Vous êtes sur la page 1sur 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl

"Nukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

26/2/2012 Idominika ya mbere yikarema - Umwaka B Dusukure ahacafuye

Igiciro 100 fr

N9/12

Ndazi umwana wumukene yama yambaye impuzu zicafuye. Asa nuwari yarabimenyereye; kuri we kwambara impuzu zitamesuye nibisanzwe. Abavyeyi biwe barakenye cane. Bavuga bati nta kundi, nukwihangana. Umwana nawe ati ko abavyeyi banje badashobora kumpa uburyo bwukumesura impuzu, nta kabi niyagiriza mu kwambara zino muzu. Ikarema ni igiImwe mu micafu yumutima he ciza cugukura ubucafu mu buzima tworwanya: bwacu ngo dushikire Pasika imitima Ugukomantaza umutima, mu yacu isukuye, ngo duhimbaze nakakwanka kurekurira uwatugiriye nyamuneza izuka rya Yezu Kristu. Tunabi ritwararika kumesura impuzu zacu, kandi tukabigirana umwete mwinshi kuko dushaka kugira isuku ku mu Ugutunga ivyo twanyanganije biri wacu. Ese uwo mwete tugira mu vyo gusukura umubiri twowugiabandi ; agahotoro nigikenye ra no mu biraba gusukura imitima yacu. Nti twigera twihebura na ri Ukwubaka urugo bidaciye mu mwe ngo duhe indaro ibiducafuriza imitima; nti tubigire akamenyero masezerano muri Ekleziya ngo twikingire ikibaba mu kuvuga ngoniko tumeze nta kundi Nti duhengeshanye kwifuza no guharanira ubweranda. Ukuramba ni urugamba. Ababana mu rugo ntibabura ikibateranya, mugabo bashira imbere umutima wukwizerana nukubana mu bumwe. Hari igihe dukora ibidahura nishaka ryImana. ariko Imana nUmukiza koko; turazi ko yama itugirira ikigongwe tukimusavye, ikaduha ninema ngo dutsinde inyosha mbi. Paulo Mweranda yarigeze kwandika ati: Niko ndazi ikinshikira iyo nashaka gukora iciza: nuko ibibi kimbera hafi. Nkako na none, numva ibwirizwa ryImana rimpimbara ku mutima, ariko nkabona mu ngingo zanje ibwirizwa rindi rirwanya ibibwirizwa ryumutima kandi rikambohera muri rya bwirizwa ryigicumuro riba mu ngingo zanje. Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza wa mubiri untera mu rupfu? Imana nininahazwe kubera Yezu Kristu Umukama wacu (Rom. 7,21-24). Ese muriyi karema twokwegera Imana ngo idukize, gushika aho nka Paolo Mweranda tuvuga tuti : ubu ubuzima bwanje ni Yezu.

Ico mbaza Pati: ukutisonzesha mu bihe Ekleziya ibidusaba vyoba arigicumuro?Jewe sindavyumva. Mugenzi, mu gitangaza cirema, turazirikana ingene Imana yadu-haye
isi nibirimwo vyose ngo turonke ivyodutunga twese, tukagira urunani rwabavukanyi. Ariko kubera igicumuro nimpengamiro mbi zacu vyacu nta bumwe bwabavukanyi tubona mu mibano yabantu. Na mwe ni vyo mwibonera mwitegereje ingene hari abatunze umurengera, abandi bagasesagura, mu gihe abandi bariko bicwa nubukene. Mwikarema niho tuzirikana ko vyose ari ivyImana, ko vyose bigaruka kuri yo. Ivyo dufise nivyo Imana yaduhaye ngo twubake isi yubumwe namahoro. Ikarema nukugaruka ku Mana no ku rukundo rwayo. Ukwisonzesha si ukwibabaza gusa, ni uburyo bwukwemera ko vyose vyagenewe bose, ko dutegerezwa gusangira ivyo Imana yaduhaye tugafasha abakene. Igicumuro ni ukwikura kwitegeko ryurukundo. Haraho umuntu afasha abakene ukwiwe. Mugabo haraho Ekleziya nkUmuryango wabemera Yezu, ishaka ko abakristu bogira urunani rwukwereka urukundo abakene mu kwisonzesha nugufasha ba ntahonikora. Ekleziya ni nkubwato busa nubwa Nohe, aho abakristu bunze ubumwe. Kuva na kera, mwIkarema Ekleziya yamye ishima gutumira abakristu ngo bisonzeshe, barwanye igicumuro giteranya abantu. Uwanse kwisonzesha ata gituma aba atemeye bwa bumwe Ekleziya ishaka kugaragaza mu kwisonzesha. Nico gicumuro, kuko tutaba twemeye ubumwe nurukundo Imana ishaka ko bworanga abantu bose.

