovyi babantu. Basaserdoti nkunda, Umukama nanagure muri mwebwe Mutima wUbweranda, tukaba twasizwe kubwiwe. atunagure ku buryo Mutima Mweranda aducako agakwira hose, agashika mu mpande zose, aho hose abona akenewe gusumba ahandi, aho hose arindiranywe igishika, aho hose yugururiwe. Ese abakristu bacu botubonamwo abigishwa bukuri bUmukama Ese ivyo tuvuga nivyo dukora vyokabura mu bakristu Mutima wakanyamuneza Yezu yaje kuturonsa... Amen.

i mube abanyakigongwe nkuko so wanyu ari umunyakigongwe...


Kugira ikigongwe, nugukunda. Kugirira abandi ikigongwe biratanga amahoro, kuko biraremurura umutima. Uwufise umutima ukunda, niwe ashobora kugira nikigongwe. Hari abantu usanga baramaze kuzingamikwa nukugira umutima mubi. Abo rero ntibashobora kurekurira abandi kuko batazi urukundo rwImana. Urukundo rwImana rurakomeye gusumba ububegito bwose bwa kamere ka muntu. Kubwikigongwe cayo, Imana yaradufashije kugira ngo tuyirondere kandi tuyironke. Erega igicumuro nico cadutandukanije nImana, hanyuma urukundo rwayo ruyitugarukanako mukutugirira ikigongwe. Ni naho rero natwe dutumiriwe kugirira ikigongwe abadushayeko. Gushika kuri kangahe? Imisi yose bizoba bikenewe ko tugira ikigongwe. Kuvuga ngo kabiri karazigwa, si imvugo yuwakristu. Yezu atubarira ngo:Hahiriwe abanyakigongwe kuko nabo bazokigirirwa (Mt.5,7). Ahandi naho ngo: Ico mushaka lero ko abandi babagirira, kibagirire namwe.(Mt.7,12). Ko turyoherwa nukubona ko Imana yama yaturekuriye ibicumuro tudasiba gukora, niko nabandi baryoherwa iyo twabagiriye ikigongwe. None rero twotegera ko Imana idutumirira kuba natwe abanyakigongwe, kugira ngo tugaragaze natwe urwo dukundana hagati yacu. Urukundo dufitaniye nirwo rwerekana ko turi abana bImana se Rukundo. Tureke kuzibira urukundo rwImana mu kudatanga ikigongwe. Nkuko Yezu yabitwibukije, tutagize ikigongwe, Imana ntiyotugirira natwe ikigongwe, kuko tuba twanse kwemera urukundo rwayo. Intango yubweranda nugukunda, uwukunda nawe agirira ikigongwe abandi gushika no ku munota wanyuma, nkuko aberanda batari bake babigize, abenshi bapfa bariko barasabira ikigongwe ababa bariko barabagirira nabi. Ako karorero kakaba kamuka kuri Yezu we yarekuriye abariko baramwica aho yavuga ati: Dawe barekurire kuko batazi nico bakora.(Yo. 23,34). Ese Mutima Mweranda yotubera twese isoko ryurukundo nikigongwe, maze tukugurura imtima ngo twakire neza ico kigongwe iminsi yose. Ariko cane cane twame tuyikengurukira tudahengeshanya, kuri urwo Rukundo nIkigongwe yama itwereka ku munsi ku munsi. Umwe wese arazi ko iyo yacumuye imwakiriza yompi, iyo yaciye bugufi agasaba ikigongwe mwIsakramentu ryIkigongwe. Ivyo dukunda gukora bibabaza Yezu kurusha ibindi ni ibi: Ukutamukunda kandi yaradukunze akatwigura, kutizigira ikigongwe ciwe, ukutamushimira na rimwe, ukutabona ivyiza vya misi yose atugirira. Ivyo yabibariye Mama Fostina Mweranda amubonekeye.

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
30/6 D UwImana wa 13
Adela
1Abami 19,16.b19-21; Zab 15,1-2a; Mukama, nti woturekurira tugahimiriza umuriro ukabashungururirako 5.7-8.9-10.11 ; Galati 5,1.13-18; ukabatikiza? Arahindukira, arabakakankamira ati : Mwebwe Luka 9,51-62 mwaranyobeye: umwana wumuntu nti yazanywe nugutikiza, yaje gukiza

1/7 2/7 3/7 4/7 5/7 6/7

L Esther M Bernardino M Thoma J Elizabeti V Antoni Mariya


Zakaria

Amamuko 19,15-29; Zab102,12.3-4.8-9.10-11; Mt 8,18-22 Amamuko19,15-29; Zab 25,23.9-10.11-12; Mt 8,23-27 Efezi 2,19-22; Zab116,1.2; Yoh 20,24-29 Amamuko 22,1-19; Zab114,12.3-4.5-6.8-9; Mt 9,1-8

Mukama, ndikebanuye, mbanze kuja guhamba dawe. Yezu nawe amwishura ati : kwirikira, ureke abapfu bahambe abapfu babo Mutewe ubwoba niki? Emwe mwa bantu mwemera buhoro!Araheza arahaguruka abwiriza umuyaga nikiyaga, haca haratekana neza.
i muronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako nabo bizobagumako.

