Vous êtes sur la page 1sur 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl

"Nukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro 60 fr
N23/2011

29/5/2011 IDOMINIKA YA GATANDATU YA PASIKA Umwaka- A

Yezu aragukunda, arakuzi mwizina ryawe


Muvukanyi, nubizirikane neza: nta kindi cazanye Yezu kwisi atari wewe. Akuzi utaranabaho. Arakuzi kuva ugisamwa. Intambwe zubuzima bwawe zose arazizi. Arazi ivyagushikiye vyose, arazi intege nke zawe kandi arakwitwararitse. Yaritanze, aremera gushinyagurizwa, gukubitwa, kwambikwa amahwa, kubambwa kugira ngo ukire. Yapfuye kubwawe ngo agukize ingoyi zigicumuro. Urupfu si rwo rwaronse ijambo rya nyuma. Yarazutse, ubu ni muzima. Intsinzi yizuka ryiwe, ni intsinzi yawe. Izuka ryiwe ryerekana ko afise ububasha kuri vyose, no ku rupfu nyene. Ni co gituma nurupfu rwawe canke rwabawe rutogutera ubwoba: inyuma yarwo hari akanyamuneza kubuzima budahera. Yezu yuzuye urukundo nikigongwe. Abamubamvye yabasubije urukundo nikigongwe, abasabira avuga ati: Bagirire ikigongwe ntibazi ico bakora. Numusabe kugira ngo inkuka yiwe igurtyorore, gushika aho wibera pfa mpfe na we. Urukundo agufitiye nurwimyaka yose. None rero ntiwigere umuvirira ngo uje kure yiwe, ngo ukore ibiteye kubiri nishaka ryiwe. Ukwo uri kwose arakwakira. Azoza arakwihishurira buke buke gushika aho muzocika abagenzi. Nutangarire urukundo rwiwe, umusenge, utazire izina ryiwe risumba ayandi mazina yose. Muture ibisabisho vyawe, uzoronka inyishu. Ariko ntushire imbere ishaka ryawe, shira imbere ishaka ryiwe. Zirikana kenshi amajambo yavuze, azogushiramwo ivyiyumviro birashe, bitomoye, bigufasha gutunganya neza ubuzima bwawe no kwitwararika urukiza rwisi yose. Azoguhishurira ishaka ryiwe, nawe urigenderemwo. Ni watekana ukumviriza ijwi rya Mutima Mweranda, uzogira umwidegemvyo wabana bImana muri Ekleziya nyeranda yagenewe bose kandi yabatumwa. Ewe Yezu warakoze ko wankunze, ukacagagura imvuto sekibi yashaka kumboheramwo.

Mbega akanyamuneza! Ku munsi wa kane igenekerezo rya 2 Ruheshi,


tuzo-himbaza umunsi mukuru wiyurira mwijuru rya Yezu Asensiyo. Ni umunsi mukuru utegerezwa. Abakristu bategerezwa kuwuhimbaza nkumusi wImana nka kurya kwo kuri Noheli, ku musi mukuru wiyurizwa mwijuru rya Bikira Mariya, no ku munsi wAbera-nda bose. Aho Yezu azukiye, yaramenyereje abigishwa biwe ukubana nabo gutanduka-nye nukwimbere ya Pasika, kuko yarashobora guseruka muri bo batabonye iyo azana-nye. Yarabaremesheje mu kubigisha ukunywana nawe kunyengetera gushika kure, arugu-rura ubwenge bwimitima yabo ngo bashobore kumutegera, bategere nubutumwa bari bimirije kuronka. Iminsi mirongo ine iheze yaciye yurira mwijuru, abigishwa nabo bari buzuye akanyamuneza kenshi, akanyamuneza kimbere mu mutima ata muntu numwe ashobora kubuzuza atari YezuKristu wenyene. Ububasha bwako buzobatuma gushikana ubutumwa iyo isi igarukira. Ni dukirurutse umutima rero mu guhamvya abatumwa umwe wese ku buryo bumuba-ngukiye dukoresheje ubuzima bwacu nitorwa ryacu dufashijwe nubukomezi bwa Mutima Mweranda. Ukwurira mwijuru kwa Yezu ni intsinzi yiwe, intsinzi yizuka kuri ico cose gicinyiza umuntu, kikamubuza kuba nkuko Imana ishaka. Ukwurira mwijuru kwa Yezu kubohora umuntu, kukamuvyura agahagarara mu kwemera, kubera ko kunyengetera kandi kukanyigimvya nububasha bwo mwijuru. Ukwo kwurira, kubuza umuntu kwemera ko ubuzi-ma bwiwe buri mu minwe yububasha atazi canke mu minwe yubuhinga bwo kubura ibintu mu kwihweza ibimuri vyo mu kirere. Uwamaze kubohorwa na Kristu aca afata mu minwe kahise kiwe agategura kazoza kiwe. Ukwurira mwijuru kwa Yezu gukwiragiza ububasha bwizuka kwisi nibiyibako. Ukuzuka si ivyashikiye Yezu gusa, ni ishingwa ryisi nshasha twebwe nyene dufashanya gutunganya nImana. Frera Sprio NIBIGIRA

