Vous êtes sur la page 1sur 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 16/14

20/4/2014

UMU SI MUKURU WA PASIKA Umwaka A

Alleluya! Yezu umwe babamba ku musalaba nguwo yazutse. ALLELUYA!


Narashimye ico gicapu cumuhinga Caravaggio. Yezu ariko arereka umutumwa Thomas aho bamucumise, na we Thomas ariko arashira intoke ziwe mu nguma za Yezu. Nabandi batumwa babiri bariko bararaba batangajwe nuko koko umwe bica bamucumita ko yazutse. Hari abantu iyo bari mu maganya bibaza igituma Imana yabahanye, ukamengo umweranda nuwo adafise ingorane nimwe, arya vyiza ata na kimwe abuze. Nabatumwa vyarabagoye gutegera ko Yezu azozuka ava mu bapfuye. Na kare abakera bavuga ngo: agapfuye kabazwa ivu. Ariko twitegereje ivyurupfu rwa Yezu tubibona ukundi. Uyu munsi nabonye umuntu agenda nama bequilles afise akanyamuneza kenshi cane, biboneka ko ahiriwe ku mutima. Naciye ndamubaza igituma avuga ko ahiriwe kandi ari ikimuga agendera ku ma bequilles. Nawe ati: Igikuru kuri twese ni Imana. dazi ko Imana inkunda, nico gituma ntobura akanyamuneza kandi ari we Rugira vyose. Inguma za Yezu ni inguma zitwereka urukundo yadukunze. Tuvyemere ko ahari urukundo tuhasanga inguma zitwereka ukuntu twitangiye abandi. Uwudafise bene izo nguma nta rukundo aba afise. Tureke kwirata ngo dukundwa nImana kuko dufise amatungo, ahubwo twirate kubera inguma twaronse mu kugendanira Yezu. Umweranda Yohani wumusalaba yanditse ati: utazi amagorwa, ntazi urukundo. Inzira yukuzozuka hamwe na Yezu, ica mu kubabara hamwe nawe.

Rachel Umwana wagatangaza.

Rachel, umwana wimyaka 9, ivyo yashatse vyaranguwe yaramaze gupfa. Haheze imyaka itatu yanditse iri kete aca arishira kuri internet. Yanditse avuga ati: Kwitaliki 12 zukwezi kwa gatantatu nzoba nkwijije imyaka icenda. aratahuye ko abantu benshi batashikana imyaka 5 kuko baba badafise amazi meza. Muri uyu mwaka, nshaka gusaba abantu bose nzi, ko hako bangabira ibintu binezereza, bampe amafranga kugira ngo turonderere amazi ibihugu bimwe bimwe bitayafise. We nyene ukwiwe yagurishije ibikino bimunezereza kugira ngo aronke amafranga yukuronderera amazi abatayafise ngo bayaronke. Gurtyo yarashoboye kuronka amadolare 220. Yaciye ashimira abantu bose bamutereye ati: ari niyumviriye ko twoshikana amadolari ni buri buri amajana atatu. Yarongeye avuga ati: Ku mwaka uza tuzorondera ayandi mafranga menshi kuruta. Noneho iminsi mikeyi iheze, umuduga yarimwo waciye ugira isanganya, abantu ngo baze kuraba ivyabaye, basanga Rachel yapfuye. Abavyeyi biwe mu kumwibuka banditse kuri Internet icipfuzo cuwo mwana yapfuye atagishikirije. Baca bashinga umugambi bise Amazi yikigongwe-Rachel. Abantu baca barungika amafranga menshi ngo ico cipfuzo ca Rachel kiranguke. Bitebe bitebuke amaze umwaka baronse amafranga arenga umuliyoni wamadolare yatumye mu gihugu ca Ethiyopiya abantu barenga 30.000 banywa amazi meza. Abavyeyi ba Rachel baciye bagenda kuraba icakozwe muri Ethiyopiya kubera umwana wabo wimyaka 9 yashatse ko abantu bose baronka amazi meza.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA


