Vous êtes sur la page 1sur 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)

Igiciro:100Fr

Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima 24/11/2013 UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI Umwaka C 47/13

Urazi Imana? Emera gupfira ibanga wihebeye.


Kubera ko akarenganyo mu bantu ari kenshi cane, uwemeye gukurikiza nukwisunga ingingo mu gukiranura amatati ningimba, ategerezwa kwemera kwiheba, akihebera ineza, kandi akitangira abandi. Kuko urashobora kugwa mu vyara vyabakamisha akarenganyo, ukahasiga ubuzima kandi ata numwe warondera guhama canke gukorera ikibi. Ni ukwemanga rero ibanga nkiryo, uzi neza ko rishobora kugutwara agatwe. Si ukuvuga ko umuntu yoba yiroshe canke yiyahuye, ariko kandi nta gutinya igitsure canke uruhamo hageze gukora ineza ishimishije. Yezu Kristu yamaze imyaka itatu agendura intara ya Palestina, yigisha Inkuru Nziza yUbwami bwImana, agakora nibitangaro vyinshi. Ubuzima bwiwe bwose bwaranzwe nurukundo nukwicisha bugufi, eka aho yaca hose yagira ineza. Ni co gituma aho yinjira icese I Yeruzalemu yakiranywe impundu nyinshi nkumwami ngo: Hosanna Mwana wa Dawudi. Aragahezagirwa uwuje kwizina ryUmukama. Barerekanye bartyo Ubwami bwiwe numugambi wari wamuzanye kwisi ko ari We Mwana wa Dawudi, Umukiza yari yarabuwe kuva kera nabahanuzi bari barindiriye. Ubwami bwiwe, buratandukanye nubwaha kwisi, ni ubwami bwamahoro nubutungane, bwurukundo nikigongwe, buzira indyane ningimba, ugukumirana nugutotezanya. Ariko ivyo ntivyababujije kumwica babanje kumubamba ku musalaba, aremera ako gashinyaguro kari kagenewe abayobe. Yaremeye arapfira ibanga nigikorwa cari camuvanye mwijuru kwa Se. Igikorwa nkico gishingiye ku kwemera no kumenya vyukuri Imana. Niho umuntu aheza agategera ko ububasha bwiwe burutwa, ko hari ububasha bwImana burengeye na kure ubwabantu. Ariko rero ntawushobora kwemera no gukunda Imana atabona, adashobora gukunda umuntu abona(1Yo. 4,20). Ni co gituma ubu buryo burondera ko ubunywanyi bukomera hagati yabantu ubwabo, no hagati yabantu nImana, maze amahoro agasasagara muri bo kuko aba avuye kandi agaharanirwa nabemera koko Imana. Amahoro nyakuri avyarwa nukuri nubutungane bishigikiwe nurukundo, ku bazi Imana kandi bakemera gupfira ibanga bihebeye. Patiri ol tirandekura

Yezu Kristu Mwami wanje, kuri uyu musi mukuru, aho Ekleziya mawe wacu idutumirira guhimbaza icese ubwami bwawe, nkundira ndakuninahaze, ndakwigine ko uri Umwami wabami, ko inganji yawe iruta izindi zose, kandi ko iyo nganji ari iyimyaka yose. Intebe yubwami bwawe numusalaba, aho duhimbariza ikinyegezwa cugupfa nizuka vyawe. Ku Musalaba niho waturonkeye intsinzi, niho wasamburiye imigambi yose sekibi yari idufitiye ngo itunigire mu menshi. Muri ico kinyegezwa cugupfa nukuzuka kwawe, warerekanye umusesekara wurukundo rukiza kandi rudutumirira kwisubirako no guhinduka, ngo tukugarukeko, wewe Mukiza wacu, wewe Mukiza umwe rudende wisi. Ganza Mukama Yezu muri iyi si yuzuyemwo amadidane. Ganza muri abo bashinzwe gutunganya imigambi yo guteza imbere no kuryohora isi. Ganza mu miryango, usubize itoto urukundo hagati yabana nabavyeyi, abarezi nabarerwa, abatwara nabatwarwa. Ganza muri Ekleziya, mu nzego ziyiyoboye, mu mibano yabasaserdoti nabihebeyimana, mu mibano rukristu. Sambura imigambi yose iva ku nganji itari iyawe, maramaza shetani mu bikorwa vyayo vyose, ibiboneka nivyinyegeje. Izina ryawe ni rimenyekane hose, bose bakubite ibipfukamiro imbere yawe bahayagiza ubwami bwawe nubukuru bwawe. Garura abazimiye, uhoze abababaye, uvure abakomeretse; hangaza Ekleziya, maze muriyo dutangaze ukwemera kwacu, ko uri Umukama wacu yazutse, ukaba Umwami nUmukiza wacu; bose bavyumve, babimenye, babishingire intahe. Ndagusenga mwami wanje(2) nyeninganji Mukama hangama - Hangama hangama hangama - ndagusenga Ndagukunda mwami wanje (2) ewe bwiza butagirinenge - Hangama hangama hangama - ndagukunda Ndakuzamvye Mwami wanje(2) nyenijuru masabo mazima- Hangana hangama hangama- ndakuzamvye Nteriteka mwami wanje(2) wanyihebeye nanje ndakwihebere - Hangama hangama hangama - ndakuzamvye Je nduwawe mwami wanje(2) ndagukuriyubwatsi Mukama - Hangama hangama hangama - Je nduwawe R: Sabwe Mukama Yezu hora ku ngoma.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA UMUNSI MUKURU WA KRISTU MWAMI - C