Twumvirize iryo Imana ituyagira

IDOMINIKA YA GATANDATU YA PASIKA-A IGISOMWA CA 1: Ibik. 8, 5-8. 14-17 Barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda Ivyo dusoma mu gitabu cIbikorwa vyAbatumwa Muri irya minsi, Filipo yari yamanutse mu gisagara ci Samariya kumenyesha Kristu. Abamutega yompi bari indiri, kuko bose bumva canke bakibonera ibitangaro yakora. Abari biziziwe na shetani, yarabavamwo ikagenda iraboroga; kandi abari bamugaye n'abacumbagira benshi yarabakiza. Igisagara cose cari mu kanyamuneza. Abatumwa bo bari bagumye i Yeruzalemu, bumvise ko Samariya imaze kwigishwa ijambo ryImana, barungikayo Petero na Yohani. Na bo bamaze gushikayo, barabasabira ngo Mutima Mweranda abazeko; bari bamaze kubatizwa gusa kwizina ry'Umukama Yezu, mugabo nta numwe yari bwaronke Mutima Mweranda. Nya batumwa rero barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda. IGISOMWA CA KABIRI:1P 3, 15-18 Yarishwe ku vy'umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy'umutima Ivyo dusoma mwibaruwa 1 ryUmutumwa Petero: Ncuti zanje: Ni mwubahe mu mishaha yanyu Umukama Yezu, mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero. Mubigirane icubahiro, n'umutima wanyu utekanye, kugira ngo, kubera imigenzo myiza mufise muri Kristu, ababa1. Ngo abatumwa barasabiye abari bamaze kwemera Yezu, hanyuma baca babagaranzurirako ibiganza, nabo baronka Mutima Mweranda. Nkuko twabizirikanye mu numero iheruka, Filipo yari umwe muri bamwe 7 bari batowe ngo bunganire Abatumwa na cane cane mu kwitwararika abakene, abapfakazi nimpfuvyi. Mugabo Filipo ntiyagumye muri ivyo bikorwa vyonyene, yari yategereye ko abwirizwa gushingira intahe izuka rya Yezu-Kristu mu nyigisho. Yaciye rero aja muri Samariya; naho nyene binuba abanyasamariya, maze abigisha ivyerekeye Yezu-Kristu, intumwa yImana akaba nUmwana wImana. Aho abanyasamariya bitwa ko ari abahakanyi cane mbere bakarabwa nkibicibwa, nkabatazi Imana yukuri, hari nababagereranya nabapagani. Aho Filipo abigishirije inkuru nziza ya Yezu Kristu, abo bantu bayakiranye igishika, barayemera, mbere bemera nukubatizwa kwizina rya Yezu Kristu; Imana nayo mukubishigikira iha ububasha Filipo bwugukora ibitangaro vyinshi biherekeza inyigisho ziwe: Abiziziwe namashetani akabavamwo, ibimuga nabagwaye bagakira. Gurtyo Ekleziya yari yerekanye icese ko Abayahudi atari bonyene barungikiwe urukiza muri Yezu Kristu, ko abantu bo kwisi yose bagenewe kumenya Yezu Kristu. Abo banyasa-

