Académique Documents
Professionnel Documents
Culture Documents
mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl
Igiciro 60 fr
N23/2011
IDOMINIKA YA GATANDATU YA PASIKA-A IGISOMWA CA 1: Ibik. 8, 5-8. 14-17 Barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda Ivyo dusoma mu gitabu cIbikorwa vyAbatumwa Muri irya minsi, Filipo yari yamanutse mu gisagara ci Samariya kumenyesha Kristu. Abamutega yompi bari indiri, kuko bose bumva canke bakibonera ibitangaro yakora. Abari biziziwe na shetani, yarabavamwo ikagenda iraboroga; kandi abari bamugaye n'abacumbagira benshi yarabakiza. Igisagara cose cari mu kanyamuneza. Abatumwa bo bari bagumye i Yeruzalemu, bumvise ko Samariya imaze kwigishwa ijambo ryImana, barungikayo Petero na Yohani. Na bo bamaze gushikayo, barabasabira ngo Mutima Mweranda abazeko; bari bamaze kubatizwa gusa kwizina ry'Umukama Yezu, mugabo nta numwe yari bwaronke Mutima Mweranda. Nya batumwa rero barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda. IGISOMWA CA KABIRI:1P 3, 15-18 Yarishwe ku vy'umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy'umutima Ivyo dusoma mwibaruwa 1 ryUmutumwa Petero: Ncuti zanje: Ni mwubahe mu mishaha yanyu Umukama Yezu, mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero. Mubigirane icubahiro, n'umutima wanyu utekanye, kugira ngo, kubera imigenzo myiza mufise muri Kristu, ababa1. Ngo abatumwa barasabiye abari bamaze kwemera Yezu, hanyuma baca babagaranzurirako ibiganza, nabo baronka Mutima Mweranda. Nkuko twabizirikanye mu numero iheruka, Filipo yari umwe muri bamwe 7 bari batowe ngo bunganire Abatumwa na cane cane mu kwitwararika abakene, abapfakazi nimpfuvyi. Mugabo Filipo ntiyagumye muri ivyo bikorwa vyonyene, yari yategereye ko abwirizwa gushingira intahe izuka rya Yezu-Kristu mu nyigisho. Yaciye rero aja muri Samariya; naho nyene binuba abanyasamariya, maze abigisha ivyerekeye Yezu-Kristu, intumwa yImana akaba nUmwana wImana. Aho abanyasamariya bitwa ko ari abahakanyi cane mbere bakarabwa nkibicibwa, nkabatazi Imana yukuri, hari nababagereranya nabapagani. Aho Filipo abigishirije inkuru nziza ya Yezu Kristu, abo bantu bayakiranye igishika, barayemera, mbere bemera nukubatizwa kwizina rya Yezu Kristu; Imana nayo mukubishigikira iha ububasha Filipo bwugukora ibitangaro vyinshi biherekeza inyigisho ziwe: Abiziziwe namashetani akabavamwo, ibimuga nabagwaye bagakira. Gurtyo Ekleziya yari yerekanye icese ko Abayahudi atari bonyene barungikiwe urukiza muri Yezu Kristu, ko abantu bo kwisi yose bagenewe kumenya Yezu Kristu. Abo banyasa-
beshera bateterwe mu kubavuga nabi. Na none, mwopfuma mubabara muhorwa iciza mukora, iyo ari ico Imana ishaka, hako muhorwa inabi. Nangwa na Kristu we nyene yarapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, We ntungane apfira abononyi, kugira ngo adushikane ku Mana. Yarishwe ku vyumubiri. Ariko yarasubiye kuba muzima ku vyumutima. INKURU NZIZA: Yo.14, 15-21. Nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mutabazi Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani: Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: Ni mwaba munkunda, muzozigama amabwirizwa yanje, nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana iminsi yose. Azobaha Mutima wukuri, isi idashobora kwakira kuko itamubona ntinamumenye. Mweho muramuzi kuko abana namwe kandi ari muri mwebwe. Sinzobasiga muri impfuvyi, ko ndi muri Data, namwe muri jewe, nanje muri mwebwe. Uwakira amabwirizwa yanje akayazigama, niwe ankunda: na we uwunkunda azokundwa na Data, nanje nyene nzomukunda nongere ndamwimenyeshe. mariya bari babaye nkikiraro kijabukana ukwemera mu ntara zabapagani, nazo zabwirizwa gushikiriza inkuru nziza yurukiza. Abatumwa bari basigaye i Yeruzalemu bavyumvise baca babonamwo ikimenyetso cImana, Petero na Yohani baciye barenga ku gakengerwe abayahudi bari bafitiye abanyasamariya, baragenda i Samariya, bashitseyo barasabira abari bamaze kwemera barabatizwa, babagaranzurirako ibiganza nabo baronka Mutima Mweranda, binjira icese mu muryango wabemera Yezu-Kristu. 