Twumvirize iryo Imana ituyagira


IDOMINIKA YA MBERE YO MU KAREMA-B IGISOMWA CA MBERE: Amam. 9, 8-15 Isezerano Imana yasezeranye na Nohe igihe yamukiza amazi y'isegenya Ivyo dusoma mu gitabu c'Amamuko: Isegenya ihavuye, Imana irahava ibwira Nohe n'abahungu biwe iti: Mwebwe rero, mwe n'abuzukuruza banyu, turuzuye; iti kandi: Nuzuye n'ivyo biremwa vyose bigendagenda muri kumwe: inyoni, ibitungwa, inyamaswa, eka ico cose casohotse kiva mu bwato, ibikoko vyose vyo kw'isi. Wewe rero turacuditse, singisubira guhonya abantu n'amazi y'isegenya, sinzosubira gutikiza isi. Imana yongera irungikanya iti: Mbere ng'iki ikimenyetso c'uko nuzuye n'abantu n'ibikoko vyose muri kumwe ubutacisubirako nshize mu kirere umunywamazi wanje ngo umenyeshe ubucuti bwanje n'isi. Aho nzozana ibicu hejuru y'isi, uwo muheto w'umunywamazi uzobonekera kuri vyo, nanje nzokwibuka iryo sezerano ryanje nshize hagati yanje namwe, bo n'ibiri n'ubuzima vyose bifise umubiri; kandi amazi ntazokwongera kuba umurengera wo guhonya ibifise umubiri vyose. IGISOMWA GA KABIRI: Petero: 3, 18-22 Amazi y'ibatisimu yadukijije ibicumuro vyacu. Ivyo dusoma mw'ibaruwa rya mbere ry'Umutumwa Petero: Bakunzi banje Kristu we nyene yarapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, intungane igapfira abononyi, kugira ngo adushikane ku Mana; yarishwe Umusi washitse kandi Ubwami bwImana buri hafi : igarure kandi mwemere Inkuru nziza . Muvukanyi dusangiye ukwemera, ehe twaraye twinjiye mu gihe cIkarema, igihe kidutegurira kuzohimbaza umusi mukuru wa Pasika. Ico gihe twacinjiyemwo mu kubanza gusigwa iminyota, ikimenyetso cukwicisha bugufi imbere yImana, yo dushaka kugarukako numutima wacu wose mu kwizigira no mu kugerageza kugumya ibanga. Twinjiye mwIkarema twishingiye ihangiro ryivyodufasha kugira neza iyo Karema ngo itugirire akunguko, nkukugira umwete usumbirije mu gusenga, nkukwibabaza, nkukugira ibikorwa vyinshi vyikigongwe nugufasha abari mu bukene. Muri ivyo vyose turondera kwigana Imana ngo tube beranda. Ubwo bweranda na bwo umuntu abushikira mu kurwanya nugutsinda ishetani, mu gutegura imitego yose iri ku nzira yubweranda ishetani itega mu buryo bwinshi, ari ugutegera umuntu ku nda, ari ukumutegera ku bwishime hamwe nugutegera umuntu ku kwishimira ibigirwa-