UMU SI MUKURU WA PASIKA-UMWAKA-A IGISOMWA CA MBERE: Ib. 10, 34. 37-43 Twebwe twarafunguye, turanywa hamwe na We amaze kuzuka mu bapfuye. Ivyo dusoma mu gitabu cIbikorwa vyAbatumwa: Petero ngo ashike i Sezareya kwa Korneliyo, asoma ijambo ati: Murazi neza ivyabaye mu Buyudeha bwose, uhereye mu Bugalile kuva muri ca gihe Yohani yigisha ibatisimu. Murazi ingene Yezu wi azareti yaronse Mutima Mweranda be ninganji yImana, hanyuma akagendura igihugu cose agira ineza aho aciye hose, abohora abari mu ngoyi za shetani; kanatsinda yari yuzuye Imana. Twebwe rero, turi ivyabona vyivyo yakoze mu gihugu cAbayahudi be ni Yeruzalemu. iwe bahavuye bica, bamumanika ku giti cumusalaba. Ariko Imana yaramuzuye ku munsi ugira gatatu, imuha nububasha bwo kwibonekeza ntiyabonekeye igihugu cose, yabonekeye ivyabona Imana yari yaratoye, twebwe twafunguye, tukanywa hamwe na We amaze kuzuka mu bapfuye. Kandi yadutegereje kwigisha igihugu nukwemeza ko ariwe Imana yahaye intahe ngo acire urubanza abazima nabapfuye. iwe abahanuzi bayaze, aho bavuga yuko uwuzomwemera wese azoronka, kubwizina ryiwe, ikigongwe cibicumuro yakoze. IGISOMWA CA KABIRI: Abakol. 3, 1-4 i murondere ivyijuru aho Kristu avyagiye. Ivyo dusoma mwIbaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi: cuti zanje: i mwaba mwazutse hamwe na Kristu ni murondere ivyijuru, aho Kristu avyagiye iburyo
Kristu yazutse, Kristu ni muzima. Aleluya ! Ngiyo inkuru iriko irasamirana kwisi yose, muvukanyi, kuva muri iri joro ryeranda, ijoro ryahezagiwe, ijoro risumba ayandi majoro yose, ryo ryabonye umuco utamanzurira mu mwijima ukaboneshereza abari bazingiwe numwijima wurupfu, ukabuzuza ubuzima. Mariya Madalena yazindutse ku ruhapfu asanga ruruguruye. Yiruka kubibwira Petero na wa mwigishwa Yezu yakunda ababwira ati: Bakuye Yezu mu cobo, none ntituzi iyo bamushize . Ba batumwa baca bayakoramwo bagenda ku ruhapfu, koko basanga ruragaragara. Habanje kwinjira Petero, hanyuma wa wundi mwigishwa, araraba aremera, ubona ko abigishwa, gushika ubwo batari bwabone ko, bisunze Ivyanditse vyeranda, Yezu yategerezwa kuzuka ava mu bapfuye. Kristu, we mizero yacu, yazutse. Mariya Madalena yagiye ku ruhapfu, aritegereza asanga Yezu atariyo ari. Petero na wa wundi mwigishwa bavuga ko ari Yohani nabo kandi baragiye, baritegereza, bose babona bimwe. Ivyo babonye na vyo ni impuzu bari bafuvyemwo Yezu, basanze iri ngaho, igitambara bari bapfukishije umutwe nticari kumwe niyo mpuzu, ariko cari kizingiye mu kibanza ukwaco. Wa mwigishwa yinjiye, aritegereza, aremera. Nta waje kwiba Yezu. Yezu nta wamwivye. Mbe bamwivye, iyo mpuzu bari kuyirekera iki? Burya na none

bwImana; ni mwamize agatima kuvyijuru, mureke kwumira ku vyisi. Koko, mwasangiye urupfu na Kristu, kandi ubuzima bwanyu buracahishijwe hamwe na we mu Mana. Aho Kristu azoserukira, We buzima bwanyu, niho namwe muzoserukana na we mu buninahazwa. I KURU ZIZA: Yo. 20, 1-9. Yezu yabwirizwa kuzuka mu bapfuye. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani Umunsi wa mbere windwi, Mariya wa Magdala yagiye ku ruhafu mu gitondo kare, bugihwibiriye, araheza abona ko ibuye barikuye ku ruhafu. Ariruka asanga Simoni Petero na wa mwigishwa Yezu yakunda, ababwira ati: Bakuye Umukama mu ruhafu, kandi ntituziyo bamushize. Petero rero acaragenda ajana na wa mwigishwa wundi, baja ku ruhafu.Bompi bagenda bariruka ariko wa mwigisha wundi arasiga Petero, amutanga ku ruhafu. Arunama rero abona za mpuzu ziri hasi, ariko ntiyinjira. Simoni Petero aje amukurikira arashika na We. Yinjira mu ruhafu, abona za mpuzu ziri hasi nikiremo cari kimupfutse ku mutwe; ico kiremo nticari kumwe nizindi mpuzu, cari kizingiye ukwaco. Wa mwigishwa wundi yari yamutanze abona nawe kwinjira mu ruhafu; araraba, aremera. Ugasangwa ntibari bwategere ko, nkuko vyanditswe, Yezu yabwirizwa kuzuka mu bapfuye.