beshera bateterwe mu kubavuga nabi. Na none, mwopfuma mubabara muhorwa iciza mukora, iyo ari ico Imana ishaka, hako muhorwa inabi. Nangwa na Kristu we nyene yarapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, We ntungane apfira abononyi, kugira ngo adushikane ku Mana. Yarishwe ku vyumubiri. Ariko yarasubiye kuba muzima ku vyumutima. INKURU NZIZA: Yo.14, 15-21. Nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mutabazi Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani: Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: Ni mwaba munkunda, muzozigama amabwirizwa yanje, nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana iminsi yose. Azobaha Mutima wukuri, isi idashobora kwakira kuko itamubona ntinamumenye. Mweho muramuzi kuko abana namwe kandi ari muri mwebwe. Sinzobasiga muri impfuvyi, ko ndi muri Data, namwe muri jewe, nanje muri mwebwe. Uwakira amabwirizwa yanje akayazigama, niwe ankunda: na we uwunkunda azokundwa na Data, nanje nyene nzomukunda nongere ndamwimenyeshe. mariya bari babaye nkikiraro kijabukana ukwemera mu ntara zabapagani, nazo zabwirizwa gushikiriza inkuru nziza yurukiza. Abatumwa bari basigaye i Yeruzalemu bavyumvise baca babonamwo ikimenyetso cImana, Petero na Yohani baciye barenga ku gakengerwe abayahudi bari bafitiye abanyasamariya, baragenda i Samariya, bashitseyo barasabira abari bamaze kwemera barabatizwa, babagaranzurirako ibiganza nabo baronka Mutima Mweranda, binjira icese mu muryango wabemera Yezu-Kristu. 2. Yezu Kristu ati: Uwakiriye amabwirizwa yanje akayagumya, uwo niwe aba abaye umugendanyi wanje wukuri. Imbere yuko asubira kwa Se wiwe, mu gusezera abigishwa biwe, Yezu yabasigaranye iragi rihambaye, kugira ngo naho batazoba bakimubona namaso, baze bagume barikumwe nawe, cane cane mu kugumya ivyo yabigishije no mukurangura amabwirizwa yabahaye. Naho ari umwigisha wabo akaba numukiza, ntiyagomvye kubatwaza umukazo canke ngo bagenzwe nubwoba, yashaka nyabuna ko imigenderanire afitaniye nabo yoshimikira kurukundo. Nico gituma yababwiye ati: Ni mwaba munkunda muzogumya amabwirizwa yanje. Bagumije ayo mabwirizwa yiwe bazoba berekanye ko bamukunda, nawe abemerera ko azosaba Se ngo abarungikire uwundi muhoza azohorana nabo. Uwo nawe ni Mutima Mweranda, umwe nyene yoheje abahanuzi ivyo bavuze, akaba kandi azobamurikira akongera akabaremesha mu butumwa bashinzwe bwo kumushingira intahe mu maku-

ngu. Uwo Mutima Mweranda abisi ( nukuvuga abatemera Kristu) ntibababaye kumwakira kandi ntibamuzi, ariko abigishwa ba Yezu bo baramuzi kuko bemeye bakanywana nawe. Nico gituma naho Yezu agiye, abo bigishwa biwe atabasize ari impfuvyi bazosubira kumubona mu kwemera kwabo bamenye ko yatsinze urupfu, ko ari muzima, ariko abisi( nukuvuga abo batamwemera), bo ntibazosubira kumubona. Abamwemera bari mu nzira yubuzima bwamaho, kandi barazi ko Yezu ari muri Se, Data nawe akaba muri Yezu kuko Data na Mwana ari Imana imwe mu bumwe bwa Mutima Mweranda. Kandi ubwo bunywanyi bwa Data na Mwana ntibuhamagariwe abagendanye na Yezu gusa, bakamwibonera, ni ubwuwo wese azigama amabwirizwa yiwe akongera akamukunda. Niko hari benshi batiboneye Yezu ariko ntikibuza ko twunga ubumwe nawe, akatwinjiza mu bunywanyi bwa Data na Mwana, mu rukundo rwa Mutima Mweranda. 3. Petero nawe ati: Murame mwiteguriye gusigurira ababaza ico mwemera nico mwizigiye, ariko murabigirana ubwitonzi nicubahiro. Abakristu bambere bari bavavanuye nibigirwa Mana bemera Imana imwe rudende kandi nyeranda. Ariko abo babana ntibategera iyo nyifato; ukamengo ivyo abandi bakora basigaye babikengera. Umutumwa Petero arabaremesha, ababwira ko ivyo bitobahagarika umutima. Ni bemere numutima wabo wose ko Kristu Yezu, we yatsinze urupfu, ariwe musa mweranda. Ni bame kandi biteguriye gusigurira uwo wese ababajije, kuko atangazwa ninyifato yabo ningene bahinduye ingendo, bamwumvishe neza uwo bemera nuwo bizigiye, nigituma bamwizigiye, ariko babigirane urupfasoni, ubwitonzi nicubahiro ata

