Académique Documents
Professionnel Documents
Culture Documents
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 16/14
20/4/2014
Rachel, umwana wimyaka 9, ivyo yashatse vyaranguwe yaramaze gupfa. Haheze imyaka itatu yanditse iri kete aca arishira kuri internet. Yanditse avuga ati: Kwitaliki 12 zukwezi kwa gatantatu nzoba nkwijije imyaka icenda. aratahuye ko abantu benshi batashikana imyaka 5 kuko baba badafise amazi meza. Muri uyu mwaka, nshaka gusaba abantu bose nzi, ko hako bangabira ibintu binezereza, bampe amafranga kugira ngo turonderere amazi ibihugu bimwe bimwe bitayafise. We nyene ukwiwe yagurishije ibikino bimunezereza kugira ngo aronke amafranga yukuronderera amazi abatayafise ngo bayaronke. Gurtyo yarashoboye kuronka amadolare 220. Yaciye ashimira abantu bose bamutereye ati: ari niyumviriye ko twoshikana amadolari ni buri buri amajana atatu. Yarongeye avuga ati: Ku mwaka uza tuzorondera ayandi mafranga menshi kuruta. Noneho iminsi mikeyi iheze, umuduga yarimwo waciye ugira isanganya, abantu ngo baze kuraba ivyabaye, basanga Rachel yapfuye. Abavyeyi biwe mu kumwibuka banditse kuri Internet icipfuzo cuwo mwana yapfuye atagishikirije. Baca bashinga umugambi bise Amazi yikigongwe-Rachel. Abantu baca barungika amafranga menshi ngo ico cipfuzo ca Rachel kiranguke. Bitebe bitebuke amaze umwaka baronse amafranga arenga umuliyoni wamadolare yatumye mu gihugu ca Ethiyopiya abantu barenga 30.000 banywa amazi meza. Abavyeyi ba Rachel baciye bagenda kuraba icakozwe muri Ethiyopiya kubera umwana wabo wimyaka 9 yashatse ko abantu bose baronka amazi meza.
bwImana; ni mwamize agatima kuvyijuru, mureke kwumira ku vyisi. Koko, mwasangiye urupfu na Kristu, kandi ubuzima bwanyu buracahishijwe hamwe na we mu Mana. Aho Kristu azoserukira, We buzima bwanyu, niho namwe muzoserukana na we mu buninahazwa. I KURU ZIZA: Yo. 20, 1-9. Yezu yabwirizwa kuzuka mu bapfuye. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani Umunsi wa mbere windwi, Mariya wa Magdala yagiye ku ruhafu mu gitondo kare, bugihwibiriye, araheza abona ko ibuye barikuye ku ruhafu. Ariruka asanga Simoni Petero na wa mwigishwa Yezu yakunda, ababwira ati: Bakuye Umukama mu ruhafu, kandi ntituziyo bamushize. Petero rero acaragenda ajana na wa mwigishwa wundi, baja ku ruhafu.Bompi bagenda bariruka ariko wa mwigisha wundi arasiga Petero, amutanga ku ruhafu. Arunama rero abona za mpuzu ziri hasi, ariko ntiyinjira. Simoni Petero aje amukurikira arashika na We. Yinjira mu ruhafu, abona za mpuzu ziri hasi nikiremo cari kimupfutse ku mutwe; ico kiremo nticari kumwe nizindi mpuzu, cari kizingiye ukwaco. Wa mwigishwa wundi yari yamutanze abona nawe kwinjira mu ruhafu; araraba, aremera. Ugasangwa ntibari bwategere ko, nkuko vyanditswe, Yezu yabwirizwa kuzuka mu bapfuye.