Kuri uyu munsi harashobora gusomwa Abakorenti1,5,6-8 mu gisomwa ca kabiri, Matayo 28,1-10 mu kuru nziza. umusuma ntagenda asubije ibintu aho vyari, ntagenda atondetse ibintu ahubwo agenda abisambaguye. Ni uko rero, Yezu yarazutse, ni muzima. Baritegereje, baremera. Yezu ni muzima. Uruhapfu rwari rwugawe ku musi wa gatanu mweranda ruragaragara uyu musi. Ni yo nkuru nziza yuyu musi. Uwari yapfuye yazutse. Ni muzima. Ukwemera kwacu gushimikiye kuri ukwo kwemera kwivyabona vya mbere vyiboneye uruhapfu rugaragara, hanyuma bakibonera nyene kuzuka, Kristu Umukama nUmukiza. Natwe nyene turi abazukanye na Kristu nkuko Pawuro mweranda abitubwira mwIbaruwa yandikiye Abakolosi ati: Mwazukanye na Kristu. None rero nimurondere ivyijuru; ni ho Kristu ari, avyagiye iburyo bwImana (Abakolosi 3,1). Petero, ari mu ntara ya Sezareya, iwintwazangabo yingabo zAbaromani, ashingira intahe izuka avuga, ati : Baramwishe mu kumumanika ku giti. None ehe, Imana yaramuzuye ku musi ugira gatatu. Yariyeretse ivyabona Imana yari yaratoye imbere yigihe, aribo twebwe twasangiye imfungurwa kandi tugasangira inyobwa na we amaze kuzuka ava mu bapfuye (Ibikorwa vyAbatumwa 10,39-40). Izuka ryUmukama wacu Yezu ni twebwe ryerekeye. Iyo ntsinzi ni iyacu. Yezu yadutsindiye. Hamwe na Kristu, nitwinjire mu buzima bushasha. Ariko ni ukubanza kuba twiyumvamwo ko twazukanye na Kristu (Kolosi 3,1), ko tuba twarabohowe kugira ngo ntidusubire kuba abaja bibicumuro nurupfu bikwega. Bavukanyi, mwazukanye na Kristu, rondere

rero ivyijuru; ni ho Kristu ari, avyagiye iburyo bwImana. Izuka rya Kristu ritugira abantu bashasha. Niho Pawuro atubwira ati: Niduhimbaze rero uyo musi mukuru, ariko tutagifise umwambiro wa kera canke umwambiro wuzuye inda mbi ninzigo, ni tuwuhimbaze nyabuna mu bweranda no mu kuri (1 Kor 5, 8). None rero bavukanyi, iyi Pasika turiko turigina niduhindure, iduhingure, itugire bashasha. Ipasika itubwira ko Kristu Intumwa yImana akaba nUmwana wayo, yaranguye igikorwa cugucungura isi. Yezu yapfuye ngo atyoroze abantu amaraso yiwe, abo bantu na bo bakaba bari bacumuye bikomeye ku Mana, kubera ico, bakaba bari bahawe igihano curupfu rudahera, ni ukuvuga ko bopfuye batabonye Imana kandi ubuzima bwabo, amerekero yabo, ari ubuzima mu Mana. Noneho nitwigine Yezu yaratsinze urwo rupfu. Pasika ni ijabuka, ni ukuva mu rupfu uja mu buzima mu Mana ; ni ukuva mu buja bwigicumuro ukaja mu muco wukuri nubweranda. Intsinzi ya Kristu, nkuko twari twamaze kubivuga, ni intsinzi yacu. Ko twazukanye na Kristu, ntitugume turi ba bandi, ntitugume tuboshwe nimizana ya Sekibi. Nitwiyubure, tube abantu bashasha. Rabe ntitugire ngo turiko turahimbaza Pasika tugifise wa mutima winzigo, amacakubiri, ubwicanyi, akarenganyo, urwanko, ubuhumbu, ukunigira abana mu menshi, ukutarekuriranira, amabi yose umuntu ashobora gukorera uwundi. Ivyo vyose ni ivyo guhamba mu ruhapfu rwa Yezu tukazukana na we dufise umutima utagira igicumuro, utagira agatosi. Duhebe uwo mwambiro mubi wukutamenya Imana nukutayikorera. Umuco wUwazutse nuhinde uruhumyi rwimitima yacu, utwugururire kuri mwenewacu,