ku vy'umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy'umutima. Uwo mutima niwo yajanye guhumuriza imitima yari mw'ibohero, ya mitima yari yanse kwemera kera aho ubwiyumanganyi bw'Imana bwarorera mu minsi ya Nohe, bwa bwato bukibazwa; muri ubwo bwato, abantu bakeyi bachika umunani barashoboye gukizwa n'amazi. Ayo mazi aramenyesha rya Batisimu ribakiza namwe ubu ntiribakiza mu gukura ico ry'umubiri, ariko rirabakiza mu kuba isezerano ry'umutima mwiza n'Imana kubera izuka rya Yezu Kristu, We yuriye mw'ijuru akavyagira iburyo bw'Imana, amaze kugandura abamalayika, imbasha n'intwaza zijuru. INKURU NZIZA: Mk: 1, 12-15 Arageragezwa na shetani, na bo Abamalayika baramumara inzara Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse: Yezu amaze kubatizwa, Mutima aca amutwara mu gahinga. Mu gahinga rero, ahamara iminsi mirongo ine ageragezwa na shetani. Yabana n'ibikoko, na bo Abamalayika baramumara inzara. Yohani Batista amaze gufatwa, Yezu aza i Bugalile yigisha Inkuru nziza y'Imana, ati: Umunsi washitse kandi Ubwami bw'Imana buri hafi; igarure kandi mwemere Inkuru nziza. mana, nibindi Umukiza wacu Yezu yarigize umuntu, asa natwe muri vyose kiretse igicumuro. Uyu musi aratwereka uburyo bwugutsinda ishetani ngo ntihagire ikindi ciganza mu muntu atari ugushaka kwImana. Umwanditsi wInkuru nziza Mariko atubwira ko Yezu amaze kubatizwa, Mutima yamujanye mu gahinga, amara yo imisi mirongo ine aza aragezwa nishetani, ariko akayitsinda. Ubwo rero iyo shetani yari yamenye ko Yezu ahejeje kubatizwa, hari havuye ijwi mwijuru rivuga riti: Uwu ni umwana wanje nkunda . Ivyo bikavuga ko Yezu ari umwana wImana vyukuri. Ni co gituma mu kumugeza ishetani imubwira iti Niwaba uri umwana wImana , gira gutya na gutya. Iyi kare-ma itwibutsa iyo misi mirongo ine Yezu yamaze mu gahinga, kandi ikarema na yo imara imisi mirongo ine. Muri iyo misi mirongo ine, umukirisu ahamagariwe kurondera na we akanya ko kuja mu gahinga. Kuva kera agahinga kamye ari ikibanza cirebanga, ata ngo ziriyo, ata bantu, ata kintu kihakorerwa, ata nuburagiriro. Ni ho abatamariramana, nka Antoni mweranda, baja kwibera, ngo ntihagire umuntu canke ikintu baba kumwe, ahantu ata rwamo, ata gisamaza kiriho, ata muziki, ata ntambo zijoro, ata ruyogoyogo ruhaba-

rizwa, atari ukwibanira nImana, ngo umuntu azirikane ivyubuzima bwiwe, ivyimigenderanire ya we nImana, ivyukwemera kwiwe, ivyamaherezo yubuzima bwiwe, nibindi Muri ako gahinga, Yezu yarageragejwe nishetani. Imugeragereza ku bintu bisanzwe bijanye na kamere nubuzima bwumuntu uwo ari we wese. Naho Mariko atirigwa arabivuga, yamugeragereje ubwa mbere ku kwemera Imana canke ku kutayemera. Yezu yari ahejeje kubwirwa nukumenyeshwa abantu ko ari umwana mukundwa wImana. Ishetani ikamubwira ngo Niwaba uri umwana wImana . Iyo Yezu aca akunda, yaba akoze igicumuro cubwishime. Yezu yageragerejwe kandi ku vyerekeye ukutizigira Imana, ageragerezwa kandi ku gicumuro abantu bakunda kugwamwo cugushaka gukoresha Imana uko bashaka aho kwakira ishaka ryayo, cugushaka gutegeka Imana ngo nibagirire iki canke kiriya, ngo ahandiho ntibazoba bacemera ko ari Imana. Uyu musi rero, Yezu amaze gutsinda iyo shetani ayitsindishije Ivyanditse vyeranda, atubwira ngo ni duhinduke, kandi twemere Inkuru Nziza. Uguhinduka ni uguhindura ingendo mbi tuba twari dufise, ariko ikigoye ni uko kenshi tutinegura ngo tugaye, canke tunegure ingendo mbi yacu. Rabe namwe nkubusuma buri kwisi, ubwicanyi buri kwisi gushika naho umuntu yagirizwa umuntu yishe yubahuka akavuga ngo ni irementanya bariko baramugirira kandi afise amaraso yumuntu ku minwe. Rabe uku kutibanga umuntu, ntahabwe iteka yari akwiye, rabe uku kutubahiriza umuntu mwiteka ryiwe gushika naho umuntu ahabwa akazi yemeye kuza aricunguza umubiri wiwe ngo agume muri ako kazi ; rabe ingene umuntu arondera akazi bamusaba ibitagenda ataho ari bubikure kuko atarakora, ataco afise ; rabe ubu buhumbu bwakwiye mu bantu, mu bato nabakuze, rabe uru rwanko naka-

