Vous êtes sur la page 1sur 3

Inkona n’indodo

1. Habaye indodo zibiri zabana n’inkona mu


mimisozi miremire ya kibira. Iyo nkona yari
yazisezeranije ko umubano wavyo uzotegerezwa
kuba mwiza.

2. Ariko iyo nkona isaba izo nyoni ko ivyo


zizosuma inkona ariyo izohora itangura
gufungura , izo ndodo ziravyemera.
3. Ku munsi uri izina, za ndodo ziritora zibwira
inkona ko yazihenze. Inkona ivyumvise ica izisaba
bikore ihiganwa ryo kuguruka. Iryo higanwa
rikazotuma haboneka icotangura gufungura, ko
inyoni izoyirusha kuguruka ija mukirere iyizoshika
kure muri vyo ariyo izohora itangura gufungura.
4. Biremeranya iryo higanwa, ariko zisaba inkona
ko umunsi w’ihiganwa vyotumira izindi nyoni
zizoraba igitangura gushika kandi ko muri iryo
higanwa bizobanza guca mu biti hagati ry’iryo
shamba zabamwo.
5. Ya nkona kubera ko yiyemera izibwira ko mbere
izobanza izireke zitangure nayo isubire munyuma.
Izo nyoni mukwimenyereza zagiye mu giti kinini
ziracimba gushika zironke umwobo muri ico giti
zokwigwamwo.
6. Umunsi w’ihiganwa za nyoni zatumirwa
zarashitse inkona irivuga ibwira za ndodo iti banza
mugende ndazi ihiganwa ndaritsinda.
7. Za ndodo ziratagura ziraguruka zica aho
vyavuganye. Zishitse kuri ca giti zimba zinjira
muri wa mwobo.
8. Inkona ihengereye hahaze umwanya atari muto
nayo iraguruka ica hamwe vyari vyavuganye.
Iraguruka iraguruka inyaruka cane ngo izihamvye.
9. Isohotse ishamba nkuko vyari vyabivuganye
itangura kuguruka ija hejuru. Iragururuka
iraguruka irabura naho indodo zaciye.
10. Muzi yuko inkona ifise umwete mwinshi, yiha
ihangiro ko idahambije izo ndodo itagaruka.
Yahavuye iguruka irashika no hejuru cane mu bicu
ariko ntiyigeze izibona.
11. Za ndodo nazo ziguma muri wa mwobo
zirindiriye ko inkona igaruka. Zari zifise ihangiro
ryuko zikiyibona hejuru zica zitanganiza ziti
twagutanze gushika.
12. Kugeza nubu za ndodo zagumye zirangamiza
hejuru zirabura. Abarorerezi ari zo nyoni zari
zatumiwe ziracarindiriye zarabuze haba inkona
haba n’indodo ntakiratsinda ikindi.
Kuva ubwo indodo zibera mu mwobo w’igiti
inkona nazo zikunda mu kirere.

Vous aimerez peut-être aussi