gutukana. Mugabo insiguro zonyene ntizikwiye; mu buzima bwabo baramana umutima ugororotse mbere nabo babagwanya bakababeshera babone ko bigenza nkintungane za Kristu, kuko bamwemera kandi bunze ubumwe nawe. Na none umuntu yopfuma ahamwa kuko yakoze ineza naho aba arenganijwe, hako ahamwa kubera akabi yakoze; noneho ntaba azize ubusa. Ni turabire kuri Kristu we nyene: naho yari intungane yaradupfiriye kubera ibicumuro vyacu, atwishurira rimwe na rimwe twebwe twari ibicibwa kugira atwugururire inzira ishika ku Mana. Yarishwe kubwumubiri wiwe, ariko ku bwa Mutima yarazutse asubira kuba muzima ubutagipfa. Umukristu rero nuwo yemera ko Kristu yamupfiriye ku rukundo akizigira ubuzima bwamaho dukesha izuka rya Yezu-Kristu. Ukwo kwemera nukwo kwizigira ni vyo bituma umukristu ashobora kurinda amakuba abona ahorwa Yezu. Naho yohamwa canke abandi ntibamutegere, niyihatire kwamana umutima ugororotse, arangwe nimigenzo myiza, hamwe nabatamukunda babona ko bamuhora ubusa, mbere bahave bipfuza gusangira ukwemera nawe. * Bumvise inyigisho za Filipo, abanyasamariya baremeye Yezu naho bahora bakumirwa nabayahudi. None ubwo tweho ntabo dukumira twitwaje ivyo tudahuriyeko, tugatinya no kubegera ngo tubahanure? * Yezu ntiyadusize turi impfuvyi, yaraturungikiye Mutima Mweranda ngo atwuzuzemwo ukwizigira nurukundo mu mitima yacu.None ubwo turamuyobokera? * Kumbure hari abatadutegera mu kwemera kwacu. None turabishurana ubwitonzi nicubahiro, tukabereka uturorero twiza ninyifato ibereye abakristu? Umukama naduhezagire. Amen!

Muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira...( Ibik. 1,8).


Igihe cari gitegekanijwe ko amara kwisi giheze, Yezu yaruriye mwijuru; ariko imigambi yiwe yo gutsimbataza ubwami bwImana ntiyahagaze. Igikorwa co gusamiriza Inkuru Nziza y'urukiza carabandanije gushika nubu. Yagishize mu minwe yabatumwa nababasubiriye, abasezeranira kuzokwamana nabo gushika ku musi w'imperuka. Kugira ngo babe ivyabona vyukuri kandi barangurane ubutwari igikorwa Yezu abasigiye, Yezu yababwiye ko azobanza kubarungikira Mutima Mweranda kugira ngo yame abaremesha, abahe ubukomezi. Umutumwa Petero yarabaye umugendanyi wa Yezu mu myaka itatu amubona amaso mu yandi. Yezu amaze kwurira mwijuru, Petero yabaye umugendanyi wa Yezu mu gukora uko Yezu yakoze. Na twebwe nyene twararonse Mutima Mweranda; niwe adushoboza kurangura ubutumwa bwo kumenyesha ijambo ryiwe ryurukiza no kumubera ivyabona aho duherereye. Ese twese twotegera ikivi Yezu yadusigaranye ngo dutangaze Inkuru nziza yakanyamuneza. Ese aho azogarukira yodusanga tuberewe no kwinjira mwijuru hamwe nawe. Ku musi wa gatanu ukurikira umusi mukuru wa Asensiyo, Ekleziya iratwinjiza mu gihe gihambaye cimisi icenda yo kwitegurira umusi mukuru wa Pentekoti. Twinjirane ubwira murico gihe kugira ngo dusabe Mutima Mweranda anagure imitima yacu, igihugu cacu, Ekleziya yacu; maze atugire bashasha ngo tubashe kuba ivyabona vyubwami bwImana muriki gihe ubuziramana nubuzuyazi buza buribonekeza.