denderezo, tutavuze ubutungane bamwe bamwe bumva ukwabo uko bashaka,canke uko bavyipfuza ; rabe uku kutigera umuntu abona ineza igirwa ngo ayishime, akama abona inabi gusa. Uturorero twoba twinshi, hinge tugarukire hano. Yezu atubwiye ngo ni twemere Inkuru nziza. Muri iki gihe, abarongoye Ekleziya baratumirira abakirisu gusenga nukuzirikana Ijambo ryImana kurusha uko bahora, mu kuja mu mapfungo. Ariko abaja muri izo nyigisho ni bangahe? Igisabisho, amasakaramentu na canecane isakaramentu ryIkigongwe, ni vyo bizodufasha kugira ikarema nziza. Muri iyi karema duhamagariwe gutsinda imitego yose ya shetani. Gutsinda imitego nakosho ka wa mwansi wacu shetani, ni indwano ya misi yose. Kurya shetani yagerageje Yezu ni ko itugerageza na twebwe uyu musi kuko ivyo yamugeragerezako ari ibijanye na kamere yacu yabantu: iradufatira ku nda nayandi mabi yose ajanye ninda; iradufatira ku nambu yugutwara bamwe barondera mu gusesa amaraso, mu kudurumbanya igihugu, mu binyoma vyuguhenda abantu, mu guteranya no mu kugira amacakubiri. Iradufatira ku buhakanyi bujanye nubwishime bwukutemera Imana. None rero iyi karema itubere akaryo ko kurwanya ico cose kiza kitubuza kurangura ibikorwa Imana ishaka vyubutungane, urukundo, ukwubaha Imana nukuyiha ikibanza ca mbere mu buzima bwacu. Ibitugora bikadutirimutsa, bishaka kudukura mu bunywanyi bwa twe nImana tubitsindishe ijambo ryInkuru nziza nutwigoro twuguheba imigenzo yacu yaho hahise itashimisha Imana, ngo dukore ibihimbara Imana. Umukama we yatsinze ishetani yamugeragereza aho yari mu bugaragwa naduhe kurwana indwano nziza turwanya inabi nigicumuro, tugireko dutsinde; niho tuzoheza tugahimbaza mu kanyamuneza Ipasika yubukiriro bwacu. Patiri Ildephonse MISIGARO.