IGISOMWA CA MBERE: 2 Sam. 5,1-3 Basiga Dawudi ngo abe umwami w'Israeli Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli: Umunsi umwe, imiryango yose yIsraeli yaroye i Hebroni kwa Dawudi, imubarira iti: Raba, twe na wewe dusangiye amaraso. a kera nyene, Sauli akiri ku ngoma, ni wewe wajana inteko zAbanyisraeli; kandi ni wewe Umukama yabwiye ati: Uzoba umwungere wIsraeli, igihugu canje, kandi uzoba umukuru wIsraeli. Uko nikwo abashingantahe bose bIsraeli bashengereye umwami i Hebroni; nuko rero bagiriranira amasezerano imbere yUmukama i Hebroni nyene. Baraheza baramusiga amavuta ngo bamwimike ngo abe umwami wIsraeli. IGISOMWA CA KABIRI: Kolosi 1,12-20 Imana yadushize mu Bwami bw Umwana wayo ikunda cane Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi: cuti zanje: i mukengurukire Imana Data, Yo yaduhaye amagara yugusangira mu muco iragi ryaberanda, iyo yadukuye mu bubasha bwumuzimagiza, idushira mu Bwami bw Umwana wayo ikunda cane, We twaronsemwo urukiza nikigongwe cibicumuro. iwe gashusho kImana itaboneka, niwe yaboneye izuba izina kiremwa cose, kuko muri we ariho vyose vyaremewe, ivyijuru nivyo kwisi, ibiboneka n'ibitaboneka, yaba Abashingwantebe canke ingabo canke Inkomezi canke Intwaza zijuru vyose niwe yabiremye kandi niwe maherezo ya vyose. Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri we. iwe kandi mutwe wumubiri wiwe ariwo Ekleziya. iwe vyose vyamukako, niwe Uranyibuka aho uzogira mu bwami bwawe. Bavukanyi, bakunzi bImana dusangiye ukwemera numuryango muri Yezu Kristu, turiko turahimbazanya urweze uyu munsi mukuru wa KRISTU UMWAMI. Mu ma Paruwase murimwo, mu mibano yose yabiheye Imana, ahenshi mwarawiteguriye mu kugira ca gisabisho ciminsi icenda (Neuvaine); mwararonse inyigisho nkomezakwemera, arizo mfungurwa yumutima ngo mutegere kandi mumenye uwo Kristu uwari we. None twongere dusabe Imana ibandanye ikabura muri twebwe uwo mutima wo kuyibera abatumwa mu muryango wayo duhanze amaso Yezu, We ndongozi yukwemera kwacu akaba ariwe akunogereza. Dufashijwe nibi bisomwa vyeranda, dusabe nkuyu muntu yari abambwe iruhande ya Yezu duti: Uranyibuka aho uzogira mu bwami bwawe. Bavukanyi dusangiye ukwemera, akiriko arigisha ishengero nabatumwa biwe, abantu bamwe ntibategera neza uwo ari, nigituma yigisha nkumuntu ari nubukuru agakora nimenyetso zitangaje; abandi nabo bamubonamwo ububa-