2. Yezu Kristu ati: Uwakiriye amabwirizwa yanje akayagumya, uwo niwe aba abaye umugendanyi wanje wukuri. Imbere yuko asubira kwa Se wiwe, mu gusezera abigishwa biwe, Yezu yabasigaranye iragi rihambaye, kugira ngo naho batazoba bakimubona namaso, baze bagume barikumwe nawe, cane cane mu kugumya ivyo yabigishije no mukurangura amabwirizwa yabahaye. Naho ari umwigisha wabo akaba numukiza, ntiyagomvye kubatwaza umukazo canke ngo bagenzwe nubwoba, yashaka nyabuna ko imigenderanire afitaniye nabo yoshimikira kurukundo. Nico gituma yababwiye ati: Ni mwaba munkunda muzogumya amabwirizwa yanje. Bagumije ayo mabwirizwa yiwe bazoba berekanye ko bamukunda, nawe abemerera ko azosaba Se ngo abarungikire uwundi muhoza azohorana nabo. Uwo nawe ni Mutima Mweranda, umwe nyene yoheje abahanuzi ivyo bavuze, akaba kandi azobamurikira akongera akabaremesha mu butumwa bashinzwe bwo kumushingira intahe mu maku-
ngu. Uwo Mutima Mweranda abisi ( nukuvuga abatemera Kristu) ntibababaye kumwakira kandi ntibamuzi, ariko abigishwa ba Yezu bo baramuzi kuko bemeye bakanywana nawe. Nico gituma naho Yezu agiye, abo bigishwa biwe atabasize ari impfuvyi bazosubira kumubona mu kwemera kwabo bamenye ko yatsinze urupfu, ko ari muzima, ariko abisi( nukuvuga abo batamwemera), bo ntibazosubira kumubona. Abamwemera bari mu nzira yubuzima bwamaho, kandi barazi ko Yezu ari muri Se, Data nawe akaba muri Yezu kuko Data na Mwana ari Imana imwe mu bumwe bwa Mutima Mweranda. Kandi ubwo bunywanyi bwa Data na Mwana ntibuhamagariwe abagendanye na Yezu gusa, bakamwibonera, ni ubwuwo wese azigama amabwirizwa yiwe akongera akamukunda. Niko hari benshi batiboneye Yezu ariko ntikibuza ko twunga ubumwe nawe, akatwinjiza mu bunywanyi bwa Data na Mwana, mu rukundo rwa Mutima Mweranda. 3. Petero nawe ati: Murame mwiteguriye gusigurira ababaza ico mwemera nico mwizigiye, ariko murabigirana ubwitonzi nicubahiro. Abakristu bambere bari bavavanuye nibigirwa Mana bemera Imana imwe rudende kandi nyeranda. Ariko abo babana ntibategera iyo nyifato; ukamengo ivyo abandi bakora basigaye babikengera. Umutumwa Petero arabaremesha, ababwira ko ivyo bitobahagarika umutima. Ni bemere numutima wabo wose ko Kristu Yezu, we yatsinze urupfu, ariwe musa mweranda. Ni bame kandi biteguriye gusigurira uwo wese ababajije, kuko atangazwa ninyifato yabo ningene bahinduye ingendo, bamwumvishe neza uwo bemera nuwo bizigiye, nigituma bamwizigiye, ariko babigirane urupfasoni, ubwitonzi nicubahiro ata
gutukana. Mugabo insiguro zonyene ntizikwiye; mu buzima bwabo baramana umutima ugororotse mbere nabo babagwanya bakababeshera babone ko bigenza nkintungane za Kristu, kuko bamwemera kandi bunze ubumwe nawe. Na none umuntu yopfuma ahamwa kuko yakoze ineza naho aba arenganijwe, hako ahamwa kubera akabi yakoze; noneho ntaba azize ubusa. Ni turabire kuri Kristu we nyene: naho yari intungane yaradupfiriye kubera ibicumuro vyacu, atwishurira rimwe na rimwe twebwe twari ibicibwa kugira atwugururire inzira ishika ku Mana. Yarishwe kubwumubiri wiwe, ariko ku bwa Mutima yarazutse asubira kuba muzima ubutagipfa. Umukristu rero nuwo yemera ko Kristu yamupfiriye ku rukundo akizigira ubuzima bwamaho dukesha izuka rya Yezu-Kristu. Ukwo kwemera nukwo kwizigira ni vyo bituma umukristu ashobora kurinda amakuba abona ahorwa Yezu. Naho yohamwa canke abandi ntibamutegere, niyihatire kwamana umutima ugororotse, arangwe nimigenzo myiza, hamwe nabatamukunda babona ko bamuhora ubusa, mbere bahave bipfuza gusangira ukwemera nawe. * Bumvise inyigisho za Filipo, abanyasamariya baremeye Yezu naho bahora bakumirwa nabayahudi. None ubwo tweho ntabo dukumira twitwaje ivyo tudahuriyeko, tugatinya no kubegera ngo tubahanure? * Yezu ntiyadusize turi impfuvyi, yaraturungikiye Mutima Mweranda ngo atwuzuzemwo ukwizigira nurukundo mu mitima yacu.None ubwo turamuyobokera? * Kumbure hari abatadutegera mu kwemera kwacu. None turabishurana ubwitonzi nicubahiro, tukabereka uturorero twiza ninyifato ibereye abakristu? Umukama naduhezagire. Amen!