Twogira inyifato imeze ite mu Karema? Inyifato yo mu gihe ci Karema niyo guca bugufi nukwifata ruto mu
kwiyinjiramwo tukabona ingeso mbi zacu tukazereka Imana, tukayiha icegeranyo cingene ubuzima bwacu bwifashe kugira ngo idusubize itoto tuyigarukeko. Muri iyo ngendo yukugaruka ku Mana, twifashishe utu tubazo dukurikira: Ubwo mu vyumutima twoba twama dufatanye nisoko (Imana)? Mu vyimibano, tubana gute na benewacu muri Kristu turikumwe? Icegeranyo uza gukura muri utwo tubazo ugishikirize Umukama. Inyifato yi Karema ni ukwishira imbere yUmukama mu nyonga ziwe ugasigara ubwambure, Umukama abe ari we akwiyambikira agahuzu. Uburyo buratandukanye ariko intumbero ni imwe: Kuba hafi yImana nabantu. Uburyo bumwe bumwe bubayabaye burashobora kudufasha: Gushikiriza Imana ikiri ku mutima; Gufata uwundi mwanya wigisabisho wiyongera kuwo wari usanganywe kandi ukawubahiriza; Gushimira Imana ku vyo yaremye, ku buzima iduha nibindi; Kubaza Imana ico wokora cakarusho muri iyi Karema. Ntitubone Karema mu Kwisonzesha gusa. Hariho ubudasa bunini hagati yukugira akarusho (gukora gusumba) nukutagira ikintu na kimwe ukora (ikizira), uturorero: Gufata umwanya wo gusuhuza abarwaye bari mu bitaro nahandi; Gusangira numuntu batitaho canke ku muterefona; Gufasha abavyeyi, mushiki wacu canke mwene wacu...Inyifato yi Karema ni ukwitegurira mu kanyamuneza Pasika nziza, mu kwitanga ukuruta, ni akanya ko kwakira ibitari bike, ingabirano zImana. Muca mwumva rero ko ku mukristu, karema ari iya misi yose. Karema nziza. Frera Sprio NIBIGIRA

Usabire bagenzawe bitiranwa nabo beranda


Umusi Kuwa 1 Kuwa 2 Kuwa 3 Kuwa 4 Kuwa5 Kuwa 6 27/2 28/2 29/2 1/3 2/3 3/3 Aberanda dusaba Honorine Romano Gregori Antonino Karoli Asteriyo
KuwImana 26/2 Nestori

Injili yuno musi Umusi washitse kand ubwami bwImana buri hafi Mt 25,31-46 Ico cose mwagiriye umwe murabo bato batonije mwakigiriye Mt 6,7-15 Ni wagirira ikigongwe abandi so wawe azokigurira Lka 11,29-32 Kandi hano hari uwuruta Yonasi Mt 7.7-12 Ni musabe muzohabwa, ni murondere muzoronka Mt 5,20-26 Subiza hamwe ningoga nuwo mushira kubiri Mt 5,43-48 Kunda abansi banyu, musabire ababahama
Mko 1, 12-15