tubone ivyo akeneye duheze tumufashe ; tubone ubumuga afise duheze turondere uburyo bwo ku mukiza, dukoreshe ubwenge kugira ngo dutuze inabi, ububabare nibindi vyago kenshi bikomoka kuri twebwe nyene bikabuza umuntu ubuhirwe, duteze imbere umuntu wese, abeho neza. Umuco wa Kristu yazutse nurasire ku bikorwa dukora, ari ivyacu twikorera, ari ivyabandi dukora, tubikorane ubutungane ata kagunge, ata nkunzi, ata kwikwegerako; Ko twazukanye na Kristu, aho turangurira imirimo ya misi yose, nibabone ko koko twabaye bashasha kuva aho duhimbarije Ipasika yumukama wacu, imigenderanire mu bikorwa ibe myiza, habe akanyamuneza numwumvikano nukuja inama, umwumwe wese yoroherezwe kandi yoroherwe mu gikorwa arangura ata gukandagirana ku gakanu, dukoreshe ubutungane muri vyose na hose. Mu ngo zacu nihaboneke koko ko habaye ipasika mu mitima yacu, ko twabaye abantu bashasha bikwije ubuntu nubutungane. Ngukwo ukurondera ivyiza vyijuru. Ivyo tubiranguye niho tuzoba turiko turategura ukubana na Kristu mu bwami, aho avyagiye. Nkako ico tugenda tugana kiri mwijuru ntikiri hasi kwisi. Ivyisi ntibituzigitire, kuko bihera, bitaragama, ahubwo twerekeze amaso mwIjuru. Umusi wa Pasika ni umusi wakanyamuneza. Enda rero tuje kugasangira nabandi, tubabwire ko Kristu yazutse kandi ko aduku-nda twese, ari na co catumye atwitangirako inkuka. None rero, ingeso mbi zacu, utunenge twacu, ububisha bwacu, ikintu cose kitari ciza muri twebwe, tugisige mu ruhapfu rwa Yezu, kugira ngo tuzukane na we turi abana bumuco; turi abana bizuka. A. MISIGARO Ildephonse.

JEWE DI MURI MWEBWE. O E TWARAMWAKIRIYE? AHUBWO I GO TURAMIRIZE


Abakurambere nibo bayamaze bati: Uwuguha akubonye arutwa nuwukwibuka. Twebwe Yezu aratwibuka. Yezu ati: Ko ndiho muzobaho. Yezu yaratubambiwe, aratwigura. None tube ba bahe biyake? Atwuhagire natwe twivayange? Tuyoberwe ukuryo nukubamfu tuzi uwaduhaye amaboko namaguru? Luka12,26 ati: Ko nibitagoye bibananira, nimureke kwitwararika nibisigaye. Twebwe turadurumbanya Imana ikicecekera, yaza mu buzima bwacu tukavuga ngo iratwononeye. Naho twigira bakanyarigabo, iratuzi mu mazina, iradusonera gusumba mbere uko twebwe tuyisonera kuko yaduhaye umwidegenvyo. Umukama arazi rero ico yadushinze. Turacitiranya umusaraba (umusaraba ni umwe). Ni warya ivya nyarucari canke uwariwe wese kubera ububasha umufiseko, umenye ko wikwegeye, kandi uyo si umusaraba wikoreye kuko nta Mana irimwo. Uriye ahubwo intama Imana yakuragije. Utegerezwa kumenya izo Sobuja yakuragije. Nureke kwiyitirira ivya Sobuja kuko wewe uri umusuku. Wa musi wurubanza ntazovuga ngo abihebeye Imana, abaririmbiramana, abashikiranganji, abakiro, abo mu Kanyosha, mu Kayanza, i Kiriri, abakinyi ba Vitalo, abaganga, abavyibushe, abanyamugambwe uyu canke uriya ngo ni mwinjire. Azovuga ati: Ngiri irembo ryUmukama, intungane ni zinjire.Ni twiyegeranye turondere ubwo butungane. Umukama yarutsinze aho rwotera izuba.None rero, tubaho, tubaho ku bwImana kandi dupfa, dupfa ku bwImana. Dusabe Imana mu shobora vyose yame ituronsa Mutima wiwe kugira atwibutse kuvuga, gukora no kwifata nkUmucunguzi wacu Yezu Kristu. Alleluya. YA DWI Sylvestre Marcien (Tl.76955085)- Paroisse Kanyosha.