Kuri uyu munsi harashobora gusomwa Abakorenti1,5,6-8 mu gisomwa ca kabiri, Matayo 28,1-10 mu kuru nziza. umusuma ntagenda asubije ibintu aho vyari, ntagenda atondetse ibintu ahubwo agenda abisambaguye. Ni uko rero, Yezu yarazutse, ni muzima. Baritegereje, baremera. Yezu ni muzima. Uruhapfu rwari rwugawe ku musi wa gatanu mweranda ruragaragara uyu musi. Ni yo nkuru nziza yuyu musi. Uwari yapfuye yazutse. Ni muzima. Ukwemera kwacu gushimikiye kuri ukwo kwemera kwivyabona vya mbere vyiboneye uruhapfu rugaragara, hanyuma bakibonera nyene kuzuka, Kristu Umukama nUmukiza. Natwe nyene turi abazukanye na Kristu nkuko Pawuro mweranda abitubwira mwIbaruwa yandikiye Abakolosi ati: Mwazukanye na Kristu. None rero nimurondere ivyijuru; ni ho Kristu ari, avyagiye iburyo bwImana (Abakolosi 3,1). Petero, ari mu ntara ya Sezareya, iwintwazangabo yingabo zAbaromani, ashingira intahe izuka avuga, ati : Baramwishe mu kumumanika ku giti. None ehe, Imana yaramuzuye ku musi ugira gatatu. Yariyeretse ivyabona Imana yari yaratoye imbere yigihe, aribo twebwe twasangiye imfungurwa kandi tugasangira inyobwa na we amaze kuzuka ava mu bapfuye (Ibikorwa vyAbatumwa 10,39-40). Izuka ryUmukama wacu Yezu ni twebwe ryerekeye. Iyo ntsinzi ni iyacu. Yezu yadutsindiye. Hamwe na Kristu, nitwinjire mu buzima bushasha. Ariko ni ukubanza kuba twiyumvamwo ko twazukanye na Kristu (Kolosi 3,1), ko tuba twarabohowe kugira ngo ntidusubire kuba abaja bibicumuro nurupfu bikwega. Bavukanyi, mwazukanye na Kristu, rondere
rero ivyijuru; ni ho Kristu ari, avyagiye iburyo bwImana. Izuka rya Kristu ritugira abantu bashasha. Niho Pawuro atubwira ati: Niduhimbaze rero uyo musi mukuru, ariko tutagifise umwambiro wa kera canke umwambiro wuzuye inda mbi ninzigo, ni tuwuhimbaze nyabuna mu bweranda no mu kuri (1 Kor 5, 8). None rero bavukanyi, iyi Pasika turiko turigina niduhindure, iduhingure, itugire bashasha. Ipasika itubwira ko Kristu Intumwa yImana akaba nUmwana wayo, yaranguye igikorwa cugucungura isi. Yezu yapfuye ngo atyoroze abantu amaraso yiwe, abo bantu na bo bakaba bari bacumuye bikomeye ku Mana, kubera ico, bakaba bari bahawe igihano curupfu rudahera, ni ukuvuga ko bopfuye batabonye Imana kandi ubuzima bwabo, amerekero yabo, ari ubuzima mu Mana. Noneho nitwigine Yezu yaratsinze urwo rupfu. Pasika ni ijabuka, ni ukuva mu rupfu uja mu buzima mu Mana ; ni ukuva mu buja bwigicumuro ukaja mu muco wukuri nubweranda. Intsinzi ya Kristu, nkuko twari twamaze kubivuga, ni intsinzi yacu. Ko twazukanye na Kristu, ntitugume turi ba bandi, ntitugume tuboshwe nimizana ya Sekibi. Nitwiyubure, tube abantu bashasha. Rabe ntitugire ngo turiko turahimbaza Pasika tugifise wa mutima winzigo, amacakubiri, ubwicanyi, akarenganyo, urwanko, ubuhumbu, ukunigira abana mu menshi, ukutarekuriranira, amabi yose umuntu ashobora gukorera uwundi. Ivyo vyose ni ivyo guhamba mu ruhapfu rwa Yezu tukazukana na we dufise umutima utagira igicumuro, utagira agatosi. Duhebe uwo mwambiro mubi wukutamenya Imana nukutayikorera. Umuco wUwazutse nuhinde uruhumyi rwimitima yacu, utwugururire kuri mwenewacu,
tubone ivyo akeneye duheze tumufashe ; tubone ubumuga afise duheze turondere uburyo bwo ku mukiza, dukoreshe ubwenge kugira ngo dutuze inabi, ububabare nibindi vyago kenshi bikomoka kuri twebwe nyene bikabuza umuntu ubuhirwe, duteze imbere umuntu wese, abeho neza. Umuco wa Kristu yazutse nurasire ku bikorwa dukora, ari ivyacu twikorera, ari ivyabandi dukora, tubikorane ubutungane ata kagunge, ata nkunzi, ata kwikwegerako; Ko twazukanye na Kristu, aho turangurira imirimo ya misi yose, nibabone ko koko twabaye bashasha kuva aho duhimbarije Ipasika yumukama wacu, imigenderanire mu bikorwa ibe myiza, habe akanyamuneza numwumvikano nukuja inama, umwumwe wese yoroherezwe kandi yoroherwe mu gikorwa arangura ata gukandagirana ku gakanu, dukoreshe ubutungane muri vyose na hose. Mu ngo zacu nihaboneke koko ko habaye ipasika mu mitima yacu, ko twabaye abantu bashasha bikwije ubuntu nubutungane. Ngukwo ukurondera ivyiza vyijuru. Ivyo tubiranguye niho tuzoba turiko turategura ukubana na Kristu mu bwami, aho avyagiye. Nkako ico tugenda tugana kiri mwijuru ntikiri hasi kwisi. Ivyisi ntibituzigitire, kuko bihera, bitaragama, ahubwo twerekeze amaso mwIjuru. Umusi wa Pasika ni umusi wakanyamuneza. Enda rero tuje kugasangira nabandi, tubabwire ko Kristu yazutse kandi ko aduku-nda twese, ari na co catumye atwitangirako inkuka. None rero, ingeso mbi zacu, utunenge twacu, ububisha bwacu, ikintu cose kitari ciza muri twebwe, tugisige mu ruhapfu rwa Yezu, kugira ngo tuzukane na we turi abana bumuco; turi abana bizuka. A. MISIGARO Ildephonse.