IVYO UMUNTU ATEGEREZWA KWITWARARIKA MU GIHE CI KAREMA Hari ibintu bitatu umuntu yitwararika gusumba ibindi mu gihe ci Karema; navyo ni ibi: Igisabisho, Ukwisonzesha bijana nukwibabaza hamwe rero nUgusabkanya ivyo dufise nico turi. 1. Igisabisho: Igisabisho novuga nti nibwo buhinga bwo gutumatumanako nImana mu buryo butandukanye nko gusenga uvuga ugatobora amajambo, gusengera mu mutima, kwihweza utangarira ubwiza bwImana mu vyo yaremye hamwe rero nagacerere kuzuye nubundi buryo tutarinze kudondagura. Igisabisho rero gituma twubura kandi tumenya ukuruta ko Yezu ari muzima mu buzima bwacu, tukaguma mubunywanyi nImana. Igisabisho kirirukana shetani, kigatuma ugura umutima utekanye, utotahaye kandi unonokeye Umukama. Igisabisho hamwe nAmasakramentu bigize urupfunguruzo rwubuzima rukristu. 2. Ukwisonzesha bijanye nukwibabaza: Muri ki gihe, hari abavuga ko bari basanzwe bashonje ngo none bokwisonzesha iki? Ivyo kwisonzesha ni vyinshi: kuri aba bashonje ibifungurwa, ukwisonzesha kwabo kuraheza kugashimikira ku kwigumya, ku kurondera ico bafungura biciye mu butungane batarinze kwiba, mu kwirinda gutukana no kwambika ibara abandi bivuye ku nzara nibindi. Ku basanzwe baronka ivyo bafungura nabo, ivyo bisonzesheje bategerezwa kubiha abatagira na kimwe bihereza. Hari rero nukwisonzesha ku bijanye nivyo kwinezereza haba mu kuraba imboneshakure (tlvision), isinema, intambo, mu kugabanya umunoho wukwigungirako, ubukunzi bwinda, ibiturire, ugutoteza abandi. Murumva rero ko dushobora kwisonzesha mu kuraba, mu kwumviriza, mu vyo dukora cane cane bitaroranye. Si ibigezweho rero, ariko turatumiriwe kwiyambura ibitagira mvura mbere nibidufitiye akamaro kugira ngo twerekane neza ko ikintu kimwe kidufitiye akamaro gishobora kwuzuza umutima wacu ari Yezu-Kristu wenyene. Banza urondere ubwami bwImana nubutungane bwayo, ibisigaye izobibahako umusesekara. Ukwo kwisonzesha kurimbika muri twebwe ukwipfuza Imana. Murumvise ko ukwisonzesha atari ukunyankabura mu nda, canke gufata ibituma wonda, ariko ari ukwitegurira kwakira uwo mu kwitanga, aduha vyose (Yezu-Kristu). Utwo twigoro turashobora kuba ku mfungurwa no ku bindi bifise ikibanza mu buzima bwacu nkimboneshakure, terefone, ukwiryohera, kuvuga menshi nibindi. 3. Gusabikanya ivyo dufise nico turi: Ivyo dufise vyose nico turi, ni ingabirano twahawe nImana kugira ngo bifashe abandi turikumwe. Ntivyoroshe kwikura ikintu; ariko turafise akarorero ku bakristu bambere, Umweranda Luka arabitwiganira ko bari bafise umutima umwe, mu gisabisho no mu gushira hamwe ivyo batunze vyose. Iki gihe ci Karema kidutumirira rero gushira hamwe, gusabikanya ico dufise nico turi ni ukuvuga: amatungo, umwanya wacu, ubumenyi dufise nibindi. Kugira twakirire hamwe akanyamuneza kikizuka, ingendo yumwe wese irahambaye. Ni ukuvuga rero ko igirirwa muri Ekleziya. Ubwo buryo butatu duhejeje kubabwira, buritwararika ubwo buryo bubiri aribwo bwumwe wese hamwe nubwumuryango wose. Uguhinduka kwumwumwe kurashobora kuyoborwa nugushigikirwa ningendo zuburyi butunganijwe nEkleziya. Gurtyo rero, Ekleziya idutumirira kwongereza utwigoro ku wa gatatu wiminyota no ku wa gatanu Mweranda, nukwerekana iya gatanu yose yo mu Karema. Gira akigoro muri vyose, uhebe itabi, ugabanye kunywa ureke kuborerwa, ubane neza nabandi. None ga muvukanyi, Karema yawe wahora iybamwo gute? Ico tukwunganiye nikihe? Uguhinduka kwiza. Frera Sprio NIBIGIRA baba! Uri uwundi ati: Oya ntibikunda turipfunze. Ati: Ducishemwo dutwenge: Hari umugabo umwe yeNone muzopfungura ryari? Ati: Kwi Pasika. Uri mera Imana kandi yaronse nibatisimu. Uyo mugabo uwundi ati: Ico gihe rero muzonywa kandi mufungure yafungura ibintu vyinshi kandi agakunda nibinyobwa vyinshi ko muzoba mumaze igihe kinini mutacane. Ubona ko ku bakristu igihe ci Karenywa kandi mutarya vyinshi? Nawe ati: Tuzoma kirangwa cane cane nukugira utwigogira umunsi mukuru gusa kandi na wewe uraro mu kwisonzesha, mu gusenga no gusatumiwe. Hanyuma agiye ku wa gatanu mu kabikanya nabatagira ico biha. Uyo mugabo bare ahwanirayo na wa mugenzi baranywa nawe yaciye yigira inama yo kugira utwo baraborerwa cane bakumbagara hasi. Uwubabonye aca twigoro, aca avuga ko agiye kuza aranywa inzoga ababwira ati: Ubwo nta soni kubona muborerwa mu rimwe mu ndwi, akagabanya nivyo yahora afungura Karema? Umwe muri bo aca yishura ati: Aha ubona kugira ivyo agabanije abihe abatagira na kimwe. Umutwivumbagaza, turiko turicisha bugufi kubera iyo nsi umwe haza umugabo bahora basangira inzoga mu karema idusaba kwibabaza! kabare, amubwira ati: Naronse irengwe ingo tuje kuri-

Vous aimerez peut-être aussi