mfura yabapfuye, kugira ngo abe uwambere muri vyose, kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose uvyagira muri Kristu, igashima ko kubwiwe vyose bisubira kwuzura na yo, ari ivyo kwisi ari ivyo mwijuru, igihe yazana amahoro kubwamaraso yasheshe ku musalaba. INKURU NZIZA: Lk. 23, 35-43 Umwami yihebeye igihugu ciwe Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Bamaze kubamba Yezu, igihugu cari aho kirorera, abakuru na bo baramutwengera mwijigo, bati: Yakijije abandi, ni yikize we nyene, ni yaba ari Kristu wImana, Intore yayo! Abasirikare baramutwenga na bo nyene, baregera ngo bamuhereze isiki, bamubarira bati: i waba uri umwami wAbayahudi, ni wikize wewe nyene! Hejuru yiwe kandi hari urwandiko ngo: Uyu ni umwami wAbayahudi. Umwe muri nya babisha bari babambanywe na we aramutuka ati: Mbega, uri Kristu? i wikize wewe nyene, udukize natwe! Ariko, uwundi aramwishura amukankamira, ati: tumenya kwubaha Imana, wewe upfuye rumwe na we! Tweho tuzize ikiri ukuri, tuzize ico twakoze; ariko uyu we, nta kabi namba yakoze. Araheza abarira Yezu ati: Yezu, uranyibuka aho uzogira mu Bwami bwawe. Yezu aramwishura ati: dakubariye ivyukuri uyu munsi tuza kuba turi kumwe mwIparadizo! sha bwahebuje, ari na co catuma bamwoma amaguru inyuma kuko bagira bati: nta muntu yoshobora kwigisha no gukora ibitangaro atari kumwe nImana canke atari Imana. Ivyo rero turabibonera muri aya majambo yavugiwe aho Yezu yarabambiwe. Bamwe bakamutwenga ngo ko yamye akiza abandi, niyikize nawe yongere yikure ku musalaba, niyaba ari Umwana wImana nIntore yayo. Abandi nabo bati: niwaba uri umwami niwikize wewe nyene. Mu yandi majambo kandi tuzirikanye neza, turabona ko abo bantu bose bariko baremeza ico Yezu yari, ubumana bwiwe nubwami bwiwe kuko bamubamvye ku musalaba bagira ngo biraheze ntagisubira kuboneka. None ubwami bwiwe bugenze bute? Ni ubwami bushingiye kuki? Ubwami bwa Yezu Kristu ni: 1.Ubwami bwitanga nurukundo. Eka noneho ni ivyo tuzi kandi ni ivyo twemeza no muri ca gisabisho tuvuga turiko turagaragaza ukwemera kwacu. emera Umukama Yezu Kristu, Umwana wImana, yigize umuntu, abambwa ku musalaba ku bwacu, kuri Ponsiyo Pilato arababara arapfa arahambwa, araheza azuka umunsi ugira gatatu, hanyuma yurira mwijuru, yicara iburyo bwa Mana Se Mu yandi majambo, nivyo Paulo mweranda yagarutseko mu gisomwa ca kabiri, aho agira ati: Nimukegurukire Ima-