Umukama yama hafi yacu; tumwirukire mu bihe vyose. Iyo uremerewe namaganya ufise, Soma muri Yohani 14, 1-3; Iyo hari abakuvuga nabi soma izaburi ya 27; Iyo ushaka kuganzwa nishavu, soma kwa Matayo 6, 19-30; Iyo ugeze ahatemba, soma izaburi ya 5; Iyo wumva uri inyakamwe kandi ubwoba bukurembeje, soma muri Izaya 23; Kugira ngo ushikire ubuhirwe bwuzuye, soma mu bakolossi 3, 12-17; Iyo ufise ubukazi ukaba ni-mvuzi ya menshi, soma mu bakorenti 13; Mu gihe wihebuye, soma mu baromani 8, 31-39; Mu gihe urutisha Imana ivyisi, soma izabuli ya 50; Ivyo rero nubishire ku muzirikanyi, Imana niguhezagire.
Justino Umusi mukuru wa Asensiyo Karoli Lwanga na bagenziwe Franisko Caracciolo na Optato
Injili yuno musi Yo. 14, 15-21 Data azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana Yo. 15, 26--16,4a Na mwebwe nyene muzonshingira intahe Luk.1, 39-56 Urahiriwe wewe wemeye kwiryo watumweko rizotaha Aho Mutima wukuri azozira azobahishuka ukuri kwose Yo. 16, 12-15 Mt. 28,16-20 Genda mwigishe abntu bose, mubigishe vyo nababwiye Yo. 16, 20-23a Amaganya yanyu azohinduka agahimbare Yo. 16, 23b-28 Ico muzosaba Data azokibaha kwizina ryanje.
MPAMAGARIRA AMAHORO
Uri nde wewe undunguruka? Mpamagarira karunguruka uti garukira ka kari kari karitswe mwizinga rya nyaburunga Uburundi bukiri izina butarizizirwa namahano yamoko yatumye twikotora mu kwikokora abodukomye ishwashwa. Ntabariza uti ka kari kari muri rya shami, shami yari yakoye ku mutumba Burundi none ubuswi buzwiragirira mu karere kuko kirera yikuye ku muvyeyi akari gasigaye mwirungu atacamira atacamama. Yooh! Yooh!!! Naratuntujwe numubanyi ntasize inyuma umubano wo waraba irarirari irarikwa ryabonse rimwe bakinama rimwe gateranya atarapima amazuru ngo atuzungagirize mu manga ahari impundu ngo harangwe ninduru, ahari abagabo ngo harangwe nakagayo ko kubura ijambo uwari niryo asasirwa indava ku nama hahinduka kwibambiro. Ehe twarengeye kubo tudasangiye ivyiyumviro tubicishije mu migambwe tudasize inyuma ca gisizimwe camoko catwonkoye ababanyi none dusigaye twipfumbereje. Ehe uwishe ntakigira umwishwa yirirwa arishongora ngo ngahaho turatewe kuko yatewe guhahamurana nabo yahamye akaruhira gusesa amaraso yintungane. Intuntu iturikira mu miryango ba misigaro birirwa bisiba ngwese icompa ngahora abanje, bakibagira ko guhora arukwImana mudahetwa. Mbega Burundi uvahe ukajahe? Mbariza ba nyawamama imigambi nimigabo kanatsinda kuva narindi Uburundi bwamanye abagabo batavirira akaranga bakarangira abangushi guhisha ububi nubumara ngo birinde kumara bene Mana kuko twese twaremwe na Rudasumbwa ari We Mana muremyi wa twese. Ngiyo ya nzira izira inzinguzingu yaravumerewe ngo: Barundi vire hasi rimwe mwime amatwi izo ntezi zamacakubiri ngo dutsimbataze ukurekuriranira nugusubiza hamwe vyo nkingi yamahoro adakama