Kristu yazutse!
utarike wewe wari warihebuye, wishwe nintuntu namaganya uhaguruke uje gusanganira uwagukunze; akemera kubabara, akamanikwa ku musalaba kugira ngo agucungure. Araje kugusanganira nigishika cinshi mu kukubwira ati:
DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
20/4 D 21/4 L 22/4 M 23/4 M 24/4 J 25/4 B 26/4 S PASIKA
Odeta
Anselme
Ibik.10,34.37-43; Zab.117,1-23 Bakuye Umukama mu mva kandi ntituzi iyo bamushize Col.3,1-4; Yo.20,1-9 Ugasangwa ntibari bwategere ko Yezu yabwirizwa kuzuka mu bapfuye timutinye; ni muje kubwira benewacu, baje mu Bugalile niho bazombonera. Mugore, urizwa niki? Ati: kuko batwaye Umukama wanje, none ntazi iyo bamushize. Mwa biburabwenge mwe, nta mutima mugira ngo mwemere ivyo abahanuzi bavuze! one ntikwariko ngo Kristu arinde amagorwa yose.. i murabe ibiganza nibirenge vyanje, ntimukekereze: ni jewe. i mukorakore mwitegereze: icijiji ntikigira umubiri, ntikigira amagufa Tera urusenga ku buryo bwubwato, muraronka. Bararutera, bica birabankira kurukwega kubera ifi zingana ukuraho
Ibik.2,14.22-32; Zab.15,1---11 Mt.28,8-15 Alexandre Ibik.2,36-41; Zab.32,4---22 Yo.20,11-18 Georges Ibik.3,1-10; Zab.104,1---9 Lk.24,13-35 Fideli Ibik3, 11-26; Zab.8,2---9 Lk.24,35-48 Mariko Ibik.4,1-12; Zab.117,1---27 Yo.21,1-14 Alida, Ibik. 4,13-21; Zab. 117, 1---21 Teodore Mk.16,9-15
Kwire isi yose, mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose. Uzokwemera akabatizwa azorokoka, utazokwemera azocibwa.
Mugire Pasika nziza mwese!. Pasika nigihe nyaco kitwibutsa aho Yezu yizura mu bapfuye. Tuyihimbaze mu gusabana ikigongwe, twongere dusabikanye utwo dufise: Dusabe Yezu yemeye kudupfira aduhe umutima wurukundo nukwicisha bugufi. Pasika itwibutsa ko Yezu yapfuye agahambwa hanyuma akizura mu bapfuye kugira ngo adukize ibicumuro vyacu. Na twebwe twokwizera ko tuzozuka, ko nabacu bapfuye bazozuka. Akarorero ni Kristu, kuko niwe zuka nubuzima. Umwemeye wese azoronka ubuzima budahera. Hariho abantu benshi batemera ko Yezu yapfuye hanyuma akazuka. Nta wundi muntu numwe arizura mu bapfuye ngo acungure abantu. Yezu yama atwiyereka ko ari muzima, aradukingira; kandi yadupfiriye twese. Tubifurije mwese Pasika nziza. Yezu yarabambwe, Yezu yarapfuye, Yezu yarazutse, Yezu ni muzima. aninahazwe imyaka yose. ABARU DI BARAZI GUTWE ZA: Umunsi umwe umwana winyoni waratibutse uva mu cari, ugwa hasi ahantu hakanye cane. Umuntu akurikirana ibitungwa arahaca, abona ka kanyoni kagomba kwicwa nimbeho, aca aragatora buhoro buhoro agashira mu mase yinka. Ka kanyoni karyohewe nuko gasusurutse, gaca gatangura kuvuga kajwira. Hanyuma imbwebwe irakumva ica ivuga iti: daronse ikirirenza. Hanyuma ya mbwebwe irakegera, igakura muri ya mase, iragahanagura icikabwira iti: Ifate neza ndakurotse. Ka kanyoni kamaze kubona ko atako kabigenza ngo karokoke, gaca kagenda karavuga gati: Urantabaye kunkura aha hantu na kare nari ndahagorewe