na Data, Yo yaduhaye amagara yugusangira mu muco iragi ryAberanda, Ni Yo yadukuye mu bubasha bwumuzimagiza, idushira mu Bwami bwUmwana wayo ikunda cane. Kubera urukundo Imana idufitiye, yaraduhebeye Umwana wayo, nawe aritanga wese, haba mu kwigisha abantu nkuwuri nubukuru, no mu gukora ibitangaro, agakiza abantu mu kubakuramwo amashetani nububasha butangaje, gushika yemere gupfa ku musalaba ku bwacu, apfa urupfu rwagashinyaguro rwari ruhariwe abayobe, aba igicibwa ku musalaba ku bwacu ataco yacumuye kandi ari twebwe twari dukwiye kubona ayo mabi yose. Yaranguye rero ivyo yama yigisha, ati: Jewe ndi wa mwungere mwiza. Umwungere mwiza yigura intama ziwe (Yo.10,11). 2.Ubwami bwubumwe namahoro. Ubwami bwiwe ni ubwami yahariye, ararondera kuko yashatse gusubira kwegeranya ubusho bwImana bwari bwarasanzaye kubera igicumuro. Paulo mweranda ati: Muri We twaronsemwo urukiza nikigongwe cibicumuro.kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose uvyagira muri Kristu, igashima ko kubwiwe vyose bisubira kwuzura nayo, igihe yazana amahoro kubwamaraso yasheshe ku musalaba. Ahandi ati: nkako nyene Imana niyo yiyuzurije nabantu bisi muri Kristu, ikareka kubabonako ibicumuro vyabo, ikongera igashira muri twebwe ijambo ryubwo bwuzure.(2Abakorenti 5,19). Imana yashatse kwiyuzuriza vyose ku bwiwe no muri we, aho yasasagaza amaraso yUmwana wayo wikinege, aho Kristu yitanga ku musalaba, agasesa amaraso ngo twuhagirwe ibicumuro vyacu, tubone kugira itoto mu nyonga zImana. Kubwamaraso yiwe, abantu bose baregeranye kiba igihugu kimwe cabuzuye nImana, aho ata muyahudi canke umugreki, umushumba canke uwidegemvya, uwirabura canke uwera, umunyafrika canke umunyaburaya. 3. Ubwami bwukuri nubutungane. Ukwihenda kwAbayahudi benshi kumwe nabigishwa nuko babona kandi bashaka ko Yezu yoba nkumwami aje koko gutsinda abaromani bari babaganje muri ico gihe. Bari bibagiye ko Yezu atari yazanywe nukwerekana igikenye, bibagira inyigisho yatanze ngo: Nimwemere inganji yanje, mukunde ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutimaNi ivyukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzo-

bashinga ntibizobavuna.(Mt.11,29-30). Ico yamye ashaka nuko inyigisho yiwe kuko ari iyukuri, ko ari we yivuga ashaka kwihishuka abantu; bakabona nibikorwa yakora kuko ari ibikorwa bigaragaza urukundo afitiye abantu, agashaka kubakura mu ngoyi za shetani; yashaka ko abo bantu rero bomwemera. Ubwo bwami bwa Kristu budusaba iki? Kugira dutegere ico ubwami bwa Kristu budusaba kandi ari ico tubwirizwa gukora iminsi yose nuko tubwirizwa kwama tugendera kandi twiyibutsa ivyo twemeye aho twabatizwa: kuvavanura, kwanka no kwankiriza shetani nibikorwa bibi vyose bidahimbara Imana. Duhamagariwe kwakira Yezu Kristu mwIjambo ryiwe no mu masakramentu, tukamwimika mu buzima bwacu nkUmwami nUmukiza wacu, akigarurira ubuzima bwacu bwose nkubwiwe koko, akaba ariwe atuyobora; kumukunda kuruta vyose kandi akaba ariwe dukorera numutima wacu wose. Niwe avuga ati:Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, azoronka riho umuco wubuzima.(Yo.8,12). Ahandi akavuga ati: Muzoba abagenzi banje mukoze ico mbategetse.(Yo.15,14). Aho twakomezwa muri Mutima Mweranda twiyemeje iki? Twiyemeje kwama dusaba ingoga ngo dukoresheje ingingo yukwemera mu mvugo no mu ngiro, dushobore kumushingira intahe. Bisigura ko ukwemera kwacu atari amajambo yo kuvuga gusa, dutegerezwa kandi kurangwa nibikorwa vyiza vyurukundo nikigongwe. arashonje murangaburira, naranyotewe murampa utwo nywa; nari akavantara murantora; nagenda gusa muranyambika; nari ngwaye murandaba; ndi mwibohero, murandamutsa. (Mt.25,35-36). Nitwigenza durtyo, nta nkeka nka wa muntu yarabambwe iruhande yumusalaba agasaba Kristu avuga ati: Uranyibuka aho uzogira mu bwami bwawe. Umukama Yezu azotwakira atuvyagize mu bwami bwiwe, adushire mu batoni Data yemereye ubuninahazwa isi itararemwa, aho yabwira abatumwa biwe ati:Mwebwe nimwe mwagumanye nanje mu makuba. anje ndabashikirije Ubwami nkuko Data yabunshikirije: ngo muze murire, munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muvyagire ku ntebe, mucire imanza imiryango cumi nibiri yIsraeli.(Lk. 22,30) Ndabifurije mwese umunsi mukuru mwiza, Kristu Mwami abaronse ico umutima wanyu wipfuza kandi kibereye mu nyonga zImana. Amen. Patiri ol TIRA DEKURA.