Umukama yama hafi yacu; tumwirukire mu bihe vyose. Iyo uremerewe namaganya ufise, Soma muri Yohani 14, 1-3; Iyo hari abakuvuga nabi soma izaburi ya 27; Iyo ushaka kuganzwa nishavu, soma kwa Matayo 6, 19-30; Iyo ugeze ahatemba, soma izaburi ya 5; Iyo wumva uri inyakamwe kandi ubwoba bukurembeje, soma muri Izaya 23; Kugira ngo ushikire ubuhirwe bwuzuye, soma mu bakolossi 3, 12-17; Iyo ufise ubukazi ukaba ni-mvuzi ya menshi, soma mu bakorenti 13; Mu gihe wihebuye, soma mu baromani 8, 31-39; Mu gihe urutisha Imana ivyisi, soma izabuli ya 50; Ivyo rero nubishire ku muzirikanyi, Imana niguhezagire.

Usabire bagenzawe bitiranwa nabo beranda


Umusi Ku wa 1, Ku wa 2, Ku wa 3, Ku wa 4, Ku wa 5, Ku wa 6, 30/5 31/5 1/6 2/6 3/6 4/6 Aberanda dusaba Jeane Arc na Baziliyo
B.M agenda kuramutsa Elizabeti Ku wImana, 29/5 Andreya na Maximino

Justino Umusi mukuru wa Asensiyo Karoli Lwanga na bagenziwe Franisko Caracciolo na Optato

Injili yuno musi Yo. 14, 15-21 Data azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana Yo. 15, 26--16,4a Na mwebwe nyene muzonshingira intahe Luk.1, 39-56 Urahiriwe wewe wemeye kwiryo watumweko rizotaha Aho Mutima wukuri azozira azobahishuka ukuri kwose Yo. 16, 12-15 Mt. 28,16-20 Genda mwigishe abntu bose, mubigishe vyo nababwiye Yo. 16, 20-23a Amaganya yanyu azohinduka agahimbare Yo. 16, 23b-28 Ico muzosaba Data azokibaha kwizina ryanje.

MPAMAGARIRA AMAHORO
Uri nde wewe undunguruka? Mpamagarira karunguruka uti garukira ka kari kari karitswe mwizinga rya nyaburunga Uburundi bukiri izina butarizizirwa namahano yamoko yatumye twikotora mu kwikokora abodukomye ishwashwa. Ntabariza uti ka kari kari muri rya shami, shami yari yakoye ku mutumba Burundi none ubuswi buzwiragirira mu karere kuko kirera yikuye ku muvyeyi akari gasigaye mwirungu atacamira atacamama. Yooh! Yooh!!! Naratuntujwe numubanyi ntasize inyuma umubano wo waraba irarirari irarikwa ryabonse rimwe bakinama rimwe gateranya atarapima amazuru ngo atuzungagirize mu manga ahari impundu ngo harangwe ninduru, ahari abagabo ngo harangwe nakagayo ko kubura ijambo uwari niryo asasirwa indava ku nama hahinduka kwibambiro. Ehe twarengeye kubo tudasangiye ivyiyumviro tubicishije mu migambwe tudasize inyuma ca gisizimwe camoko catwonkoye ababanyi none dusigaye twipfumbereje. Ehe uwishe ntakigira umwishwa yirirwa arishongora ngo ngahaho turatewe kuko yatewe guhahamurana nabo yahamye akaruhira gusesa amaraso yintungane. Intuntu iturikira mu miryango ba misigaro birirwa bisiba ngwese icompa ngahora abanje, bakibagira ko guhora arukwImana mudahetwa. Mbega Burundi uvahe ukajahe? Mbariza ba nyawamama imigambi nimigabo kanatsinda kuva narindi Uburundi bwamanye abagabo batavirira akaranga bakarangira abangushi guhisha ububi nubumara ngo birinde kumara bene Mana kuko twese twaremwe na Rudasumbwa ari We Mana muremyi wa twese. Ngiyo ya nzira izira inzinguzingu yaravumerewe ngo: Barundi vire hasi rimwe mwime amatwi izo ntezi zamacakubiri ngo dutsimbataze ukurekuriranira nugusubiza hamwe vyo nkingi yamahoro adakama kandi adakumira. Uwamaze kunywa kuriryo riba ryamahoro ahora abwira abandi ico yabonye akakirata akibuka amabi yabonye akayarengera akarenga imirambi atarambirwa ajanywe nukugumbira uwamwambuye umuryango ati: garuka murundi twubake igihugu twahawe nUwaturemye atakurabana nkinkoko nakagomba kandi turi abantu. Ingo turengere gusesa amaraso dutake Uburundi bwacu ubugufi nuburebure nkigitenge gitatswe amabara atandukanye kigatuma uwucambaye aberwa. Ndanyotewe!!! Wewe undaba rabana nuwuri iburyo nibubamfu bwawe murwane mu nda muhane indamutso ngo turamutse abarundi nabarundikazi ikaze ryamahoro atari amahorerane bidusage. Ndaciye ku mayange. Frera Thophile MANIRAKIZA