S Maria Goretti

Baraheza bamuzanira ikimuga kiryamye ku nderuzo. Yezu ngo abone ukwemera kwabo abararira nya kimuga ati : i wizigire mwananje, urarekuriwe ibicumuro vyawe. Amamuko23,1-4.19; 1-8.62-67; Gende mutegere ico aya majambo avuga: shaka ikigongwe, simbabaye Zab105,1-2.3-4.4b-5; Mt9,9-13 inkuka Aberanda si bo naje kwigarurira, naje guhamagara abacumuye Amamuko27,1-5.15-19; Mbega abaherekeje umukwe murabona bisonzesha iyo bakiri kumwe numuZab134,1-2.3-4.5-6; Mt9,14-17 kwe? Yamara hazoza imisi aho bavana na wa mukwe, niho bazokwisonzesha

Twokwifata gute mu buruhuko? Uburuhuko bwo muci tubumaramwo igihe kinini. Bamwe bamwe barabumaramwo amezi atatu. None ico gihe cose twokimara turiko dukora iki? Twoba mu miryango yacu. Erega abavyeyi nabo tuvukana baranezerwa no kubona turi kumwe nabo. Ikiyago mu miryango kirakenewe kugira ngo twunge ubumwe. Mu miryango yacu, ntitwigire nkabashitsi canke nkabantu bahambaye ata gikorwa bahereza iminwe; twofasha mu bikorwa vyose bikenewe muhira, mu mirima canke ahandi abavyeyi bafise imirimo. Egome imyanya yo gusamara no kwinezereza hamwe nabandi ntiyobura: hari abaja kwinonora imitsi, abaja mu migwi yo gutamba, yo kuririmba, nibindi vyinshi bivuye kuco umutima wifuza. Mu vyo twojamwo vyose, twotohoza neza abagenzi tugendana, ivyo dukorana nabo, aho tugendera. Twokwirinda ibinezereza bidusamburira imitima. Ntitwokwirengagiza namahwaniro yurwaruka adufasha gusenga, kuninahaza Imana, kuronka inyigisho nkomeza mutima nibindi biganiro bijanye nubuzima tugezemwo. Ntitwokwibagira nibikorwa vyo gukomeza umubano no kwiyungunganya. Kukaba nkako, gukorera hamwe nabandi mu bikorwa vyiterambere birazana akarusho mu mibano, mu mico, mu butunzi. Dushoboye kuronka aho twokorera ivyo bikorwa, ntitwobigisha. Vyogira ico bitwunganiye mu buryo bwo kuronka ibikoresho vyishule. Twirinde dushimitse ivyo kurera amaboko, kwirirwa turazunguruka mu mabarabara, kwirirwa mu miziki, mu nzoga nibiyayura mutwe, mu masanamu yubwicanyi nubusambanyi, mu runwarunwa rudahera Umunyeshule ari mu buruhuko Ubwa mbere ndashimiye umufasoni akora ku kinyamakuru Kwisoko ryUbuzima yansanze aho nari ndi nicurikiriye niganyira, hanyuma akanshikana ku musaserdoti ajejwe ico kinyamakuru. Nari ndemerewe nibibazo vyubuzima. Uwo musaserdoti yaranyakiriye neza aranshikanira umutwaro mu basomyi bikinyamakuru Kwisoko ryUbuzima. Nkaba ndamushimiye cane ku gikorwa yakoze co gutunganya ico kinyamakuru. Hariho abasomye ibinyerekeye bica birakora ku mitima yabo. Muri bo, hariho abakorewemwo nImana baritanga, baraheza bararamfasha. Hari uwampaye impuzu zitari nke kandi ziteye igomwe, none ubu nsigaye nambara nkumwamikazi; hari uwampaye umutahe ufadika wo kudandaza, nuwundi nyene aranyongerereza. Ubu ndarangura imirima yibigori vyeze hanyuma nkabisoroma nkongera nkabiranguza, ngasigarana nivyo kwokereza muhira ku mugoroba. Ubu ndaronka ico ngaburira abana; niyo umwana akeneye igikoresho cishule ndakironka bitangoye. Ndashimiye bimwe bivuye ku mutima abo bose bamfashije; ndabashimiye kuruwo mutima wikigongwe. Si noshobora kubashimira nkuko bibereye, Imana yo nyene nibahe ishimwe bakwiye, ibasubirize aho bakuye, ibongerereze umugisha, bame baronka ivyo batanga nivyo basigarana. Mwese hamwe ndabashimiye, nkabasaba ngo mungumizeko umutima. Murakoze, Imana ibane namwe. Ryambabaje Miriyamu harashushe cane, nti twicwe nubushuhe! Wa mugabo ABARU DI BARAZI GUTWE ZA: Ku munsi nawe aranuma. Vyakabaye kera, umugore ati: Reka mukuru wa Pasika, hari umugabo yabonye arabuze mvyuke ndayiyakirize! Umugabo aca aravunduruka, amafranga yokuja gusorora, aca afata ca cuma gitanga amubarira ati: Reka kwigora ndayatsa! Niko akayaga bita Vantilateur co mu cumba ciwe gutangura kwirondeza aho ayakiriza. Ariko aja kukigurisha; gurtyo aba araronse kugira umugore ntamenye ko yayigurishije, amafranga yo gusorora. Bugorovye arataha wa mugabo aca ahagarara hejuru yumugore yaborewe cane. Babaye bakija kuryama, aramuhuha nimpwemu nyinshi. Umugabo umugabo arabuza umugore kwatsa amatara niko kubaza umugore ati: Wumva ari gute? Umugore kugira nta-have abona ko ca cuma kitariho. Ariko, ati: Emwe ndumva ko akayaga ari kenshi, mugabo haheze akanya umugore yumva harashushe cane niko Ventilateur yacu sinzi uwayisutseko inzoga. kubarira umugabo ati: Erega niwatse vantilateur

Ikete ryo gushima.

Vous aimerez peut-être aussi