Uyu musi twigina Yezu Kristu nkUmwami wacu. Twifatanije nimihari yUbutumwa muri Ekleziya Katolika yo kwisi yose, aho ihimbaza inganji ya Kristu mu buryo budasanzwe. Ni tunezerwe, duhimbarwe, dutambe dutarike, kuko umwami wacu Yezu nUmwami wurukundo, wikigongwe, wamahoro, wintsinzi. Ivyabuwe nabahanuzi vyose birangukira muri we. Inyishu zibibazo vyose ziri iwe. Ni nyene ububasha bwose, ubumenyi bwose imyaka yose. Ni we Jambo ribeshaho, aravuga vyose bikaranguka uko abivuze. Ni we Mana yigize umuntu aza kubana natwe. Yaraciye bugufi; ku rukundo rwiwe yarabaye umwe kumwe natwe. Yarabaye akana gatoya, yarabayeho mu kanyamuneza no mu mubabaro. Yarasubije umuntu mu bunywanyi hamwe nImana. Arashobora kuba muri twebwe kubera urukundo rwiwe. Yezu ni we mahoro yacu. Ni tumwakire mu buzima bwacu, we Mwami wamahoro. Ijambo atuyagira mu nkuru nziza rituzanira urukiza, kuko nijambo ryukuri nubuzima. Turindiranye igishika umusi wihindukira ryiwe, umusi wumusozo wintsinzi yubwami bwiwe. Nta kirimba kitagira umwamikazi. Umwamikazi wisi nijuru nawe ni Bikira Mariya. Ni tumwishikaneko, nawe adushikane ku Mwami wisi nijuru, ariwe Yezu.

Yezu Kristu nUmwami nUmukiza wacu.

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
24 /11 D Kristu Mwami 25/11
Flora na Mariya L Katarina Labour 2 Sam 5,1-3 Zab 121,1-7 Col 1,12-20 Lk. 23,35-43 Dan1,1-20 Zab.Dan3,52-56 Lka. 21,1-4 Dan 2,31-45 Zab.Dan3,57-61 Yohani Berkimansi Lka. 21,5-11 Severino, Maksimo Dan 5,1-28 Zab.Dan3,62-67 Lka. 21,12-19 Dan 6,12-28 Zab.Dan3,68-74 Sostne Lka. 21,20-28 Dan 7,2-14 Zab.Dan 3,75-81 Saturnino Lka. 21,29-33 Andreya, umutumwa Rom. 10,9-18 Zab.18,2-5 Mt. 4,18-22
Yezu, uranyibuka ni waza mu bwami bwawe. Yezu aramwishura ati : dakubariye ivyukuri: uyu musi urabana nanje mwiparadizo

26/11 M 27/11 M 28/11 J 29/11 V 30/11 S

Urya mupfakazi wumurushwa yabarushije bose; kuko abandi bose bashizemwo umusesekara, yamara we yakoze mu bworo bwiwe Muraba maso, nti hagire uzobahuvya. Hazoza benshi biyitirira izina ryanje, babagira ngo i jewe, igihe cashitse. ti mubaje inyuma.
Jewe nyene nzobihera imvugo ningingo, abansi banyu batazoronka aho babaca...Murinze rugabo niho muzokiza imitima yanyu. Ivyo bintu bitanguye gushika, murame muraramuye umutwe, kuko ubukiriro bwanyu buzoba bwegereje.

i mwame mugavye lero, musabe imisi yose... kugirango mushobore nuguseruka imbere yumwana wumuntu i munkurikire, nzobagira abarovyi babantu abo baca baheba insenga zabo, baramukurikira.