Samiriza Impundu turirimbe Alleluya


Ngiki ca gitondo gitonzemwo umuryango wabana bacunguwe nizuka rya Yezu. Ngivyo ivyiza Imana yatugiriye, turanezerewe turahimbawe. Nguyu umunsi wa mbere windwi yurukiza, Alleluya. Umuco wurukiza wirukanye ijoro ryigicumuro. Ubuzima bwizuka bwaratsinze urupfu rwurwanko. Kristu yaratsinze urupfu, nta maganya, nta marira bikibarizwa mu ntara zUmukama. Haguruke dusanganire iyo ntsinzi turonse ataco dutanze! Himbarwa wewe wari wijiriwe ku bwibicumuro vyawe, Uririmbe Alleluya yabacunguwe na Pasika ya Kristu. Tamba

Kristu yazutse!
utarike wewe wari warihebuye, wishwe nintuntu namaganya uhaguruke uje gusanganira uwagukunze; akemera kubabara, akamanikwa ku musalaba kugira ngo agucungure. Araje kugusanganira nigishika cinshi mu kukubwira ati:

Ihorere ibicumuro vyawe vyaragiriwe ikigongwe!

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
20/4 D 21/4 L 22/4 M 23/4 M 24/4 J 25/4 B 26/4 S PASIKA

Odeta
Anselme

Ibik.10,34.37-43; Zab.117,1-23 Bakuye Umukama mu mva kandi ntituzi iyo bamushize Col.3,1-4; Yo.20,1-9 Ugasangwa ntibari bwategere ko Yezu yabwirizwa kuzuka mu bapfuye timutinye; ni muje kubwira benewacu, baje mu Bugalile niho bazombonera. Mugore, urizwa niki? Ati: kuko batwaye Umukama wanje, none ntazi iyo bamushize. Mwa biburabwenge mwe, nta mutima mugira ngo mwemere ivyo abahanuzi bavuze! one ntikwariko ngo Kristu arinde amagorwa yose.. i murabe ibiganza nibirenge vyanje, ntimukekereze: ni jewe. i mukorakore mwitegereze: icijiji ntikigira umubiri, ntikigira amagufa Tera urusenga ku buryo bwubwato, muraronka. Bararutera, bica birabankira kurukwega kubera ifi zingana ukuraho

Ibik.2,14.22-32; Zab.15,1---11 Mt.28,8-15 Alexandre Ibik.2,36-41; Zab.32,4---22 Yo.20,11-18 Georges Ibik.3,1-10; Zab.104,1---9 Lk.24,13-35 Fideli Ibik3, 11-26; Zab.8,2---9 Lk.24,35-48 Mariko Ibik.4,1-12; Zab.117,1---27 Yo.21,1-14 Alida, Ibik. 4,13-21; Zab. 117, 1---21 Teodore Mk.16,9-15

Kwire isi yose, mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose. Uzokwemera akabatizwa azorokoka, utazokwemera azocibwa.