Ibirwanisho vyugutuza shetani nabakozi bayo. 1. Ukwemera. (Eph. 6, 21). 2. Igisabisho Yezu yatwigishije ca : Dawe wa twese"
3. Igisabisho ca Yezu (Yo. 17, 12): Dawe barinde ububisha. 4. Guhamagara izina rya Yezu. 5. Kwambaza amaraso meranda ya Yezu ngo adukingire. 6. Kwambaza inguma nyeranda za Yezu: tuzihamagaye, tuba dukingiwe imibabaro. 7. Gusoma kenshi Ijambo ryImana: Ni yo nkota ituza shetani. 8. Guhamagara Mutima Mweranda: Niwe arwanya shetani. 9. Kwizera ubukomezi bwa Ekleziya: Nigitero kirwanya shetani. 10. Kwemera Amasakramentu: Ukaristiya: Dusangiye umubiri namaraso vya Yezu dufise umutima mwiza, tuba dukingiwe ibitero vya shetani. Nkako, amashetani aratinya Ukaristiya. 11. Guhabwa kenshi isakramentu ryikigongwe: Kwirega kenshi bituma tujegenyura ububasha bwa shetani. Utinye kwirega, uba wugururiye shetani urugi. 12. Kwizera Bikira Mariya ngo aturwanire. Bikira Mariya niwe musa yaronse ububasha bwo guhonyora shetani, kubwububasha bwUmwana wiwe no mukwicisha bugufi kwiwe. 13. Kwinjira kenshi mu dusengero twitiriwe Bikira Mariya: Ni yo mavuriro dusangamwo imiti ikiza imigera shetani iducucagiramwo. 14. Kuvuga kenshi ishapule yamagorwa ya Bikira Mariya. Ico gisabisho Kiravundagaza hasi shetani. 15. Guhamagara tudatinya Abamalayika barinzi: Abamalayika baraturwanira iyo dutewe namashetani. 16. Gukoresha amazi ahezagiye, ububani buhezagiye, umusalaba uhezagiye. Shetani iratetemera iyo igeze imbere yumusalaba uhezagiye, umunyu uhezagiye. 17. Igisabisho cukuninahaza Ubutatu Bweranda: Louange. 18. Igisabisho ca Yeriko. 19. Igisabisho nukwisonzesha: Ni yo mababa abiri adufasha kuguruka tuja ku Mana. 20. Gukumira ibintu vyose twibaza ko vyatuboshe, bitubuza gusenga Imana. DUCISHEMWO DUTWENGE: Abagabo babiri bajanye umusazi kwa muganga wingwara zo mu mutwe. Haheze iminsi, umutegetsi umwe aragendera ico kigo cabarwaye indwara zo mu mutwe aherekejwe nabajejwe intwaro hamwe nabanyagihugu. Wa musazi arabihweza aca avuga ati: Jewe mbona maze ukwezi kwose ngaha kandi nazwanywe nabantu babiri gusa. Hari akantu uyo nawe mbona aje azanywe nigihugu cose. Emwe we azohamerera imvi.

Vous aimerez peut-être aussi