kandi adakumira. Uwamaze kunywa kuriryo riba ryamahoro ahora abwira abandi ico yabonye akakirata akibuka amabi yabonye akayarengera akarenga imirambi atarambirwa ajanywe nukugumbira uwamwambuye umuryango ati: garuka murundi twubake igihugu twahawe nUwaturemye atakurabana nkinkoko nakagomba kandi turi abantu. Ingo turengere gusesa amaraso dutake Uburundi bwacu ubugufi nuburebure nkigitenge gitatswe amabara atandukanye kigatuma uwucambaye aberwa. Ndanyotewe!!! Wewe undaba rabana nuwuri iburyo nibubamfu bwawe murwane mu nda muhane indamutso ngo turamutse abarundi nabarundikazi ikaze ryamahoro atari amahorerane bidusage. Ndaciye ku mayange. Frera Thophile MANIRAKIZA
Ibirwanisho vyugutuza shetani nabakozi bayo. 1. Ukwemera. (Eph. 6, 21). 2. Igisabisho Yezu yatwigishije ca : Dawe wa twese"
3. Igisabisho ca Yezu (Yo. 17, 12): Dawe barinde ububisha. 4. Guhamagara izina rya Yezu. 5. Kwambaza amaraso meranda ya Yezu ngo adukingire. 6. Kwambaza inguma nyeranda za Yezu: tuzihamagaye, tuba dukingiwe imibabaro. 7. Gusoma kenshi Ijambo ryImana: Ni yo nkota ituza shetani. 8. Guhamagara Mutima Mweranda: Niwe arwanya shetani. 9. Kwizera ubukomezi bwa Ekleziya: Nigitero kirwanya shetani. 10. Kwemera Amasakramentu: Ukaristiya: Dusangiye umubiri namaraso vya Yezu dufise umutima mwiza, tuba dukingiwe ibitero vya shetani. Nkako, amashetani aratinya Ukaristiya. 11. Guhabwa kenshi isakramentu ryikigongwe: Kwirega kenshi bituma tujegenyura ububasha bwa shetani. Utinye kwirega, uba wugururiye shetani urugi. 12. Kwizera Bikira Mariya ngo aturwanire. Bikira Mariya niwe musa yaronse ububasha bwo guhonyora shetani, kubwububasha bwUmwana wiwe no mukwicisha bugufi kwiwe. 13. Kwinjira kenshi mu dusengero twitiriwe Bikira Mariya: Ni yo mavuriro dusangamwo imiti ikiza imigera shetani iducucagiramwo. 14. Kuvuga kenshi ishapule yamagorwa ya Bikira Mariya. Ico gisabisho Kiravundagaza hasi shetani. 15. Guhamagara tudatinya Abamalayika barinzi: Abamalayika baraturwanira iyo dutewe namashetani. 16. Gukoresha amazi ahezagiye, ububani buhezagiye, umusalaba uhezagiye. Shetani iratetemera iyo igeze imbere yumusalaba uhezagiye, umunyu uhezagiye. 17. Igisabisho cukuninahaza Ubutatu Bweranda: Louange. 18. Igisabisho ca Yeriko. 19. Igisabisho nukwisonzesha: Ni yo mababa abiri adufasha kuguruka tuja ku Mana. 20. Gukumira ibintu vyose twibaza ko vyatuboshe, bitubuza gusenga Imana. DUCISHEMWO DUTWENGE: Abagabo babiri bajanye umusazi kwa muganga wingwara zo mu mutwe. Haheze iminsi, umutegetsi umwe aragendera ico kigo cabarwaye indwara zo mu mutwe aherekejwe nabajejwe intwaro hamwe nabanyagihugu. Wa musazi arabihweza aca avuga ati: Jewe mbona maze ukwezi kwose ngaha kandi nazwanywe nabantu babiri gusa. Hari akantu uyo nawe mbona aje azanywe nigihugu cose. Emwe we azohamerera imvi.