Sivyimbeshere, Yezu yarizuye mu bapfuye


Abantu tuzokwama turi abantu, Imana nayo ikora nkImana. Yezu Kristu dukunze kwumva mu bitabu vyeranda kuva akivuka bari bazi yuko ari umuntu asanzwe nkabandi, nkuko nyene bavyivugiye bati: None si mwene Yozefu, nyina wiwe si Mariya, ntitumuzi? Dusanzwe tumenyereye yuko ikibano gikengereka. Kubera iyo mpengamiro rero barahavuye babishira mu ngiro no kubera kutamenya kwabo, barahava bamucira urwabamenja baramutuka, baramusuzugura apfa urwagashinyaguro, ngo yakijije benshi nawe ni yikize. Abantu turi imburabugirire, nabo yari yarakirije ababo yemwe! Kugeza naho abatumwa bari baragendanye bamuta bagahunga ku gutinya abishe shebuja wabo, ko nabo nyene bashobora kubamarira. Mbere numwe muri bo aramwihakana ariko naho vyaruko, vyari gushoboka gute yuko nyenijambo nububasha ahereza mu cobo? Nkuko umuhanuzi agira ati: Na none ntiworeka ngo umugenzi wawe apfe rubi ahereze mu cobo. Ubwo bubasha amaze kuzuka nibwo yahaye abagendanyi biwe mu kubabwira ati: i mugire amahoro! atsinze urupfu namwe ndabarungitse kwisi yose musamirize iyo nkuru nziza yurukiza. Natwe abitwa abakristu ntitwotinya kuko umusi uri izina urwo rupfu tuzorutsinda, nkuko nyenubuzima yarudutsindiye. Bavukanyi dusangiye ukwemera, sangwa intsinzi yUmukama wacu Yezu Kristu. Alleluia, Alleluia, Alleluia!!! dikumana Antoine-Musaga. Tel 71127851/ 79334787 gira nivuge amazina, ntambe ntarike ku mataba yimisozi. di agasore katigeze gasohokera gusorora ariko kasosewe namasakramentu yUmukama. Sindira ndaririmba kuko amosozi twari twatewe nabansi, Yezu yaraye ayaduhanaguye mu kutwereka ko urupfu rutagira ijambo rya nyuma. Reka nseke nisimbagiza, nserure akanyamuneza ntewe na Pasika yUmukama. Abari bamubamvye bishima ngo ntakigaruka none ubu ni muzima. Ororowe! Sokoroka twishongore, turirimbe Alleluya! Alleluya! Dushorere abansi biwe, tubereke ko bihoye ubusa, ubusazi bwabo bwasambuye umubiri wa kera, umubiri mushasha ugaca wiserura. Aho rero! Sangwimpundu, ujandajande Yezu mu bawe, natwe tukubashe inzimano tutiziganya, tukubwire tuti: Pole Mwami wacu Yezu!

Mugire Pasika nziza mwese!. Pasika nigihe nyaco kitwibutsa aho Yezu yizura mu bapfuye. Tuyihimbaze mu gusabana ikigongwe, twongere dusabikanye utwo dufise: Dusabe Yezu yemeye kudupfira aduhe umutima wurukundo nukwicisha bugufi. Pasika itwibutsa ko Yezu yapfuye agahambwa hanyuma akizura mu bapfuye kugira ngo adukize ibicumuro vyacu. Na twebwe twokwizera ko tuzozuka, ko nabacu bapfuye bazozuka. Akarorero ni Kristu, kuko niwe zuka nubuzima. Umwemeye wese azoronka ubuzima budahera. Hariho abantu benshi batemera ko Yezu yapfuye hanyuma akazuka. Nta wundi muntu numwe arizura mu bapfuye ngo acungure abantu. Yezu yama atwiyereka ko ari muzima, aradukingira; kandi yadupfiriye twese. Tubifurije mwese Pasika nziza. Yezu yarabambwe, Yezu yarapfuye, Yezu yarazutse, Yezu ni muzima. aninahazwe imyaka yose. ABARU DI BARAZI GUTWE ZA: Umunsi umwe umwana winyoni waratibutse uva mu cari, ugwa hasi ahantu hakanye cane. Umuntu akurikirana ibitungwa arahaca, abona ka kanyoni kagomba kwicwa nimbeho, aca aragatora buhoro buhoro agashira mu mase yinka. Ka kanyoni karyohewe nuko gasusurutse, gaca gatangura kuvuga kajwira. Hanyuma imbwebwe irakumva ica ivuga iti: daronse ikirirenza. Hanyuma ya mbwebwe irakegera, igakura muri ya mase, iragahanagura icikabwira iti: Ifate neza ndakurotse. Ka kanyoni kamaze kubona ko atako kabigenza ngo karokoke, gaca kagenda karavuga gati: Urantabaye kunkura aha hantu na kare nari ndahagorewe

Vous aimerez peut-être aussi