DUHIMBAZE UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI. Uyu musi muri Ekleziya Katolika yisi yose, duhimbaza umusi mukuru wa Kristu Mwami. one uyu musi mukuru waje gute? Kuva mu ntango za Ekleziya, hari abatware bamwe bamwe bibihugu bagiye bashaka kwishira mu kibanza cUmwami Mukuru wacu Yezu Kristu, bakigira imana zo kwisi, bakabwiriza abantu ngo babasenge; bakibagira ko ubukuru bafise babuhawe nImana. Abemera Imana muri ico gihe barabura ico bafata nico bareka, ukwemera kwabo kugahungabana.Niho rero nyenubweranda Papa Piyo wicumi na rimwe (Pie XI) yashinga umusi mukuru wa Kristu Mwami mu mwaka w1925, ashaka kwemeza ko Ubwami bwa Yezu Kristu ari bwo buganje mu bantu, mu mibano yabo; ko Yezu Kristu atari umuvukanyi wacu gusa canke umugenzi tujana kunzira; yashatse kwibutsa ko ari we Mwami wabami Umukama wAbakama yamaho imyaka yose. Yashatse ko abakristu bagira ishingiro rikomeye mu kwemera kwEkleziya, bakamirira kure inyigisho zibahubisha kuko zirwanya ubwami bwa Yezu Kristu zigatera kubiri nukwemera kwEkleziya. one kubera iki tuwuhimbaza? Turawuhimbaza dushaka kwimika Yezu Kristu nkUmwami agaba akaganza mu buzima bwabantu uko buri kose, ni Umwami akura abami bisi iyo iva ikagera, twipfuza ko yotubera Umwungere wubuzima bwacu, tukabushira mu biganza vyiwe akabugenza uko ashaka; ni akaryo keza ko kumutura abaturongoye mu nzego zose zubuzima bwigihugu cacu ngo abahe umutima wubutwari kandi wubaka, kuko turazi ko gutwara atari igikorwa coroshe; kandi turasabira nisi yose.Yezu ati: Ubwami bwanje si ubwaha hasi (Yoh.18,36). Yezu ntiyanka ubwami bwaha kwisi ariko ashaka ko bwoba ubwami bwiza, bakabutunganya bisunga Ubwami bushasha twasezeraniwe nImana, buzira imitongano, amarira, ishari, ubugunge, akarenganyo; aho abantu bazokwibera mu mahoro yuzuye. Yezu Mwami wacu duhe umutima wo kukwimika mu mitima yacu uyigabe uyiganze. ovice kunzimana Anastase Ku musi mukuru wa Kristu Mwami, tuba dusozereye umwaka wamasabamana. Uyu musi rero, turasozereye umwaka wamasabamana C. Ku musi wImana uza, ukaba ari uwImana wa mbere wUbushikiro, tuzotangura umwaka mushasha wamasabamana A. Mu gusozera uyu umwaka wamasabamana, nakaryo keza ko kwirimbura, umwe wese akibaza ati: Mbe muri uwu mwaka uheze, noba nateye intambwe iyihe mu bukristu, mu kwemera kwanje? Mu muryango wa Ekleziya, muri paruwase yanje, mu mubano rukristu mbamwo, hari ico noba nararushirije mu buryo bwanje bwo kunywana nImana? Canke noba nagumye ndi umukristu wo mu gitabo canke wo kwinjira mwisengero vyonyene? ashingiye intahe gute Yezu Kristu? Ubutumwa nari njejwe naburanguye gute? Uruhara rwanje rwabaye uruhe mwiterambere rya Ekleziya no mu kumenyesha abandi inkuru nziza? Imvugo, inyifato nibikorwa vyanje vyaraboneshereje abandi canke vyaramutirimukije? Inyishu umwe wese aza kwiha kuri ivyo bibazo, nimufashe kubona aho akwiye kwikebuka, maze abashe kubona ingendo ibereye yofata mu mwaka mushasha wamasabamana tuzotangura ku musi wImana uza, ariho tuzotangurira ca gihe ceranda cUbushikiro kidufasha kwitegurira umusi mukuru wa Noeli. DUCISHEMWO DUTWE GE: Habaye umugabo mwinjiza, baramuha icicaro citeka, baramuha icupa yagiye ku rubanza, abajejwe kwinjiza abatumirya primusi. Aca atangura kuvugira amazina re baranka kumwinjiza kuko atari yambaye neizo mpuzu yambaye, azihayagiza ngo nizo za. Amaze kwisigura bikaba ivyubusa, yaciye zamushikanye ngaho; mbere aca asuka ikiyeri aja ku mugenzi wumutunzi amutira impuzu, mu mufuko wikoti yambaye ngo nayo ayishiarashaza araberwa; niko guca asubira hahandi mire. Abari bamwegereye bati: Emwe, ugusara kuri rwa rubanza. Bamubonye batanguranwa kukuri kwinshi.

Turasozereye umwaka wamasabamana C .

Vous aimerez peut-être aussi